IKIBIRIRAHO, Amashure ashika 500 arugarwa uyu munsi mu Bufaransa kubera imyiyerekano y’abanyeshure

Amashure yisumbuye ari hagati ya 400 na 500 yo mu Bufaransa arugara yose canke igice kuri uyu wa mbere, kubera imyiyerekano y’abanyeshure imaze imisi irimwo ugutana mu mitwe n’igipolisi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Amerika: Umukobwa w’imyaka 12 yararashwe arapfa mu matati y’ikibanza co guhagarikamwo imodoka

    imodoka yigipolisi ca reta zunze ubumwe za amerika

    Umukobwa w’imyaka 12 yararashwe arapfa mu gisagara ca Baltimore muri Amerika mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’uko abagabo babiri barasanye bariko baraharira ikibanza co guhagarikamwo imodoka(parking).

    Iryo rasana ryabaye ku wa gatandatu ku mugoroba, mu kibuga abana bariko barakinamwo umupira w’amaguru wo muri Amerika.

    Igipolisi kivuga ko uwo mukobwa atari we yariko araraswa, ariko yafashwe n’amasasu abo bagabo bariko bararasana.

    Uwundi mugore na we yarakomerekejwe n’ayo masasu nyene. Abandi bagabo babiri bari mu bitaro kuvurwa ibikomere vyatewe n’ukwo kurasana .

    Umukuru w’igipolisi ca Baltimore, Richard Worley, yavuze ko bariko bararondera n’imiburiburi abantu babiri bakekwa kuba bagize uruhara muri iryo rasana.

    Uwo mukobwa, izina ryiwe ritaratangazwa, yajanywe mu bitaro, ariko abaganga ntibashoboye kumukiza. Abandi bantu batatu bakomeretse ubu bameze neza.

    Igipolisi ntikiramenya igitigiri c’amasasu yarashwe. Casavye abantu babonye uko vyagenze gutanga amakuru yoshobora gufasha mu matohoza.

    Umukuru w’igisagara ca Baltimore, Brandon Scott, yavuze ko bibabaje kubona amatati hagati y’abagabo babiri akuye ubuzima bw’umwana w’imyaka 12.

  2. Amerika yakuye indege zayo zose zitera amabombe ku kirindiro co mu Bwongereza

    indege zitera amabombe za Iran

    Amerika yakuye indege zayo zose z’intambara zitera amabombe ku kirindiro ca RAF Fairford mu Bwongereza, inyuma y’ivyabereye hafi yaco biriko biratohozwa n’igipolisi kirwanya iterabwoba.

    Umutegetsi wa Amerika yemeje ku wa mungu ko izo ndege zasubijwe ku birindiro vyazo muri Amerika, ariko ntiyavuze igituma iyo ngingo yafashwe.

    Izo ndege zikuweyo inyuma y’aho igipolisi kimenyesherejwe, ku wa 27 Nyakanga (9), ko imodoka zitatu ziteye amakenga zariko zerekeza hafi y’ico kirindiro kiri mu karere ka Gloucestershire.

    Abagabo batanu barafashwe bikekwako ivyaha vy’iterabwoba, ariko bahavuye barekurwa, basabwa kuzokwitaba igipolisi igihe kibakeneye. Umugabo wa gatandatu afise ubwenegihugu bw’Ubwongereza n’ubwa Irani na we yarafashwe ariko nawenyene ararekurwa.

    Amakuru ava mu bategetsi b’Ubwongereza avuga ko Washington ishobora kuba yakuyeyo izo ndege kubera ivyo vyabaye. Ariko bivugwa ko yari ingingo yafashwe n’igisirikare, atari iya politike.

    Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bw’Ubwongereza ntaco buravuga kuri iyo ngingo.

    Umushikiranganji wa mbere Andy Burnham yari yavuze ko hari ibituma bikomeye bituma bibaza ko Irani yagize uruhara muri ivyo vyabaye. Irani yarabihakanye.

    RAF Fairford imaze imyaka mirongo ikoreshwa n’igisirikare ca Amerika. Mu mezi aheze, indege za Amerika zahagurukiye kuri ico kirindiro zija kugaba ibitero muri Irani.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Iran yuguruye ikambi yo kwigisha abakenyezi gukoresha inkoho

    Iran yuguruye i Tehran ikambi idasanzwe yo kwigisha abakenyezi gukoresha ibirwanisho

    Iran yuguruye i Tehran ikambi idasanzwe yo kwigisha abakenyezi gukoresha inkoho no gutabara abakomeretse imbere yo kubashikana kwa muganga.

    Ku wa mungu, ikibuga citiriwe Imam Hussein mu murwa mukuru Tehran cakiriye abakenyezi amajana bitavye izo nyigisho za mbere.

    Abitavye izo nyigisho bari bambaye chador, umwambaro usanzwe wambarwa n’abakenyezi muri Iran, upfuka umubiri wose ugasiga mu maso gusa.

    Abategetsi ba Irani babandanya guhamagarira abanyagihugu kwitegurira kurwanira igihugu no kwemera kucitangira.

    Bavuga ko izo nyigisho zigenewe gutegura abanyagihugu guhangana n’ibihe bidasanzwe no gukomeza ubushobozi bw’abanyagihugu bwo kwikingira igihe umutekano w’igihugu woba ubangamiwe.

    Izo nyigisho zitanguye mu gihe umutekano urushiriza guhungabana mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati, ibiciro vy’ibitoro na vyo bikabandanya kuduga ku masoko mpuzamakungu.

    Iran yararahiye ko izobandanya kwugara umuhora wa Hormuz gushika Amerika ishikije ivyo iyisaba.

    Bamwe babona iyo ngingo yo kwigisha abakenyezi gukoresha ibirwanisho nk’ikimenyetso c’uko Iran iriko yitegurira guhangana n’intambara ishobora kurushiriza gukara muri ako karere.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Amashure ashika 500 arugarwa uyu munsi mu Bufaransa kubera imyiyerekano y’abanyeshure

    imyiyerekano y’abanyeshure imaze imisi irimwo ugutana mu mitwe n’igipolisi.

    Amashure yisumbuye ari hagati ya 400 na 500 yo mu Bufaransa arugarwa yose canke igice cayo kuri uyu wa mbere, kubera imyiyerekano y’abanyeshure imaze imisi irimwo ugutana mu mitwe n’igipolisi.

    Umushikiranganji w’indero, Édouard Geffray, yavuze ku wa mungu ko inyigisho zizohagarikwa muri ayo mashure kuko umutekano udakwiye.

    Yavuze ko amashure 24 amaze guturirwa canke gusahurwa kuva imyiyerekano itanguye.

    Abanyeshure ibihumbi n’abandi bashigikiye imyiyerekano bariko basaba ko reta yongereza abigisha, igabanya ubwinshi bw’abanyeshure mu mashure kandi igasanura inyubakwa z’amashure zishaje.

    Iyo myiyerekano yatanguriye i Paris mu ndwi iheze, irakwiragira no mu bindi bisagara birimwo Montpellier, Nantes na Marseille.

    Umushikiranganji w’ubutungane, Gérald Darmanin, yavuze ko amashure 735 kuri 3.700 yo mu Bufaransa yari amaze guhungabanywa n’imyiyerekano gushika ku wa gatanu.

    Geffray yagirije bamwe mu baharanira ivyiyumviro vya politike, cane cane abo muri extreme droite, kwivanga mu myiyerekano y’abanyeshure.

    Yavuze ko abakozi bo mu mashure 78 bakomeretse.

    Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Laurent Nuñez, yavuze ko abantu 1.747 bafashwe ku wa gatanu.

    Abateguye imyiyerekano basavye ko ibandanya ku wa kabiri, bavuga ko reta itarafata ingingo ziboneka zo gutorera umuti ibibazo vyabo.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.