Abantu batatu bapfuye igihe umuntu yarasa kw’ishure muri Filipine

Ahavuye isanamu, Philippine Red Cross/Facebook
Abantu batatu bapfuye, abandi umunani barakomereka mu gitero c’amasasu cabereye kw’ishure ryisumbuye ryo mu gisagara ca Banga, mu bumanuko bwa Filipine.
Albert Palencia, umukuru w’ico gisagara, yabwiye BBC ko babiri mu bapfuye ari abanyeshure b’imyaka 14. Uwarashe ni umuhungu w’imyaka 16 na we nyene akaba ari mu bapfuye.
\Abandanya avuga ko bane mu bakomeretse baremvye cane. Ico gitero cabaye kuri uyu wa gatanu kw’ishure Banga National High School, mu ntara ya South Cotabato, iri mu karere ka Mindanao.
Palencia yavuze ko mu karuhuko kisaha zitandatu zo muri ico gihugu, uwo muhungu yari yabwiye bagenziwe ko botaha kuko inyuma y’akaruhuko yari gushira mu ngiro umugambi wiwe. Ngo ntibemeye ivyavuga kuko yari asanzwe akunda gutebura.
Avuga ko inyuma y’akaruhuko, uwo muhungu yarashe abanyeshure 10 imbere yo kwiyahura.
Igipolisi kiriko kiratohoza kugira kimenye icatumye abikora. Ivyigwa vyahagaritswe ku mashure yose yo muri Banga.
Ubushikiranganji bw’indero bwavuze ko ico bushira imbere ari umutekano w’abanyeshure, abigisha n’abandi bakozi bo ku mashure.
Ni igitero kigira gatatu gihitanye abantu kw’ishure muri Filipine kuva muri Ruheshi (6) uyu mwaka.
Umukuru w’intara ya South Cotabato, Reynaldo Tamayo, yasavye abafise inkoho kuzibika neza kandi bakazibika ahantu abana badashobora kuzishikira.






