Umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Pedro Sánchez, yatangaje ko amatora rusangi azoba ku wa 29 Munyonyo (11) uyu mwaka, imbere y’igihe cari gitegekanijwe.
Amatora yari asanzwe ategekanijwe mu ci ryo mu 2027.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y’uko inama nshingamateka yanse ku wa gatanu kwemeza ingingo reta yari yashizeho kugira igabanye ikibazo gikomeye c’amazu n’ibiciro vyo kuyakodesha biguma biduga.
Izo ngingo zari zatunganijwe inyuma y’imyiyerekano yabereye hirya no hino muri Espagne, yatangujwe n’iyirukanwa mu nzu ry’umutamakazi w’imyaka 87 w’i Madrid.
Ibiciro vy’inzu uwo mutamakazi yabamwo vyaraduze biva kuma euro 500 gushika ku 2.650. N'aho cahavuye kigabanywa kigashika ku ma euro 1.650, ico giciro kiri kure cane y'amafaranga 300 aronka ku kwezi kuko ari mu zabukuru.
Ku wa gatandatu, imyiyerekano nka 50 yabereye mu bisagara birimwo Madrid, Barcelona na Valencia. Abari muri yo basaba ko ababa mu mazu bakodesheje bakingirwa kwirukanwa ko na reta ihagarika iduga rikomeye ry’ibiciro vyo gukodesha amazu.
Mu ngingo inama y’abashingamateka yanse harimwo guhagarika gushika mu 2030 iyirukanwa mu mazu ry’abantu batishoboye, kwongereza amakori ku mazu ashikiramwo ingenzi no kwongereza igihe c’amasezerano yo gukodesha.
Ingingo ya mbere yanswe n’abashingamateka 178 kuri 172 bayishigikiye. Iya kabiri na yo yanswe n’abashingamateka 184 kuri 166 bayishigikiye.
Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Sánchez yavuze ko reta yiwe ikeneye gusubira kuronka no kwagura icizere c’abanyagihugu. Yavuze ko ashaka ko imigambwe ya extreme droite ironka abashingamateka benshi bashobora gutuma imigambi ya reta yemezwa.
Yemeye kandi ko reta yiwe yakoze amakosa kandi ko hari ivyo yari yaremereye abanyagihugu itashoboye gushikako.
Sánchez ari ku butegetsi kuva mu 2018. Umugambwe wiwe w’abasosiyaliste wabaye uwa kabiri mu matora yo mu 2023. Umugambwe PP wa extreme gauce ni wo waronse ibibanza vyinshi, ariko ntiwashoboye gushinga reta kuko utaronse abashingamateka bakwiye.
Sánchez yagumye ku butegetsi inyuma yo kwumvikana n’imigambwe ya extreme droite hamwe n’imigambwe yo muri Catalogne na Pays Basque ishaka ko utwo turere twikukira.
Amatohoza menshi y’ivyiyumviro vy’abanyagihugu yerekana ko PP ishobora gusubira kuronka amajwi menshi ku wa 29 Munyonyo. Ariko vyitezwe ko izokenera gushigikirwa na Vox, umugambwe wa exteme droite, kugira ishinge reta.
Ivyo vyotuma Vox ija muri reta nkuru ya Espagne ari bwo bwa mbere kuva demokarasi isubijweho inyuma y’urupfu rw’umutegetsi w’igitugu Francisco Franco.