Amerika: Umushingamateka amaze igihe kinini atawuzi iyo ari yatsinze amatora

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushingamateka wo mu mugambwe w'aba Républicains, Tom Kean Jr., yari amaze amezi ataboneka i Washington canke mu karere aserukira ka New Jersey, yararonse ku wa kabiri itike y'umugambwe wiwe yo gusubira kwitoreza ico kibanza, inyuma y’uko mu misi iheze ashigikiwe na Perezida Donald Trump.
Trump yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: "Tom Kean arafise ugushigikirwa kwanje kwose kandi kutagira agahaze kugira asubire gutorerwa ico kibanza."
Yongeyeko ati: "Ntazokwigera abahemukira!"
Kean ntiyari afise uwo bahiganwa mu matora y'imbere mu mugambwe w'aba Républicains. Ku bw’iyo mvo, ntiyari akeneye kwiyamamaza kugira arondere amajwi.
Yamara, ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko amaze igihe atagaragara no mu nama nshingamateka, aho yasivye mu bikorwa vyo gutora birenga 100.
Mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Munyonyo (11), Kean azohiganwa na Rebecca Bennett wo mu mugambwe w'aba Démocrates, yahoze atwara kajugujugu mu gisirikare co mu mazi ca Amerika, na we nyene akaba yatsinze amatora y'imbere mu mugambwe wiwe ku wa kabiri.
Kean aheruka kuboneka kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante (3). Abakozi biwe batangaje muri Ndamukiza (4) ko yari afise ingorane z'amagara.
Ariko kuba abandanya ataboneka vyatumye abantu benshi muri Amerika bibaza vyinshi, bikaba vyabaye inkuru ikurikiranwa cane mu gihugu.
Izindi nkuru wosoma:


