Burnham avuga ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo ya gisirikare ‘yo kwikingira’

Andy Burnham yavuze ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo "yo kwikingira" mu guha igitoro indege z’intambara zikiri mu kirere, inyuma y’ibitero ico gihugu cagabweko n’aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Urubanza rwa Victoire Ingabire: Ubushinjacyaha bwagaragaje ibimenyetso by’ivyo aregwa

    Ingabire

    Na Yves Bucyana

    BBC Swahili, Kigali

    Mu Rwanda hakomeje urubanza rwa Ingabire Victoire umunyapolitiki utavuga rumwe na Leta y’u Rwanda ukurikiranyweho ibyaha 7 birimo gushaka guhirika ubutegetsi bw’u Rwanda.

    Ubushinjacyaha bwagaragarije urukiko ibimenyetso n’uruhare rwa Ingabire Victoire muri ibyo byaha.

    Mu byaha Ingabire yashinjwe uyu munsi harimo icyo guteza imvururu cyangwa imidugararo muri rubanda.

    Umushinjacyaha yabwiye urukiko ko Ingabire yakoze icyo cyaha atangaza amakuru agamije kwangisha abaturage ubutegetsi buriho, atanga ibimenyetso bigizwe n’ubutumwa bwanditse bwa WhatsApp bwasanzwe muri telephone ngendanwa z’abayoboke b’ishyaka rye ritemewe bitabiriye amahugurwa yo kwigishwa uburyo ubutegetsi bw’igitugu buhirikwa hatifashishijwe intwaro.

    Umushinjacyaha yavuze ko ubutumwa bwasanzwe muri mudasobwa ya Ingabire Victoire harimo urutonde rwabo yavugaga ko bishwe na Leta y’u Rwanda. Bamwe mu bo umushinjacyaha yavuze ni nka Jean de Dieu Mucyo wabaye Ministri w’ubutabera n’umusenateri, Jacques Bihozagara wabaye Ministri w’urubyiruko n’imikino mu Rwanda wapfiriye i Burundi, Agnes Ntamabyariro ufungiye icyaha cya jenoside wigeze kuba Ministri w’ubutabera mbere ya 1994.

    Kuri urwo rutonde harimo kandi n’Umurundikazi Hafsa Mossi wari umushingamateka w’umuryango wa Afrika y’iburasirazuba wishwe n’igitero cy’abitwaje intwaro i Burundi muri 2016.

    Umushinjacyaha yavuze ko abapfuye icyabishe kizwi neza, kandi ko hari n’abakiriho, abwira urukiko ko byakozwe mu rwego rwo kwangisha rubanda ubutegetsi no gushaka guteza imidugararo mu gihugu.

    Ingabire Victoire kandi yashinjwe icyaha cyo gucura umugambi wo kugirira nabi ubutegetsi buriho. Umushinjacyaha yavuze ko Ingabire yacuze umugambi wo gukoresha imyigaragambyo itemewe, imyigaragambyo ngo yagombaga kubera muri Rond point mu mujyi wa Kigali rwagati.

    Mu ijwi ryafashwe rya Ingabire avugira kuri telephone ryavugirijwe mu rukiko yumvikana ari kumwe n’abandi mu nama bavugana ibigomba gukorwa muri iyo myigaragambyo avuga ko hagomba gukoreshwa “abamotari” nk’abasakaza ubutumwa vuba no kuba bateza akaduruvayo mu buryo bwihuse.

    Umushinjacyaha asobanura ko iyo myigaragambyo yateguwe mu rwego rwo gushyira mu bikorwa imigambi n’ingamba abayoboke be bari bize mu mahugurwa yo guhirika ubutegetsi hatifashishijwe intwaro. Urubanza ruracyakomeje.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Guterres asaba ko Afrika ihabwa ikibanza ntayegayezwa mu Nama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi

    Abategetsi

    Akomerwa amashi menshi, António Guterres ashimangira ko Afrika ikwiye guhabwa n’imiburiburi ikibanza kimwe ntayegayezwa mu Nama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi (UN Security Council).

    Yabwiye abo bategetsi ati: “Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yo mu kinjana ca 21 idafise ibibanza ntayegayezwa bigenewe Afrika ntibereye kandi ntishobora gusigurika. Ibi bitegerezwa guhinduka”.

    Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi ifise ibihugu bitanu bifise ibibanza ntayegayezwa. Ivyo ni Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Iyo Nama imaze igihe inengwa kubera ko yubakiye ku mushinge w’ingene isi yari imeze inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, igihe ibihugu vyinshi vya Afrika vyari bikiri mu bukoloni.

    Ibibanza 10 bisigaye muri 15 bigize iyi nama, bitangwa hisunzwe uturere tw’isi. Ariko bitandukanye na vya bihugu bitanu ntayegayezwa kuko ivyo bindi 10 nta bubasha bifise bwo guhagarika icemezo bikoresheje veto.

    Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (African Union) umaze igihe usaba ko Afrika ihabwa ibibanza bibiri ntayegayezwa muri iyo Nama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, hamwe n’ibindi bibanza bibiri vy’igihe gito.

  3. ‘Turarambiwe’- Umukuru wa ONU asaba abategetsi gufasha guhagarika indyane mu Buseruko bwo Hagati

    Gutieres

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Mw’ijambo ryiwe, umunyamabanga mukuru wa ONU, yagarutse ku ntambara zibera mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati, aho yavuze ko “indyane ziriko zirakwiragira kandi zigatuma izindi ndyane zikomera”.

    Yavuze kandi ko ivyo bita amasezerano yo guhagarika intmabara ata mahoro arama yazanye, ahubwo ko vyatumye gusa intambara zigabanura ubukana mu gihe gito, abasivire nabo bakabandanya bahababarira.

    Ati: “Turarambiwe”. Yabivuze asaba abategetsi b’isi bakoraniye mu nama nkuru ya ONU gufasha mu kugabanya ubukana bw’indyane no gushira imbere ibiganiro muri ako karere.

    Guterres yongeye ati: “Reka twese dutange ubutumwa butomoye — intambara zitegerezwa guhagarara, imfashanyo z’abagiraneza zitegerezwa gushikira abazikeneye, kandi uburenganzira bwo gukoresha inzira zo mu mazi hamwe n’umwidegemvyo wo kugenderamwo bitegerezwa gusubizwaho bwuzuye, hakurikijwe amategeko mpuzamakungu”.

    Umunyamabanga mukuru wa ONU kandi yavuze ko isi idakwiye “kwirengagiza ibintu bibabaje cane bibera mu turere twa Palesitina twigaruriwe na Israel”.

    Yavuze ko impande zose zitegerezwa kwubahiriza amategeko mpuzamakungu, kandi ko “ubwicanyi, ukwimurwa kw’abanyagihugu n’ukwiyagurira uturere bikorwa na Israel muri Cisjordanie/West Bank, biriko bisibanganya inzira y’amahoro”.

    Guterres yavuze ati: “Ntidushobora kureka ngo umugambi w’amahoro ushingiye kw’ishingwa ry’igihugu bibiri ngo uzimangane turorera”.

  4. Abategetsi b'ibihugu vyo kw'isi yose bakoraniye i New York mu nama ya bose y'ishirahamwe ONU

    Trump

    Ahavuye isanamu, REUTERS

    Insiguro y'isanamu, Donald Trump mu bakuru b'ibihugu bamaze gushika ku cicaro c'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York.

    Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi yose bakoraniye i New York, aho Inama ya bose y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yatanguye.

    Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, António Guterres, yashikirije ijambo ryo kwugurura iyi nama, aho yavuze ko “ubusumbasumbane buriko buriko biriyongera kw’isi yose.

    Mw’iryo jambo ryiwe, Guterres yasavye ko haba utwigoro twinshi two kurwanya ihindagurika ry’ibihe no kugabanya ubusumbasumbane buri hagati y’abantu n’ibihugu.

    Yanasavye ko hashirwaho amategeko agenga ikoreshwa ry’ubwenge bukorano, avuga ko ubu buhinga “buriko bugenda ku muvuduko usumba mbere n’ababutanguje bo nyene ubwabo.”

    Bitegekanijwe ko abakuru b’ibihugu batandukanye bazogenda bashikiriza amajambo, Perezida Donald Trump akaba yamaze gushika ku cicaro c’iri shirahamwe, aho vyitezwe ko ashikiriza ijambo ririmwo ibibazo bitari bike bihanze isi, harimwo n’umugambi wa nikleyeri wa Irani.

  5. Turukiya: Abanyeshure 11 bakomeretse mu gitero cabaye kw’ishure

    imodoka y'igipolisi ahabereye ico gitero

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Abanyeshure 11 bakomeretse inyuma y’aho umuntu arasiye hanze y’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Manisa, mu burengero bwa Turkey.

    Abategetsi bavuga ko babiri muri bo bakomeretse cane kandi ubuzima bwabo buri mu kaga.

    Ibi vyabereye kw’ishure ryisumbuye ry’imyuga n’ubuhinga, Inci Uzmez Vocational and Technical Anatolian High School, riri mu ntara ya Manisa mu burengero bwa Turukiya. Bivugwa ko abakomeretse bose ari abanyeshure.

    Amashusho yafashwe n’ivyuma bicungera umutekano (CCTV) asa n’ayerekana uwo muhungu ariko agenda mu mabarabara afise inkoho. Ayandi mashusho amwerekana ariko arahunga aho ico gitero cabereye, agifise iyo nkoho.

    Umushikiranganji w’ubutungane wa Turkey, Akın Gürlek, yavuze ko nyina, se na sekuru b’uwo muhungu na bo bafashwe. Sekuru ni we bivugwa ko yari nyene iyo nkoho.

    Imvo yatumye ico gitero kiba ntiramenyekana. Amategeko ya Turukiya ategekanya ko uwo muhungu abanza kurengutswa imbere y’umucamanza imbere y’uko afungwa icese.

    Ubushikiranganji bw’indero bwavuze ko ico gitero cababaje igihugu cose, na cane cane abari mu gisata c’indero. Bwarungitse abakora amatohozai batatu bava ku rwego rw’igihugu i Manisa.

    Ni igitero ca gatatu c’amasasu kibereye kw’ishure muri Turukiya muri uyu mwaka. Ibitero bibiri vyahitanye abantu muri Ndamukiza (4) vyatumye reta ikomeza amategeko abuza abantu gutunga ibirwanisho hamwe no gukomeza umutekano wo ku mashure.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Rwanda: Umukuru wa FERWAFA yasinye amasezerano y'igihano gisubitswe, ihazabu no gufungurwa

    Shema Fabrice Ngoga

    Ahavuye isanamu, FERWAFA

    Umukuru wa Ferwafa Shema Fabrice Ngoga n’Ubushinjacyaha bemeranyije amasezerano yo kumuha igihano cy’igifungo gisubitswe cy’amezi 6 no gutanga ihazabu ya Amafaranga miliyoni 3.

    Umunyamategeko wa Shema Fabrice Ngoga, Me Christophe Niyomugabo, yemereye BBC ko urukiko rwisumbuye rwa Nyarugenge rwemeje amasezerano y’ubwumvikane hagati y’umukiliya we n’ubushinjacyaha.

    Ni inyuma y’uko Shema agaragaye ku cyicaro c’urukiko kuri uyu wa kabiri, umwunganizi we akavuga ko yari yazanywe no gushrira umukono kuri ayo masezerano.

    Muri ayo masezerano Shema Fabrice Ngoga yemeye ibyaha 2 yari akurikiranyweho byo gutanga sheki itazigamiwe no kwihesha ikintu cy’undi hakoreshejwe uburiganya.

    Shema yamaze kwishyura ibihumbi 600$ ni ukuvuga sheke y’ibihumbi 400$ n’indi y’ibihumbi 200$ yishyura sosiyete ya izwi nka ABZL International General Trading ikorera muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu hakurikijwe amasezerano y’ubucuruzi hagati yayo n’isosiyete Shema abereye umuyobozi, Afrika Medical Supply, ikora ubucuruzi bw’ibikoresho by’ubuvuzi.

    Me Niyomugabo avuga ko urukiko rwahaye Shema Fabrice igihano cy’igifungo cy’amezi 6 gisubitswe mu gihe cy’umwaka 1 n’ihazabu y’amafaranga y’u Rwanda miliyoni 3.

    Me Christophe Niyomugabo yabwiye BBC ko hisunzwe aya amasezerano Ngoga Fabrice agomba gufungurwa akava muri gereza ya Mageragere uyu munsi.

  7. Sudani y'Epfo: Perezida Salva Kiir yemeje impinduka kw'itegeko ry'amatora

    Perezida wa Sudani y’Epfo, Salva Kiir, yikoze kw'itama.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Perezida wa Sudani y’Epfo, Salva Kiir, yashize umukono ku mpinduka kw’itegeko ry’amatora, kugira amatora ategekanijwe ku wa 22 Kigarama (12) ashobore kuba, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribivuga.

    Impinduka zirimwo zikuraho ingingo yasaba ko habanza kubaho ibwirizwa nshingiro rihoraho no guharura abanyagihugu bose imbere y’uko haba amatora.

    Reta ivuga ko impinduka zirimwo ari izikuraho ivyari gushobora gutuma amatora ataba. Ayo matora yoba abaye ubwa mbere muri Sudani y’Epfo kuva ico gihugu cikukiye mu 2011.

    Izo mpinduka zitegekanya ko umukuru w’igihugu asanzwe ari ku butegetsi azoguma mu mabanga gushika uwatsinze amatora ayinjiyemwo. Zitegekanya kandi ko icegera ca mbere n’ibindi vyegera vy’umukuru w’igihugu biva mu mabanga mu mezi atatu imbere y’amatora.

    Ziragabanya igitigiri c’abashingamateka, kikava kuri 650 kikaja kuri 270.

    Ariko urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, South Sudan Opposition Alliance, rwaranse izo mpinduka. Ruvuga ko yemejwe ata mwumvikano ukwiye wabaye hagati y’abateye umukono ku masezerano y’amahoro yo mu 2018, urwo runani na rwo nyene rwateyeko umukono.

    Umugambwe wa mbere ukomeye utavuga rumwe n'ubutegetsi, SPLM-IO, wa Riek Machar, na wo uvuga ko amatora adashobora kuba yigenga kandi yizewe mu gihe ingingo nyamukuru z’ayo masezerano zitarashirwa mu ngiro.

    Machar afunzwe icamaso kuva muri Ntwarante (3) mu 2025 kandi ariko araburanishwa ku vyaha birimwo uguhemukira igihugu n’ubwicanyi, ivyo we ahakana.

    Kwandika abazotora ntibiratangura.

    Mu ndwi iheze, Perezida Kiir yarasubirije umukuru w’umurwi utegura amatora, ariko ntiyavuga igituma.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Uganda isaba ko intambara zo mu Buseruko bwo Hagati zitorerwa umuti mu mahoro

    umukuru wa uganda , yoweri kaguta museveni yambaye ishati yera

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Reta ya Uganda yasavye ko amatati n’intambara bibera mu buseruko bwo hagati bitorerwa umuti biciye mu biganiro vy’amahoro.

    Mw’itangazo ryasohowe ku wa mbere n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Uganda yavuze ko idashigikira intambara zidafise ishingiro.

    Yasavye impande zose kwemera ko Israel ibaho nk’igihugu, ariko n’Abanyapalestina bagahabwa uburenganzira bwo kugira igihugu cabo.

    Reta ya Uganda yavuze ko igice kinini c’ingorane zo muri ako karere giterwa n’uko ico kibazo kitigeze gitorerwa umuti ubereye.

    Ku bijanye n’umugambi wo gukoresha inguvu za nikleyeri mu bikorwa vy’amahoro, Uganda yavuze ko ico kibazo gikwiye gutunganywa hakurikijwe amategeko mpuzamakungu.

    Reta ya Uganda yaneguye kandi politike ishingiye ku moko no ku madini, ivuga ko ari ikosa ryo mu mitekerereze no kuri kazoza kandi ko ari "uburozi" ku kibazo ico ari co cose.

    Iryo tangazo rivuga ko bimwe mu bihugu vya Afrika, harimwo na Uganda muri kahise, vyigeze gusamburwa "n'ubu burozi" buvuye ku macakubiri ashingiye ku moko no ku madini.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. CNN, MS NOW na Politico bitwariye Trump kubera kubuzwa kwinjira muri White House

    Ifoto ngufi igaragaza Perezida wa Amerika Donald Trump yambaye ikote areba ku ruhande.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Perezida Trump yavuze ko umurwi wiwe uzokwunguruza urwo rubanza

    Ibimenyeshamakuru CNN, Politico na MS NOW vyavuze ko bigiye kwitwarira ubutegetsi bwa Trump, inyuma y’aho ivyo bimenyeshamakuru bitatu vyo muri Amerika bibujijwe kwinjira mu nyubakwa perezida w’ico gihugu akoreramwo, izwi nka White House.

    Ku wa gatanu uheze, Perezida Donald Trump yatangaje ko ivyo bimenyeshamakuru bibujijwe kwinjira muri White House, avyagiriza kwandika "inkuru z’ibinyoma" ku bagize umurwi wiwe. Ivyo bimenyeshamakuru vyavuze ko ku wa gatandatu uheze abanyamakuru bavyo bankiwe kwinjira muri iyo nyubakwa.

    Mw’itangazo basohoreye hamwe ku wa mbere, bavuze ko bagiye kwitura ubutungane kugira "barwanire ingingo y’uko atari reta ifata ingingo y’ivyo ibimenyeshamakuru bitangaza".

    Inyuma y’aho, ibimenyeshamakuru bikomeye vyo muri Amerika vyarahagaritse ivy’agateganyo gukurikirana Trump, igihe yari agiye i New York mu Nama Nkuru ya ONU. Mu nyuma, White House yaciye ishirako shene yitwa Trump TV yo gutangaza ayo makuru.

    Trump, mu kwishura ku makuru y’uko ivyo ibimenyeshamakuru bigiye kumwitwarira, yavyise "abatwenza bo ku rwego rwo hasi" hamwe n'"ibinyamakuru vy’amanyanga kandi vyuzuye ibiturire", avuga ko "bifata minenerwe kandi bigasuzugura" ivyo amaze gushikako.

    Umunyamakuru wa MS NOW ariko aratangaza amakuru ari kw’ibarabara hanze y’inyubakwa ya White House. Yambaye ikote yirabura.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umunyamakuru wa MS NOW ariko aratangaza amakuru ari kw’ibarabara hanze y’inyubakwa ya White House

    Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ati: "Abantu n’ibimenyeshamakuru bitanga amakuru y’ibinyoma bandika gusa ibibi, kandi bahungabanya umutekano w’igihugu cacu mu kwandika inkuru z’ibinyoma kandi zicafuza umuntu, zitangwa n''amasoko' atazwi, ntibakwiye kwemererwa kwinjira mu biro bihambaye kuruta ibindi vyose kw’isi."

    Yongeyeko ko "ata gukekeranya" umurwi wiwe uzokwunguruza urwo rubanza.

    Ihinyanyura rya mbere (canke 'First Amendment') ryagizwe kw'Ibwirizwa Shingiro rya Amerika, rirabuza reta kubangamira umwidegemvyo w’ibimenyeshamakuru.

    Sentare zisanzwe zisigura iyo ngingo nk’iyibuza reta kuvangura ibimenyeshamakuru ifatiye ku vyo bitangaza.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Iran igomba kwambura intwaro aba-Houthi bo muri Yemen – G7

    Abarwanyi b’aba-Houthi bari ku burinzi mu gihe cy’imyigaragambyo yo kwamagana Arabie Saoudite, mu murwa mukuru Sana'a wa Yemen.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Abaminisitiri b’ububanyi n’amahanga bo mu itsinda ry’ibihugu bikize ku isi rya G7 basohoye itangazo bahuriyeho bavuga ko Iran igomba “kureka guha intwaro n’ubufasha” aba-Houthi bo muri Yemen.

    G7yamaganye kandi “mu magambo akomeye cyane” ibitero by’aba- Houthi kuri Arabie Saoudite, yongeraho ko kuba imirwano yabo n’ingabo zishyigikiwe na Arabie Saoudite yarafashe indi ntera mu bihe bya vuba aha bishize, biteje inkeke ku kwihaza mu ngufu muri ako karere no ku rwego rw’isi.

    Mu minsi ya vuba aha ishize, impunzi zibarirwa mu bihumbi zahunze Yemen nyuma yuko uwo mutwe ufashwa na Iran ufashe ubutaka bwo ku nkombe y’icyo gihugu ikora ku Nyanja Itukura, burimo n’ubwo hafi y’Ubunigo bwa Bab al-Mandab, inzira y’ingenzi cyane inyuramo ibicuruzwa bijya hirya no hino ku isi.

    Mbere, Iran yahakanye guha intwaro aba-Houthi ndetse ivuga ko ibafasha gusa mu rwego rwa politike.

    G7 isohoye iryo tangazo mbere y’inama ngarukamwaka y’inteko rusange y’Umuryango w’Abibumbye (ONU) ibera i New York muri Amerika, aho Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian yitezwe kuvuga ijambo.

    Ba minisitiri b’ububanyi n’amahanga b’Ubwongereza, Canada, Ubufaransa, Ubudage, Ubutaliyani, Ubuyapani n’Amerika bagize bati: “Dusabye aba-Houthi guhagarika aka kanya ibikorwa bya gisirikare, inkeke zose n’ibitero byose ku mato y’ubucuruzi ya gisivile, no gusubira mu nzira ya politike bya nyabyo.”

    Basohoye iryo tangazo nyuma y’inama bagiranye iruhande rw’inama y'inteko rusange ya ONU.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Burnham avuga ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo ya gisirikare 'yo kwikingira'

    Indege y'igisirikare c'Ubwongereza yo mu bwoko bwa voyager iriko iraguruka.

    Ahavuye isanamu, NurPhoto via Getty Images

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Andy Burnham yavuze ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo "yo kwikingira" mu guha igitoro indege z’intambara zikiri mu kirere, inyuma y’ibitero ico gihugu cagabweko n’aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran.

    Bivugwa ko iyo mfashanyo ishobora gutangura mu misi iri imbere, kandi ko izotangwa hakoreshejwe indege imwe y’Ubwongereza yo mu bwoko bwa Voyager, iri ku birindiro vy’igisirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza, RAF, biri i Akrotiri muri Chypre.

    Umushikiranganji wa mbere yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho Arabia Saoudite isabiye Ubwongereza "imfashanyo ya gisirikare", akaba yayemeye abigiriwemwo inama n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi Wes Streeting hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Ed Miliband.

    Abategetsi bo muri reta y'Ubwongerezabavuze ko iyo mfashanyo "izotangwa mu gihe gito", kandi ko mu ntango ishobora kumara igihe giharurwa mu "ndwi".

    Aba Houthi bari mu ntambara yo hagati mu gihugu na reta ya Yemen, ishigikiwe na Arabia Saoudite.

    Mu misi iheze, aba Houthi bo muri Yemen bavuze ko bagavye ibitero bakoresheje indege zitajamwo abadereva hamwe na misile zo mu bwoko bwa ballistic ku murwa mukuru wa Arabia Saoudite, Riyadh, no ku bibanza vy’amasoko ntanganguvu biri ku nkengera y’Ikiyaga gitukura.

    Abategetsi b’Ubwongereza bavuga ko imfashanyo "yo kwikingira" ishobora kuba irimwo gufasha indege z’igisirikare kirwanira mu kirere ca Arabia Saoudite kurasa no gusambura misile n’indege zitajamwo abadereva z’aba Houthi ziba ziriko ziraza gutera.

    Indege imwe yo mu bwoko bwa Voyager izokoreshwa muri ico gikorwa iri mu ndege icenda zo muri ubwo bwoko zikoreshwa n’igirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza (RAF). Umunani muri zo zanditswe nk’indege za gisirikare, iyindi imwe ikaba yanditswe nk’indege ya gisivile.

    RAF kandi ifise izindi ndege zitanu zishobora guhamagarirwa ibikorwa vya gisirikare igihe bikenewe.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.