Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yanse amasezerano ku Muhora wa Hormuz, Irani iracarindiriye inyishu ya nyuma ya Amerika
- Umwanditsi, Brandon Livesay
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire avuga ko abaserukira Amerika mu biganiro vy'amahoro bataratanga inyishu ya nyuma ku vyashikirijwe na Irani bijanye no gusubira kwugurura Umuhora wa Hormuz, naho Perezida Donald Trump yiyamirije ku mugaragaro ico ciyumviro ejo ku wa gatandatu.
Trump yabwiye abanyamakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vya Perezida wa Amerika) ko iciyumviro ca Irani kidashobora "kwemerwa", avuga ko Tehran yashaka gushika mu masezerano yo gusubira kwugururira uwo muhora amato y'ubudandaji mu kiringo c'iminsi indwi, kuko ngo "bariko baratsindwa nabi cane".
Mu butumwa yashize kuri Telegram, Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Abbas Araghchi, yemeje ko Trump yanse ico ciyumviro, akavuga ariko ko muri kahise yagiye ashikiriza kenshi amajambo avuguruzanya.
Yavuze ko abaserukira Irani mu biganiro barindiriye inyishu "ya nyuma", kandi ko "umuti uciye mu biganiro" ari wo wonyene ushobora kurangiza intambara.
Araghchi avuga ko ibisabwa kugira ngo uwo muhora usubire kwugururwa ari vya bindi nyene vyari vyanditswe mu rwandiko rw'umwumvikano hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani, rwateweko igikumu muri Ruheshi (6).
Irani yavuze ko yari yashikirije iciyumviro co gusubira kwugurura uwo muhora no guhagarika intambara mu biganiro vyo ku ruhande mu Nama ya bose y'Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yabereye i New York muri iyi ndwi iheze.
Iyi nzira kirumara isanzwe icishwamwo hafi ica gatanu c'igitoro na gaze bikoreshwa kw'isi yose yarugawe kuva iyi ntambara itanguye muri Ruhuhuma (2).
"Ndanse ayo masezerano yabo", niko Trump yavuze ejo ku wa gatandatu, anongerako ko Amerika isanzwe "igenzura" uwo muhora wose.
Araghchi yanditse kuri Telegram ko Trump "amaze gutanga ivyiyumviro vyiza vyinshi, ariko kandi yagiye ashikiriza n'ayandi majambo avuguruzanya, ivyo bikaba bibabaje kuko tuvyumva kenshi".
Yabandanije ati: "Turindiriye ko abahuza batumenyesha ivyiyumviro vya nyuma kandi bitomoye, hanyuma tuzofata ingingo dushingiye kuri vyo".
Oman, umuhuza hagati ya Amerika na Irani, ihamagarira impande zose kubandanya ibiganiro vyuguruye kugira ngo haboneke umuti w'iyi mishamirano.
Umushikiranganji wa Oman ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Sayyid Badr bin Hamad bin Hamood Albusaidi, yabwiye Inama ya bose ya ONU ko "impande zose" zikwiye gukorana na Oman mu twigoro two gukingira uburenganzira bwo kwunguruza ibintu n'abantu mu mazi y'uwo muhora kirumara.
Ingingo ya Trump yo kwanka iciyumviro ca Irani yashigikiwe n'uwuserukira Amerika muri OTAN/NATO, Matthew Whitaker.
Ejo ku wa gatandatu, Whitaker yabwiye Fox News ko Irani yari yemeye gutera "intambwe zidahagije" hamwe n'"amasezerano y'uruhendo kugira ngo yerekane ko imeze neza imbere y'amakungu".
Yavuze ati: "Perezida Trump afise uburenganzira bwo kuvyanka."
Hagati aho, Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ikigega, Scott Bessent, yavuze ku wa gatandatu ko ibihano vy'ubutunzi Amerika yafatiye Irani biriko biragira ingaruka kuri ico gihugu.
Mu butumwa yashize kuri X, Bessent yavuze ko Turukiya, Oman na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu vyahagaritse ingendo z'indege z'amwe mu makompanyi y'indege ya Irani, kandi ko amabanki amwe yo muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu na Turukiya yahagaritse ihanahana ry'amafaranga na Irani.
Ubutegetsi bwa Trump bwise ivyo bihano vy'ubutunzi bwafatiye Irani "Operation Economic Outcast", mu gihe Maison Blanche iriko igerageza gukoresha intambara y'ubutunzi kugira ngo ihatire Tehran guhagarika ibitero ku mato aca mu Muhora wa Hormuz.
Ariko bamwe mu bahinga mu vy'ubutunzi ntibabona neza nimba ibi bihano bishasha bizogira ico bishitseko, kuko bivana n'ingene ibihugu nyamukuru bikorana n'Irani mu vy'ubudandaji bizovyakira.
Muri ivyo bihugu harimwo Ubushinwa, ari co gihugu kigura igitoro ca Irani cinshi kuruta ibindi bihugu, bukaba bwarirengagije ibihano Amerika yari yarafatiye Irani imbere y'aho , bukabandanya gukorana na Tehran (ubutegetsi bwa Irani) mu vy'ubudandaji.