IKIBIRIRAHO, Putin agabisha Uburengero ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose mu gukingira Kaliningrad

Perezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose bufise mu gihe bwobona ko agace kabwo ka Kaliningrad kagabweko igitero.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Eritrea na yo yahagaritse umubano na Ethiopia nyuma yo gufunga Ambassade yayo muri Asmara

    inyubako y'ibiro bya ambassade ya Eritrea muri Ethiopia
    Insiguro y'isanamu, Eritrea nayo yafunze Ambasade yayomuri Ethiopia, nyuma y'uko umwuka ukomeje kutaba mwiza hagati y'ibihugu byombi

    Ethiopia na Eritrea byahagaritse umubano wa dipolomasi hagati yabyo, mu gihe imirwano yongeye kubura mu majyaruguru ya Ethiopia, ibintu bikaba byongera impungenge z'uko hashobora kuvuka amakimbirane agakwira mu karere ibi bihugu biherereyemo.

    Nyuma yuko ejo ku wa kane Ethiopia itangaje ifungwa rya ambasade yayo i Asmara, umurwa mukuru wa Eritrea, ibashinja ibikorwa bishobora guhungabanya umutekano w'igihugu, Eritrea na yo yahise ihagarika umubano wa dipolomasi na Ethiopia, ivuga ko icyemezo cya Ethiopia kitayisigiye andi mahitamo uretse gufata ingamba nk'izo mu rwego rwo kwihimura no gusubiza icyo cyemezo.

    Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga ya Ethiopia yatangaje ku wa Kane ko "yafashe icyemezo cyo gufunga Ambasade yayo i Asmara, muri Eritrea, mu rwego rwo guhangana n'ibikorwa by'ubugizi bwa nabi n'imirwano bya Ethiopia bitaziguye.

    Mu itangazo ryashyizwe ku rubuga rwayo rwa X, ryavuze kandi ko abadipolomate 10 ba Eritrea, batavuzwe amazina, bategetswe kuva muri Ethiopia mu masaha 48.

    Ku ruhande rwa Eritrea Minisitiri w’Itangazamakuru, Yemane Gebremeskel, yabwiye Reuters ari nayo dukesha iyi nkuru, ko mu kwirukana abadipolomate bose ba Eritrea muri Ethiopia, guverinoma yari iri gufunga ambasade yayo i Addis Ababa.

    Mu itangazo rya Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga, yagize ati: “Eritrea nta yandi mahitamo ifite uretse gukora nkuko bakoze no guca umubano wose wa dipolomasi na Ethopia hamwe n’ibindi bibi byose bifitanye isano na byo.”

    Uretse Eritrea, Addis Ababa yashinje kandi Sudani na Misiri gushyigikira ihuriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi riyobowe n’umutwe wa Tigray People’s Liberation Front (TPLF) wahanganye n’ingabo zishyigikiye guverinoma ya Ethiopia kuva mu cyumweru gishize. gusa Ibi bihugu bitatu birahakana icyo kirego.

    Komisiyo y’Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika yasabye ibihugu bitatu kwiitwararika birinda ibikorwa cyangwa amagambo bishobora kongera umwuka mubi no guhungabanya amahoro n’ituze mu karere.

    Guverinoma ya Ethiopia kandi yatangaje ko ari umudipolomate wa Misiri ​atari uw’ingenzi, inamutegeka kuva mu gihugu mu masaha 48, nk’uko byatangajwe n’ikigo cya leta gishinzwe itangazamakuru cya Etihiopia n’abantu babiri bazi icyo kibazo.

    ikinyamakuru gikorana na leta mu Misiri, Al Qahera News, kivuga ko Cairo yasubije mu buryo nk’ubwo, ivuga ko umujyanama wa ambasade ya Ethiopia muri Misiri ari umuntu utari uw’ingenzi, imuha amasaha 48 yo kugenda.

    Umuvugizi wa Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga ya Misiri, Nader Zaki, yabwiye Reuters ko igikorwa cya Cairo gifite ishingiro.

    Yagize ati: “Guhuza ni ryo shingiro rya dipolomasi.”

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Trump ku ntambara na Irani: “Ntituzi uwo twovugana”

    Perezida wa Amerika Donald Trump

    Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ku wa kane mw’ijoro ko abona Irani iri hafi kwemera ko yatsinzwe, ariko ko Amerika itazi neza uwo yovugana na we kugira intambara ihagarare.

    Trump yabivugiye muri reta ya Texas. Yavuze ko yizera ko Amerika izotsinda iyo ntambara amatora yo mu kwezi kuza aheze, naho yongeyeko ko ishobora kurangira n’imbere yayo.

    Yavuze ati: “Nzokora ibishoboka vyose kugira ivyerekeye Irani bihere ningoga cane.” Yongeyeko ko intambara niyahagarara, ibiciro vy’ibitoro bizogabanuka ningoga kandi cane.

    Trump yavuze ko ubutegetsi bwa Amerika buriko bugerageza gufata neza uwurongoye Iran muri iki gihe.

    Yavuze ati: “Tuvugishije ukuri, ntituzi uwo twovugana. Nta n’umwe ashaka kuba perezida.”

    Ayo majambo aje mu gihe Abanyamerika barushiriza guhagarikwa umutima n’iduga ry’ibiciro vy’ibitoro n’ivy’ibindi bidandazwa, harimwo ibifungurwa.

    Ku wa 3 Munyonyo (11), hazoba amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka aba hagati mu kiringo ca perezida.

    Ivyavuye mu matohoza y’ivyiyumviro vy’abatora vyerekana ko Abademocrate bafise amahirwe menshi yo kuronka ubwiganze mu nama nshingamateka.

    Ivyo nivyashika, vyoshobora kugora Trump kuronka abayoboke bashigikira imigambi yiwe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, ubu inama zompi zikaba ziganziwe n’Abarepublicains.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. NBA yugaye ikigo yari ifise muri Afrika co kumenyereza abakinyi

    Ishirahamwe ry’umupira wa basketball muri Amerika, NBA,

    Ishirahamwe ry’umupira w'amaboko (basketball) muri Amerika, NBA, ryugaye ikigo NBA Academy Africa ryari rifise muri Senegal co kumenyereza abakinyi bakiri bato, nk’uko abakozi b’ico kigo n’abahoze bagikorera babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

    Ico kigo catanguye gukora mu 2018, gifise intumbero yo gutegura abakinyi bafise impano idasanzwe bo muri Afrika kugira bashobore gukina mu mahiganwa akomeye muri Amerika no mu bindi bihugu.

    Abahoze bagikorera bavuga ko kucugara ari igihombo ku bakinyi bakiri bato bo hirya no hino muri Afrika.

    Michel Chikwanine, yahora ari umuhanuzi muri ico kigo, yavuze ko iyo ngingo yatumye bamwe muri bo batakaza icizere bari batanguye kugira. Yavuze kandi ko amahirwe y’abakinyi bo muri Afrika ashobora kugabanuka, kuko bazohiganirwa ibibanza n’abakinyi bo mu yindi mihingo y’isi.

    NBA yavuze ko iyo ngingo ijanye n’uburyo bushasha bwo guteza imbere basketball kw’isi. Imyimenyerezo izohora ibera mu kigo gishasha kizokwugururwa i Abu Dhabi, muri Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu.

    NBA ihakana ko kwugara ico kigo bisigura ko igiye kugabanya uruhara rwayo mu guteza imbere abakinyi bo muri Afrika. Ivuga ko izobandanya gushigikira imigambi nka Basketball Africa League na Basketball Without Borders.

    Kuva NBA Academy Africa yugururwa, yamenyereje abakinyi bashika 110. Ulrich Chomche wo muri Cameroun yabaye uwa mbere yahaciye atorwa gukina muri NBA mu 2024, mu gihe Khaman Maluach wo muri Sudani y’Epfo akinira Phoenix Suns.

  4. Uganda yahagaritse ikinyobwa gikekwa kuba kiva mu Burundi kubera kirimwo umuti ukoreshwa muri ‘viagra’

    umuvugizi w'Urwego rwa Uganda rujejwe kugenzura imiti, NDA

    Urwego rwa Uganda rujejwe kugenzura imiti, NDA, rwategetse ko ikinyobwa citwa 'Boisson Énergétique Très Puissante' gihagarikwa kugurishwa no kunyobwa ku butaka bw’ico gihugu.

    NDA ivuga ko ico kinyobwa kitemewe muri Uganda kandi ko kidandazwa bavuga ko congereza inguvu z’abagabo mu kurangura imibonano mpuzabitsina.

    Umuvugizi wa NDA, Abiaz Rwamwiri, yavuze ko isuzuma ryakorewe mu bubiko bw’urwo rwego ryasanze ico kinyobwa kirimwo umuti witwa sildenafil, ariko ivyo bikaba bitanditswe ku gacupa kayo.

    Sildenafil ni umuti ukoreshwa muri Viagra, ugenewe kuvura abagabo bafise ingorane zo kurangura imibonano mpuzabitsina. NDA ivuga ko uwo muti ukwiye gukoreshwa gusa ku mpanuro no ku ruhusha rw’umuganga.

    Rwamwiri yavuze ko kuwunywa umuntu atabizi bishobora gutuma umuvuduko w’amaraso uduga cane, akagira ikibazo, ingorane zo kubona canke igitsina kigafata umurego umwanya muremure.

    Izo ngaruka zishobora kuba mbi kuruta ku bantu bafata imiti irimwo nitrate, nka nitroglycerin, kuko kuyivanga na sildenafil bishobora gutuma umuvuduko w’amaraso udugabanuka gushika ku rugero rushobora kwica umuntu.

    NDA yasavye abantu guhagarika kugura, kugurisha no kunywa ico kinyobwa.

    Yasavye kandi uwakinyoye agatangura kugira izo ngorane guca aja kwa muganga.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Putin agabisha Uburengero ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose mu gukingira agace ka Kaliningrad

    Perezida Vladimir Putin

    Perezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose bufise mu gihe bwobona ko agace kabwo ka Kaliningrad kagabweko igitero.

    Mw’ijambo yashikirije inama ya Valdai ijanye n’imigenderanire, Putin yavuze ko Uburusiya “butariko buratera ubwoba umuntu n’umwe”, ahubwo ko buriko burishura ku majambo y’abategetsi bo mu Burengero bavuga ko Moscow yoba iriko yitegurira intambara mu 2029 canke 2030.

    Kaliningrad ni igice c’Uburusiya kiri ku kiyaga Baltique, hagati ya Lithuania na Pologne, ariko kidafatanye n’ibindi bice vy’Uburusiya.

    Muri iyi ndwi, Uburusiya bwagirije OTAN kwitegurira gutwara Kaliningrad no kuyitandukanya n’ibindi bice vy’igihugu. Moscow yagabishije ko yoshobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda mu gihe Uburengero bwogerageza guca inzira ziyihuza n’Uburusiya.

    Putin yavuze ati: “Mu gihe Uburusiya bwogabwako igitero ata guca iruhande, haba muri Kaliningrad canke mu kandi karere, gukoresha ibirwanisho vyose igihugu cacu gifise kuzoca kuja ku rutonde rw’ibikenewe kwihwezwa ubwo nyene.”

    Yongeyeko ati: “Nta muntu turiko turatera ubwoba. Nta mugambi dufise wo gutera umuntu mu 2029, 2030 canke 2050. Ariko nitwagabwako igitero, tuzobwirizwa kwishura.”

    OTAN yavuze ko ari umuryango wo kwivuna umwansi kandi ko imyimenyerezo yayo ata kaga itera Uburusiya. Umunyamabanga mukuru wayo, Mark Rutte, yasavye Moscow guhagarika kuvuga ko izokoresha ibirwanisho ruhonyanganda.

    Ivyo bibaye mu gihe ibihugu vyo mu Burengero bivuga ko ibikorwa bihungabanya umutekano vyagirizwa Uburusiya vyiyongereye muri Pologne no mu bihugu vyo ku kiyaga Baltique.

    Mu ndwi iheze, Pologne yavuze ko indege ya kajugujugu y’Uburusiya yinjiye mu kirere cayo hafi ya Kaliningrad. Lithuania na yo ivuga ko abanyagihugu bayo babandanya guterwa ubwoba n’Uburusiya, harimwo n’indege zitajamwo abadereva zinjira mu kirere c’ico gihugu.

    Putin yasubiriye kandi kwagiriza Uburengero kuba ari bwo bwatumye haba intambara muri Ukraine, naho Uburusiya ari bwo bwayitanguje muri Ruhuhuma (2) 2022.

    Yavuze ko ibitero Uburusiya bugaba ku bikorwa vy’ubutunzi vya Ukraine ari inyishu ku bitero vya Ukraine ku mahinguriro atunganya ibitoro no ku bwato bw’Uburusiya buri mu Kiyaga Cirabura.

    Putin yemeye ko ivyo bitero vya Ukraine ku mahinguriro y’ibitoro vyagize ico bishitseko kandi ko Uburusiya bwatakaje hafi igice kimwe kw’ijana c’ubutunzi bwabwo.

    Yagabishije kandi ko gukoresha imashini n’ubwenge buhinguwe mu ntambara bishobora gutuma abantu babona intambara nk’urukino, bigasubiza inyuma agateka k’ikiremwa muntu.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.