IKIBIRIRAHO, Kuva hatanguye ukuzibira ibivuko vya Iran, twahinduje inzira ubwato 55 duhagarika bubiri - CENTCOM

CENTCOM imenyesha ko ubwato bumwe bujejwe gukingira ubundi hamwe n’ubundi bw’intambara burenga 20 ari bwo buri mu bikorwa vya gisirikare mu Buseruko bwo Hagati, harimwo gushira mu ngiro umugambi wo kwugariza ibivuko vya Irani.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu

  1. Iran ihagaze he mu masezerano na Pakisitani, Arabiya Sawudite, na Turukiya?

    Mojtaba

    Ahavuye isanamu, Tasnim News Agency

    Abasesenguzi bavuga ko aya masezerano atari ikibazo gikomeye kuri Irani muri iki gihe, aho abayobozi ba Irani bibanda ku masezerano no gukemura ibibazo ifitanye na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Amasezerano y’ibihugu bitatu yatangajwe nyuma y’amezi arenga atanu Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel bitangiye ibitero by’indege kuri Irani, byateje intambara yageze vuba muri leta zo mu kigobe cy’inyanja inahagarika urujya n’uruza rw’amato mu nzira ya Hormuz.

    Ariko, Pakisitani, Arabiya Sawudite na Turukiya byitondeye cyane kudahungabanya cyangwa ngo bivuguruze igihugu icyo aricyo cyose mu karere cyangwa ku isi mu gihe basoza aya masezerano, bavuga ko ari umusaruro w'imyaka myinshi y'akazi n'ibiganiro.

    Bashimangiye ko ayo masezerano, adasobanura by’umwihariko ikibazo cy’umutekano, adateganyirijwe igihugu runaka, cyane cyane Irani, kandi ko adakuraho cyangwa ngo asimbure andi masezerano yari yagiranye n’ibindi bihugu.

    Kugeza ubu abayobozi ba Tehran bashimangira ubufatanye mu karere no mu idini ry’Abayisilamu, ndetse n’icyo babona nk’ikimenyetso cy’igabanuka ry’imbaraga za Amerika muri ibi bihugu.

    Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga wa Irani, Abbas Araghchi, yavuze ku wa Gatanu ko "iyo Abayisilamu bishyize hamwe, dushobora guhangana n’imbogamizi iyo ari yo yose haromo no kudaterwa n’imbaraga mbi ziturutse hanze."

    Yanditse kuri blog ye ya X ati: "Igihe kirageze ngo twishingikirize kuri buri wese no kugira ubuvandimwe nyakuri," ntavuze mu buryo butaziguye amasezerano y’ibihugu bitatu yasinywe na Arabiya Sawudite, Pakisitani na Turukiya''.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Irani yashyizeho umuyobozi mushya w'Inama Nkuru y'Umutekano w'Igihugu

    Mohsen Rezaei

    Ahavuye isanamu, SOCIALS

    Insiguro y'isanamu, Mohsen Rezaei

    Irani yashyizeho umuyobozi mushya w’Inama Nkuru y’Umutekano w’Igihugu. Izi n'impinduka zikomeye mu buyobozi mu gihe igihugu kirimo guhangana n’amakimbirane hagati yacyo naa Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel

    Mohsen Rezaei, wahoze ari umuyobozi w’umutwe w’ingabo zirinda impinduramatwara za kisilamu, yashyizweho kuri uyu mwanya, uzagira uruhare runini mu kugena uburyo Irani izahangana n’ikibazo.

    Rezaei yari yavuze mbere ko Irani ikwiye gukomeza kugenzura Strait of Hormuz, avuga ko ibyo ari ingenzi kuruta gutunga intwaro za nikleyeri.

    Bitewe n'amateka ye maremare yo kuba mu myanya ikomeye muri guverinoma, ishyirwaho rye risa n'aho rigaragaza ko abanyapolitiki bakuze bo muri Irani bagikomeje kugira ingaruka zikomeye ku buyobozi bw'igihugu.

    Ariko, byavuzwe ko abanyapolitiki bakiri bato bashobora gutangira guhabwa imyanya ikomeye mu buyobozi bwa Irani.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Canada : Abanyagihugu baburirwa kwitegurira ibihe bibi cane, mu gihe umuriro w’icaduka ubandanya gukara

    Imbeya z’umuriro, n’umwotsi uriko uduga hejuru mw’ijoro, mw’ishamba ry’imisozi.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Muri Canada hatangajwe ibihe bidasanzwe inyuma y’uko abantu ibihumbi n’ibihumbi bakuwe mu zabo, kubera umuriro w’icaduka uriko urarandagata wihuta cane mu burengero bw’ico gihugu.

    Uwu muriro warongerekanye ku rugero runini cane kuva wadutse ku wa gatanu. Abategetsi bavuga ko wirwije na kabiri.

    Igipolisi kimenyesha ko umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’uwo muriro, umaze gushwara uburinganire bwa kirometero kwadarato 136, mu karere ka Summerland no mu tundi turere twa British Columbia.

    Kivuga ko uwo yapfuye ari umutamakazi w’imyaka 80, kikemeza ko yashengeye ku wa Mungu igihe yariko agerageza guhunga inzu yiwe ari kumwe n’umwe mu bagize umuryango wiwe.

    Cavuze ko “cemera ko urupfu rwiwe rwatewe n’umuriro w’icaduka.”

    Umuyobozi w’igisagara ca Summerland, Doug Holmes, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: “Dutegerezwa kwitegurira ibihe bibi kuruta ibindi.”

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Kuva hatanguye ukuzibira ibivuko vya Iran, twahinduje inzira ubwato 55 duhagarika bubiri - CENTCOM

    Abantu babiri bari imbere mu bwato bwa Amerika bwitwa USS Ross bujejwe gukingira ubundi.

    Ahavuye isanamu, centcom

    Insiguro y'isanamu, Iyi ni incuro igira kabiri ingabo za Amerika zugariza ibivuko vya Irani

    Bumwe mu buyobozi bw’igisirikare ca Amerika bwitwa CENTCOM bwavuze ko kuva hasubiriye gutangura ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gusugereza Iran mu gutangira ubwato buva canke bwerekeza mu bivuko vyayo, ingabo za Amerika zimaze guhinduza inzira ubwato bw’ubudandaji 55, ubundi bubiri nabwo burahagarikwa bubanje kuraswa.

    Mu butumwa CENTCOM yacishije ku rubuga rwa X, yamenyesheje ko ubwato bwa Amerika ‘USS Ross’ bujejwe gukingira ubundi hamwe n’ubundi bw’intambara burenga 20 ari bwo buriko bukorera mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati mu gushigikira ibikorwa vya gisirikare, harimwo gushira mu ngiro bikomeye umugambi wo kwugariza ibivuko vya Irani.

    CENTCOM kandi ivuga ko muri iki gikorwa co gushira mu ngiro umugambi wo gutangira ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Irani, ingabo za Amerika zimaze no kwinjira mu bwato bubiri ku nguvu kugira zisuzume ivyo butwaye.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.