Mwakoze kubana natwe!
Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyarangirije uyu munsi, ni ah’ejo.
N’ubwo Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari yatangaje ko ibikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu bitazogabwako ibitero, Ukraine ivuga ko ivyo bitero bibandanya.
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Gisèle Berwa
Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyarangirije uyu munsi, ni ah’ejo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuntu umwe yapfuye, abandi benshi barakomereka mu mpanuka yabereye ku gikoresho cy’imyidagaduro cya rollercoaster muri pariki ya Six Flags Over Georgia, hafi ya Atlanta muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Polisi yo mu karere ka Cobb yavuze ko yatangiye iperereza, ariko ntiratangaza icyateye urupfu cyangwa umwirondoro w’uwapfuye.
Amashusho yafashwe mu kirere yagaragaje rollercoaster yitwa Goliath yahagaze hagati mu rugendo, abari bayirimo barimo gufashwa kuyivamo.
Abatangabuhamya babwiye ibitangazamakuru byo muri ako gace ko babonye umugabo ava mu mwanya yari yicayemo, agonga icyo gikoresho na bamwe mu bari bakirimo, mbere yo kugwa hejuru y’inyubako yari hafi aho. BBC ntirashobora kwemeza ubwigenge uko ibyo byagenze.
CiCi Nelson wari utegereje kujya kuri Goliath yavuze ko yabonye igarutse irimo intebe irimo ubusa, igikoresho cyayo cy’umutekano gifunguye, n’umukobwa wari yuzuye amaraso.
Six Flags yavuze ko ibabajwe cyane n’ibyabaye kandi ko iri gukorana n’inzego zibishinzwe mu iperereza. Yahagaritse by’agateganyo ibindi bikoresho icyenda byo muri Amerika na Canada kugira ngo umutekano wabyo ubanze kugenzurwa.
Goliath yatangiye gukoreshwa mu 2006. Ifite ubuhagarike bwa metero 60 kandi ishobora kugendera ku muvuduko wa kilometero 112 mu isaha.

Ahavuye isanamu, PA Media
Umukuru wa MI5, urwego rw’Ubwongereza rujejwe iperereza ryo mu gihugu, yavuze ko ubu rukoresha uburyo bwinshi mu gukingira igihugu ibikorwa vy’ibihugu vy’amahanga kurusha uko vyari biri mu gihe c’Intambara yo kurabana ay'ingwe.
Sir Ken McCallum yavuze ko ibikorwa vyo guhungabanya umutekano w’Ubwongereza vyongerekanye incuro zine mu myaka 10 iheze, yita Uburusiya “umwansi wa mbere”.
Yagirije Moscou kugaba ibitero mu buryo budatomoye kugira ihungabanye ibihugu vya Buraya, ariko ikirinda gutera ku mugaragaro igihugu kiri muri OTAN. Yavuze ko kwirukana ba maneko b’Uburusiya hafi 1.000 vyatumye Moscou itangura guha amafaranga abagizi ba nabi kugira bayikorere.
McCallum yavuze kandi ko Iran iriko iragura ibikorwa vyayo mu Bwongereza. Mu mwaka uheze, abantu 50 barafashwe bakekwako ibikorwa bifitaniye isano na Iran. Yavuze ko bimwe muri ivyo bikorwa vyibasiye Abayahudi n’ibibanza vya gisirikare.
Ku bijanye n’ubwenge buhinguwe, yavuze ko MI5 yafashe abantu bakekwako iterabwoba bariko barabukoresha mu gutegura ibitero no mu kuyobora utudege tutajamwo abadereva.
Yagabishije kandi ko iyo buhinga ishobora gukoreshwa mu guhingura ibirwanisho bikwiragiza indwara. MI5 yaciye ishinga ikigo kijejwe gusuzuma akaga gaterwa n’ubwenge buhinguwe.

Ahavuye isanamu, Wirestock/Getty Images
Indege ya British Airways yari yerekeje i Faro muri Portugal yabwirijwe gusubira ku kibuga c’indege ca Gatwick, inyuma y’amakuru avuga ko rimwe mu madirisha yayo ryasadutse iri mu kirere.
Iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A321, inomero BA2660, yahinduye inzira igeze hejuru y’uburaruko bushira uburengero bw’Ubufaransa, isubira i Gatwick aho yashitse ata nkomanzi.
Igihe ico kibazo caba, umudereva yaratanze ikimenyetso co gutabaza citwa 7700, gikoreshwa iyo indege yagize ikibazo mu vy’ubuhinga.
Ishirahamwe British Airways ryavuze ko urugendo rwahagaritswe kubera “ikibazo gitoyi mu vy’ubuhinga”, yongera ivuga ko ingenzi zateguriwe kubandanya urugendo mu nyuma.
Ivyo bibaye haciye imisi mikeyi iyindi ndege y’iryo shirahamwe yari yerekeje i Chicago isubiye ku kibuga ca Heathrow kubera ikibazo cihutirwa. Ico gihe, ivyuma bifasha guhema vyaramanutse, ingenzi na zo zivuga ko indege yazungagiye cane.
Muri Myandagaro (8), Umunya Serbie Ljubisa Karović yarakomeretse cane inyuma y’uko igice c’umubiri wiwe gikwezwe hanze giciye mw’idirisha ry’indege ya Ryanair. Iryo shirahamwe ryavuze ko iryo dirisha rishobora kuba ryarakubiswe n’ikintu cari kivuye hanze y’indege.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikinyamakuru The Wall Street Journal kivuga ko bamwe mu bategetsi ba Iran bagabishije ibihugu vyo mu karere ko ingabo zabo zishobora kwinjira mu bihugu bibanyi, Amerika niyasubira kugaba ibitero kuri Iran.
Ico kinyamakuru, gisubiramwo abantu bazi ivy’izo mburi, kivuga ko Iran iriko irakomeza uburyo bwo kwikingira ibitero, ikongera ikitegurira intambara ishobora gusubira inyuma y’amatora ya hagati mu kiringo muri Amerika ategekanijwe mu ntango za Munyonyo (11).
Abo bategetsi ntibavuzwe amazina, kandi ibihugu bishobora guterwa ntivyadomweko urutoke. Ariko Iran ngo yaragabishije ibihugu vy’Abarabu ko ibitero bishasha vya Amerika vyotuma intambara ikwiragira mu karere kose. Yavuze kandi ko ibibanza vya Arabia Saoudite bicukurwamwo canke bitunganyirizwamwo ibitoro bishobora guterwa.
The Wall Street Journal ivuga ko amafoto yafashwe n’ibigendajuru yerekana ko Tehran iriko irakomeza umutekano ku bibanza bikomeye, harimwo ibijanye n’umugambi wayo w’ubuhinga bwa nikleyeri hamwe n’imbibe z’igihugu.
Iran kandi iriko irategura abanyagihugu ku ntambara ishobora gusubira. Muri ivyo harimwo kubigisha gukoresha ibirwanisho birasa indege no kurungika abagize imirwi ifasha igisirikare mu mashure mato mato kugira biganire abana inkuru z’intambara.
Mohsen Rezaei, umunyamabanga w’Inama nkuru ya Iran ijejwe umutekano, na we yagabishije ku w’Imana ko intambara niyasubira gukomera, Iran izotera ku ntsinga zihanahana amakuru, ibibanza bibikwamwo amakuru menshi hamwe n’ibikoresho bikoresha ubwenge buhinguwe biri mu karere.
Ariko ico kinyamakuru kivuga ko amajambo akomeye y’abategetsi ba Iran ashobora kandi kuba agamije gukura amaso y’abanyagihugu ku bibazo vy’ubutunzi biriko birunyuka, mu gihe Amerika yabandanije gukaza ibihano yafatiye Tehran.
Izindi nkuru wosoma:

Ahavuye isanamu, Reuters
Papa Leo XIV yinjiye ibitaro Gemelli i Roma, aho ategekanywa kubagwa ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri kugira abaganga bamukuremwo akavyimba gatoyi kari kw’i9haha ryiwe rimwe, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribivuga.
Ku w’Imana, uwo mukuru wa Ekleziya Gatolika w’imyaka 71 yari yatangaje ko ako kavyimba kabonetse mu gihe yariko arasuzumwa kwa muganga. Yavuze ko kakiri ku rugero rwa mbere kandi ko katarakwiragira cane.
Vatican yemeje isaha yo kumubaga inyuma y’uko Papa Leo abonetse ava i Vatican ari mu modoka nyinshi zamuherekeje gushika ku bitaro Gemelli, biri ku bilometero hafi icenda uvuye i Vatican.
Ibiro vya Vatican bivuga ko vyitezwe ko Papa amara hafi indwi ariko arakira. Ibikorwa vyiwe vyose vyo ku mugaragaro vyarahagaritswe gushika ku wa 20 Gitugutu (10).
Abaganga bavuga ko utuvyimba two ku mahaha dushobora kuba atari kanseri. Ishirahamwe ry’abaganga b’amahaha ryo muri Amerika rivuga ko munsi ya 5% vy’utuvyimba nk’utwo ari two basanga ari utwa kanseri, naho bishobora kuvana n’imyaka umuntu afise, n'ubunini bwatwo.
Papa Leo yatowe muri Rusama (5) 2025. Nta ndwara ikomeye yari asanzwe azwi ko afise kandi arakunda inkino, harimwo tennis.
Arafise urugendo rw’imisi 11 ategekanya kugirira muri Uruguay, Argentine na Peru kuva ku wa 6 gushika ku wa 17 Munyonyo (11). Ku w’Imana yavuze ko ategekanya kurugira nk’uko rwari rwatunganijwe.
Izindi nkuru wosoma:

Ahavuye isanamu, Dmytro Vlasov/BBC
Uwahoze ari umugaba mukuru w’ingabo za Ukraine yabwiye BBC ko Ukraine yagumishije hamwe imirongo y’imbere ku rugamba ndetse ko “yamennye [yashenye] ubushobozi bw’Uburusiya bwo gutera intambwe” ibinyujije mu kwica abasirikare babwo benshi cyane.
Jenerali Oleksandr Syrskyi yabivugiye mu kiganiro yagiranye na BBC yonyine, cya mbere akoze nyuma yuko yirukanwe kuri uwo mwanya mu buryo butunguranye ku mpeshyi y’uyu mwaka.
Yavuze ku iyirukanwa rye, ntiyemeranya n’abamunenga bavuze ko ari “umuntu ujyana n’ibya kera” cyane utashobora kuyobora ingabo za Ukraine zigezweho, zikoresha ikoranabuhanga rikataje.
Yanavuze ku birego by’abasirikare yahoze ayobora, babwiye BBC ko bategetswe kuguma mu birindiro byabo n’igihe babaga ari nkaho bagoswe neza neza n’abasirikare b’Uburusiya, ibyo bikabaviramo kwicwamo benshi.
Syrskyi yavuze ko ibyo Uburusiya bwatakaje muri iyi ntambara bikubye inshuro esheshatu ibyo Ukraine yatakaje. Yongeyeho ati: “Ubaze abapfuye bonyine, aho ho bakubye inshuro 11 [abapfuye ku ruhande rwa Ukraine].”
Yaba Uburusiya, yaba Ukraine, nta ruhande rwatangaje imibare y’abasirikare barwo bamaze kwicirwa muri iyi ntambara. Igisirikare cya Ukraine kivuga ko muri uyu mwaka cyaciye umuhigo wo kwica abasirikare ba mbere benshi cyane b’Uburusiya muri Nzeri (9), nubwo ibyo bidashobora kugenzurwa.
Abakuru b’ubutasi bw’Ubwongereza bagereranya ko Uburusiya bwatakaje abasirikare bagera ku 500,000 biciwe muri Ukraine kuva Uburusiya bugabye igitero gisesuye kuri Ukraine mu 2022. Hagati aho, ikigo cy’ubushakashatsi cyo muri Amerika cyitwa ‘Center for Strategic and International Studies’ cyemeza ko Ukraine yapfushije abasirikare bagera ku 150,000 bishwe kugeza muri Kamena (6) muri uyu mwaka wa 2026.
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wungirije wa polisi y’Afurika y’Epfo yeguye nyuma y’ibyumweru bitatu arezwe ibyaha by’ihohotera rishingiye ku gitsina.
Umunyamategeko uhagarariye Liyetona Jenerali (Lt Gen) Shadrack Sibiya yatanze ibaruwa y’ubwegure bw’uwo mukiliya we mu iburanisha ku myitwarire ye ryabaye ku wa mbere, nkuko byatangajwe n’umuvugizi wa polisi.
Sibiya, w’imyaka 59, anashinjwa kugirana isano n’abakuru b’ibico by’abagizi ba nabi – ibirego byatumye ahagarikwa ku kazi ke mu mwaka ushize.
Ahakana ibyo birego, hamwe n’ibirego byuko yagiranye umubano n’umukobwa w’imyaka 16 ndetse akanafata ku ngufu umugore w’imyaka 18. Anaregwa icyaha cy’ubucuruzi bw’abantu.
Sibiya avuga ko rwose yagiranye imibonano mpuzabitsina n’uwo w’imyaka 18 ariko ko bari babyumvikanyeho.
Arafunze kuva ubwo yatabwaga muri yombi mu byumweru bitatu bishize.
Umuvugizi wa polisi Athlenda Mathe yatangaje ubutumwa ku rubuga nkoranyambaga rwa X avuga ko kuva muri polisi kwa Sibiya gufatwa nko kuhava mu gisebo kuko yari agikurikiranwe muri dosiye ijyanye n’imyitwarire, ubwo yeguraga.
Izindi nkuru wasoma:

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky avuga ko Uburusiya bwarashe ku bibanza bitandatu vy’ibikorwa remezo bijanye n’amasoko ntanganguvu muri Ukraine inyuma y’amasaha make Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, atangaje ko ivyo bihugu vyompi vyumvikanye guhagarika ibitero ku bibanza mwene ivyo.
N’ubwo Trump yari yatangaje ku wa Mungu ko agahengwe “kaja mu ngiro buno nyene”, Perezida wa Ukraine yavuze ko Uburusiya bwateye “sitasiyo zacu za gaz, ibikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu n’ibindi bibanza”.
Itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Ukraine, Ukrinform, ryavuze ko igisagara ca Izyum cagiye mu kizime inyuma y’igitero c’Uburusiya casambuye imihora y’umuyagankuba. Ibikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu n’ivy’indaraye za gariyamoshi na vyo nyene vyaratewe mu burengero bwa Ukraine.
Ku wa mbere, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yavuze ko Ukraine idakwiriye kuronka “agahengwe” gashobora gutangwa n’amasezerano yo guhagarika ibitero.
Zelensky yavuze ko abantu 33 bakomeretse mu bitero vyagabwe ku bikorwa remezo vy’inguvu hirya no hino muri Ukraine.
Yabwiye imboneshakure Fox News ati: “Twebwe nta gitero twagavye, ariko Uburusiya bwarateye sitasiyo zacu za gaz, ibikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu n’ibindi bibanza.”
Yongeyeko ati: “Nibaza ko iyo yari inyishu ya Putin kuri Perezida Trump.”
Amatati n’intambara biri hirya no hino kw’isi vyatumye ibiciro vy’ibitoro biduga, mu gihe amatora yo hagati y’ikiringo azwi nka ‘midterms’ yegereje muri Amerika. Ku wa gatanu, Trump yatangaje umugambi wo kwinjiza muri Amerika igitoro co mu bwoko bwa mazutu kiva mu Burusiya.
Ku wa mbere, ishirahamwe rya reta ya Ukraine rijejwe umuyagankuba, Ukrenergo, ryatangaje ko “habaye icikagurika ry’umuyagankuba” mu turere twa Kharkiv, Donetsk na Zaporizhzhia, kubera ibitero vy’Uburusiya vyatumberejwe ku bikorwa remezo n’ibikoresho vy’amasoko ntanganguvu.
Ukrenergo yavuze ko mu bice bimwe bimwe vya Ukraine hatangujwe uburyo bwo gukabukanya mu gutanga umuyagankuba, kugira ngo imiyoboro n’ibikoresho vyononekaye ntibirenze urugero rw’umuriro bishobora kwakira.
Mu butumwa yashize ku rubuga rwa X, Zelensky yavuze ko ivyo bitero vyerekana ko Uburusiya “butiteguriye kwemera amasezerano yo guhagarika ibitero ku bikorwa remezo vy’inguvu”.
Ku wa mbere ku mugoroba, umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, yanditse ku rubuga rwa Telegram ko indege ntoya itajamwo umudereva (drone) yateye inyubakwa ibamwo abantu y’amagorofa 25, mu karere ka Darnytskyi.
Yavuze ko imodoka nyinshi zari mu kibanza co hanze c’iyo nyubakwa na zo zafashwe n’umuriro. Umuntu umwe yarapfuye, abandi 11 barakomereka.
Igihe Trump yatangaza ubwa mbere ku wa Mungu amasezerano yo guhagarika ibitero ku bikorwa remezo vy’amasoko ntanganguvu, Zelensky yavuze ko ayo makuru yari "mashasha" kuri we, kuko atari azi ko amasezerano yari yatanguye gukurikizwa.
Ariko yashigikiye uwo mugambi wo guhagarika ibitero, awita “intambwe ihambaye igana ku guhagarika intambara, nimba ubu koko Abanyamerika bagiye kuvyinjiramwo bagakurikirana neza kugira Abarusiya bubahirize amasezerano yo guhagarika ibitero ku bikorwa remezo vy’inguvu”.
Izindi nkuru wosoma:
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.