Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Amerika na Iran basubiriye kurasana mu gihe ibiganiro vyo kurangiza intambara vyadindiye

Amerika yagavye ibindi bitero bishasha kuri Iran no ku bwato butwara igitoro, mu gihe Tehran ivuga ko yateye ibirindiro vya Amerika biri mu kigobe c’Abarabu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Canada yasavye icese ikiringo gishasha c'imyaka 16 y'amasezerano y'ubudandaji na Amerika

    Canada yasavye icese ko amasezerano y’ubudandaji bwidegemvya (free trade) ahuza Canada, Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Mexique, azwi kw’izina rya USMCA, yongerwa iyindi myaka 16, mu gihe ikiringo ntarengwa c’ukwezi kw’indwi co gusubira kuyaganirako cegereje.

    Mw’itangazo yasohoye ku wa kabiri, Umushikiranganji wa Canada ajejwe ubudandaji hagati ya Canada na Amerika, Dominic LeBlanc, yasiguye ko ayo masezerano yagiriye akamaro kanini ivyo bihugu bitatu.

    Ibi LeBlanc abishikirije mu gihe ari mu rugendo i Washington aho yagiye kuganira n’uwuserukira Amerika mu vy’ubudandaji, Jamieson Greer.

    Greer yaheruka kurangiza urukurikirane rw’ibiganiro vy’ubudandaji hagati ya Amerika na Mexique. Ariko ibiganiro hagati ya Canada na Amerika vyagiye vyikwega kurusha ivyo vya Mexique.

    Muri iryo kete, LeBlanc ashimangira ko ayo masezerano azwi nka USMCA - akitwa kandi CUSMA muri Canada - aha ibihugu vya Amerika ya ruguru akarusho mu guhiganwa n’ibindi bihugu kw’isi.

    Yongerako ko Canada yemera ko hari ibice bimwe bimwe vy’ayo masezerano bikwiye gusubirwamwo, kandi ko yipfuza kwihweza ivyiyumviro vyose vyofasha gutsimbataza iterambere rirama ry’ivyo bihugu bitatu.

    Mexique na yo nyene yatangaje ko ishigikiye ko ayo masezerano yongerezwa ikiringo.

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, ntaherutse kugira ico ashikirije ku biganiro vy’ubucuruzi hagati ya Amerika na Canada.

    Ariko ku wa mbere, yongeye kuvuga ko Canada yoshobora kuba "intara ya 51" ya Amerika, mu butumwa yashize ku rubuga rwa Truth Social, aho yasangije inkuru yavuga ko ubutunzi bwa Canada buriko bugenda bukebuke.

    Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, yaremeye ku wa kabiri ko ubutunzi bw’igihugu buriko burerekana "intege nke zimwe zimwe".

    Hamwe Canada, Amerika na Mexique bitoshika ku masezerano yo kwongera USMCA bitarenze igenekerezo rya 1 Mukakaro (7), ayo masezerano azoca asubirwamwo buri mwaka gushika mu mwaka wa 2036.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Amerika: Umushingamateka amaze igihe kinini atawuzi iyo ari yatsinze amatora

    Umushingamateka wo mu mugambwe w'aba Républicains, Tom Kean Jr., yari amaze amezi ataboneka i Washington canke mu karere aserukira ka New Jersey, yararonse ku wa kabiri itike y'umugambwe wiwe yo gusubira kwitoreza ico kibanza, inyuma y’uko mu misi iheze ashigikiwe na Perezida Donald Trump.

    Trump yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: "Tom Kean arafise ugushigikirwa kwanje kwose kandi kutagira agahaze kugira asubire gutorerwa ico kibanza."

    Yongeyeko ati: "Ntazokwigera abahemukira!"

    Kean ntiyari afise uwo bahiganwa mu matora y'imbere mu mugambwe w'aba Républicains. Ku bw’iyo mvo, ntiyari akeneye kwiyamamaza kugira arondere amajwi.

    Yamara, ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko amaze igihe atagaragara no mu nama nshingamateka, aho yasivye mu bikorwa vyo gutora birenga 100.

    Mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Munyonyo (11), Kean azohiganwa na Rebecca Bennett wo mu mugambwe w'aba Démocrates, yahoze atwara kajugujugu mu gisirikare co mu mazi ca Amerika, na we nyene akaba yatsinze amatora y'imbere mu mugambwe wiwe ku wa kabiri.

    Kean aheruka kuboneka kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante (3). Abakozi biwe batangaje muri Ndamukiza (4) ko yari afise ingorane z'amagara.

    Ariko kuba abandanya ataboneka vyatumye abantu benshi muri Amerika bibaza vyinshi, bikaba vyabaye inkuru ikurikiranwa cane mu gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Espagne yabujije umukino wa gicuti wa DR Congo na Chile kubera ubwoba bwa Ebola

    Umukino wa gicuti w’ikipe ya DR Congo na Chili wagombaga kubera muri Espagne mu cyumweru gitaha wahagaritswe nyuma y’uko abategetsi baho batangaje impungenge zabo ku kiza cya Ebola kuvugwa muri icyo gihugu cya Afurika.

    Juan Franco ukuriye umujyi wa La Linea de la Conception, yasinye itegeko ribuza uwo mukino gukomeza nk’uko byari biteganyijwe, wari kuba ku wa kabiri utaha tariki 09 Kamena.

    Icyo cyemezo ngo ni “ingamba yo kwirinda” kandi ngo cyashingiwe ku nama zatanzwe n’urwego rushinzwe ubuzima rw’akarere ka Andalusie ndetse n’urwego rw’ubuzima rw’uwo mujyi.

    Ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru muri DR Congo ryatangaje ko iyi kipe n’abari kumwe na yo bubahirije ingamba zose z’ubwirinzi z’ubuzima kandi bubahiriza amabwiriza yose mpuzamahanga.

    Mu itangazo, FECOFA yongeraho ko iri mu biganiro n’abashinzwe umupira w’amaguru muri Espagne kugira ngo uwo mukino wongere kwemererwa kuba.

    Umujyi wa La Linea wo ku mwaro, uzwiho kuba utuwe n’abantu bagera ku 65,000 kandi uherereye hafi y’umupaka wa Gibraltar, wari kwakira uyu mukino w’aya makipe yombi arimo kwitegura kuzajya mu gikombe cy’isi kizatangira mu cyumweru gitaha.

    Les Léopards ya DR Congo ubu irimo kwitoreza mu Bubiligi nyuma y’uko bahagaritse imyiteguro yari kubera i Kinshasa kubera ubwoba bwa Ebola ivugwa mu burasirazuba bw’igihugu.

    Byitezwe ko kuri uyu wa gatatu DR Congo ikina umukino wa gicuti na Denmark i Liege mu Bubiligi.

    Mu gikombe cy’isi DR Congo izaba iba mu mujyi wa Houston muri Amerika, iri mu itsinda K kandi izatangira ikina na Portugal tariki 17 z’uku kwezi, nyuma ijye i Guadalajara muri Mexique gukina na Colombia, mbere yo kugaruka muri Amerika gukina na Uzbekistan i Atlanta.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Amerika na Iran basubiriye kurasana mu gihe ibiganiro vyo kurangiza intambara vyadindiye

    Igisirikare ca Amerika kivuga ko cagavye ibitero vyo "kwivuna" kuri Iran kandi ko cakoroye misire zo mu bwoko bwa 'ballistique' na 'drones' vyari birashwe ku mato no ku bihugu vyo mu kigobe.

    Nk’uko kimwe mu bisata birongoye ingabo za Amerika (CENTCOM) kibivuga, ivyo bitero vyatumberejwe kw’izinga rya Queshm, mu muhora wa Hormuz, vyagabwe “mu gusubiza ibitero Iran yari igerageje kugaba mu buseruko bwo hagati”.

    Iran yavuze ko yihoye mu kugaba ibitero ku birindiro vy’igisirikare n’indege za kajugujugu vya Amerika biherereye mu “gihugu co mu ka karere” ikoresheje misire na ‘drones’.

    Ibi bitero bibaye mu gihe ibiganiro vyo kwongereza agahengwe vyandindiye, inyuma y'uko kandi ibiganiro vyari bigamije guhagarika intambara imaze amezi hagati y'impande zompi bidateye imbere mu mpera z'indwi iheze.

    CENTCOM yabandanije ivuga ko igitero cagabwe kw’izinga rya Qeshm cari kigamije gusambura ikigo c'igisoda ca Iran gicungera ibikorwa vya gisirikare kiri ku butaka.

    Yavuze kandi ko igisoda ca Amerika carashe kirakorora ‘drones’ zitatu zigaba ibitero zari zirungitswe na Irani zerekeza ku "mato y’abasivile yariko arengana mu mazi yo muri ako karere mu buryo bwemewe n'amategeko".

    Ingabo zidasanzwe zijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam muri Iran (IRGC) zavuze ko "ihungabanywa iryo ari ryo ryose ry’umuhora wa Hormuz rizogira ingaruka zikomeye ku gisirikare ca Amerika".

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.