Lithuania yiteguye 'kwivuna' Uburusiya, ariko kandi ifise n'integuro zo guhungisha abantu-umushikiranganji wa mbere

Umushikiranganji wa mbere wa Lithuania Mindaugas Sinkevicius

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Tabby Wilson
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Umushikiranganji wa mbere wa Lituwaniya (Lithuania) yabwiye BBC ko igihugu ciwe categekanije uburyo bwo guhungisha abantu mu gihe hari ubwoba bw'uko Uburusiya bushobora kugitera, ariko akongerako ko "kidashobora kumanika amaboko" mu gihe coterwa.

Umushikiranganji wa mbere Mindaugas Sinkevičius yabwiye ikiganiro Newsnight ko Abanyalituwaniya "bama mu bwoba" baterwa n'Uburusiya, cane cane kubera za ndege zitajamwo abadereva zivogera ikirere c'igihugu cabo.

Yabwiye Newsnight ko mu gihe igihugu ciwe coterwa, "tuzokwivuna... tuzohangana n'umwansi". Ariko yavuze ko hari imigambi yateguwe "ku bintu bitandukanye bishobora gushika", atanga akarorero ko kuvana mu bisagara abanyagihugu bageze mu zabukuru mu buryo "butagoranye", no kwirinda urutavanako rw'imodoka.

Lituwaniya, igihugu kiri mu rurani OTAN/NATO, gihana urubibe rw'ubutaka n'intara ya Kaliningrad y'Uburusiya iri hagati y'ibindi bihugu.

Sinkevičius yabwiye BBC ati: "Turiko turiyumvira ibintu bitandukanye bishobora gushika, ariko vyose ntibishobora kuvugirwa ku mugaragaro.

"Twama duhanganye n'akaga nyako ko guterwa, gusa si buri musi, ariko duhanganye na ryo kandi uku ni ko kuri kuri twebwe".

Sinkevičius yavuze ko Ubwongereza bukwiye gusubira kwiyumvira ku buryo bwabwo bwo kwivuna abansi, ariko ko Lithuania iri "hafi y'urubibe kandi iri hafi y'aho aka kaga gashobora kuva".

Mu ndwi iheze, indege z'intambara za OTAN zararashe drone yari yinjiye mu kirere ca Lituwaniya.

Mu mwaka uheze, Lituwaniya yarahuye n'ibintu bitari bike ivuga ko vyari "uruvangatirane rw'ibitero", ikabishira ku gihugu kibanyi ca Biélorussie/Belarus, iki na co kikaba ari kimwe mu bihugu bishigikiye Uburusiya cane.

Mw'ijoro ryo ku wa Mbere, ingendo z'indege zarahungabanye ku kibuga c'indege gikuru ca Lituwaniya kiri ku mugwa mukuru Vilnius. Abacungera ico kibuga bavuze ko vyatewe n'"uruvangatirane rw'ibitero vyakozwe na Biélorussie ", aho hari ibintu vyabonetse bisa n'ibipurizo.

Ku wa kabiri, umujenama mukuru wa Perezida, Deividas Matulionis, yavuze ko bitaramenyekana neza nimba ivyo bintu vyari ibipurizo.

Ikarata ya BBC yerekana ahari Lithuania, Belarus n'intara ya Kaliningrad yegukira Uburusiya.
Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu 2023, Ubudagi, igihugu na co nyene kiri muri OTAN, bwariyemeje gushinga muri Lituwaniya birigade yamaho yiteguriye kurwana brigade, nk'inyishu ku bintu bigenda bihinduka mu bijanye n'umutekano i Buraya.

Bitegekanijwe ko iyo brigade izoba yatanguye ibikorwa vyayo mu 2027, ikaba izoba igizwe n'abasirikare hamwe n'abakozi basanzwe bagera ku 5.000, nubwo Ubudagi bwananiwe no kwinjiza ingabo ku gushaka kwazo, ubu bukaba buriko burakoresha uburyo bw'itegeko, kugira ngo bwuzuze ibibanza bimwe bimwe.

Bitegekanijwe ko igice kinini c'abasirikare kizoba kiri i Rūdninkai, hafi y'ahantu hitwa Suwałki Gap — akarere kari ku mupaka uhuza Lituwaniya na Pologne, kandi kakaba gahuza Biélorussie n'intara y'Uburusiya ya Kaliningrad.

OTAN yavuga ko gushika muri Kigarama (12) umwaka uheze, yari ifise abasirikare barenga 5.000 bari muri Lituwaniya.

Naho bitaremezwa aho iyo drone yinjiye mu kirere ca Lituwaniya mu ndwi iheze yaje iva, umushikiranganji w'ukwivuna abansi, Robertas Kaunas, yabwiye ikiganiro Newshour ko iyo drone yari yaje iva ku ruhande rwa Biélorussie.

Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Wes Streeting, agira ati: "Turashimira ingabo za Lituwaniya n'iz'Ubutaliyano ku kungene zafashe ingingo yihuta kandi yerekana ubushobozi, ibi bikaba vyongeye kwerekana ko OTAN yiteguye gukingira ikirere c'ibihugu bigize uru runani.

"Twese turi kumwe, buri mwanya, mu gukingira buri santimetero y'ubutaka bwa OTAN".

Moscou ntaco yigeze ivuga ku vyabaye.

Kuva Uburusiya butangura igitero cagutse muri Ukraine, amadrone ya gisirikare avogera ikirere c'ibihugu vya Buraya yagiye yiyongera.

Muri Rusama, abanyagihugu bo ku mugwa mukuru wa Lituwaniya, Vilnius, na bo nyene barategetswe kwinyegeza, inyuma y'imburi yabagabisha ko hari drone yari ivogereye igihugu, binatuma ingendo z'indege n'iz'amagari ya moshi zihagarara mu gihe gito.

Uyu mwaka, indege z'intambara za OTAN zararashe incuro zitari nke amadrone ya Ukraine yari yataye inzira akinjira mu kirere c'ibindi bihugu vya Baltique bifatanije na OTAN, ari vyo Estonia na Lettonie/Latvia.

Ukraine yavuze ko ayo drone yari yataye inzira kubera intambara ya elektroniki y'Uburusiya, ubuhinga bugenewe guhuvya amadrone ya Ukraine agata inzira.

Lituwaniya, Estonia na Lettonie vyose vyinjiye muri OTAN mu 2004, bica bitera igikumu ku ngingo ya 5, ivuga ko "igitero ca gisirikare gikozwe ku gihugu kimwe mu bigize OTAN gifatwa nk'igitero gikozwe ku bihugu vyose bihurikiye muri uru runani".