Ingabo za Israel zahohoteye abamenyeshamakuru incuro 108 mu kw’indwi – Sendika y’abamenyeshamakuru muri Palestina

Ahavuye isanamu, Reuters
Sendika y’abamenyeshamakuru bo muri Palestina yatangaje ko yaharuye ibikorwa vy’ihohotera n’iburabuzwa 108 vyagizwe n’ingabo za Israel ku bamenyeshamakuru n’abakozi b’ibimenyeshamakuru muri uku kwezi kw’indwi guheze.
Nk’uko biri mu cegeranyo yasohoye, mu bikorwa vy’ihonyangwa ry’agateka k’abamenyeshamakuru vyabaye harimwo “gufatwa, gukubitwa, gupfungwa, kubuzwa gukurikirana no gukora amakuru y’ibiriko biraba, ibitero bigirwa n’abanya Israel bigaruriye ubutaka muri Palestina, gusaka inzu n’ibigo vy’ibimenyeshamakuru, hamwe no kunyaga canke gusambura ibikoresho.”
“Gufatwa no kubuzwa gukora amakuru” ni vyo biza imbere y’ibindi, aho vyabaye incuro 58. Bikurikirwa n’ibikorwa bijanye no “gushira abamenyeshamakuru mu kaga k’imyuka y’amabombe no kuyaturikiriza impande yabo”. Ibi vyabaye incuro 12. Ibitero bigirwa n’abanya Israel bigaruriye ubutaka muri Palestina vyabaye incuro 11. Ugukubitwa kw’abamenyeshamakuru kwabaye incuro 6.
Iyo sendika ivuga kandi ko abamenyeshamakuru bane bakomerekejwe n’ibimanyu vy’amabombe, igihe bariko baregeranya amakuru mu karere ka Gaza.
Iyi sendika isaba ko abamenyeshamakuru bakingirwa n’ababagirako ibitero bakabibazwa.
Izindi nkuru wosoma:





