Nta honyabwoko ry'abazungu riri muri Afrika y'Epfo, ambasaderi mushasha muri Amerika niko yabwiye BBC

- Umwanditsi, Ione Wells
- Umwanditsi, Mayeni Jones
- Umwanditsi, Ed Habershon
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Umuserukizi mushasha (Ambasaderi) wa Afrika y'Epfo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aranegura ivyo Donald Trump avuga ko hari ihonyabwoko ririko rirakorerwa Aba-Afrikaner b'abazungu , "nk'umu-Afrikaner yavukiye muri ico gihugu".
"Ubwo yoba ariko aravuga twebwe?" Ni ko Roelf Meyer yibuka ko yibajije igihe yumva ubwa mbere Perezida Donald Trump ariko arabivuga.
Inyishu yiwe ku vyo Perezida wa Amerika yavuze iratomoye.
Meyer yabwiye BBC ko ata bitero vy'ikivunga biriko biraba ku ba Afrikaners b'abazungu bo muri Afrika y'Epfo, akavuga ko afise ukuri kwose kwo kuvuga ibi nk'umu-Afrikaner.
Meyer yari umwe mu bahuza bakuru bafashije mu biganiro vyatumye ubutegetsi bw'inkehwa z'abazungu buzwi nka apartheid busenyuka muri Afrika y'Epfo mu myaka ya 1990. Yagenywe kuba ambasaderi wa Afrika y'Epfo muri Amerika muri Ndamukiza (4) uno mwaka, igihe imigenderanire hagati ya Amerika na Afrika y'Epfo yatosekara.
Mu kiganiro yagiranye na BBC, Meyer yavuze ko amakuru yerekeye ubwicanyi n'ubugizi bwa nabi muri Afrika y'Epfo yagiye atangwa nabi, kandi ntiyigeze aronka inyishu itomoye ku bijanye n'aho aya "makuru adatumbereye" yakomotse.
Mu mubonano yagiranye na Perezida Cyril Ramaphosa muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) mu mwaka uheze, Trump yagirije Afrika y'Epfo ko yariko ikora ihonyabwoko ku bazungu, aca yemerera aba-Afrikaners ubuhungiro muri Amerika.
Kuva uwo mwaka uheze, impunzi hafi 13.000 zarinjiye muri Amerika, kandi bose ni abanya-Afrika y'Epfo kiretse batatu bonyene.
Ubutegetsi bwa Trump butegekanya guha ubuhungiro abandi 17.500 b'Aba-Afrikaner b'abazungu mu mezi 12 ari imbere, nk'uko biri mu rwandiko rwarungikiwe inama nshingamateka na nkenguzamateka ku wa kabiri.
Umuvugizi wa Maison Blanche yabwiye BBC ati: "Perezida Trump yarahaye ubufasha Aba-Afrikaner basambanywa ku nguvu, bariko baramugazwa, bicwa kandi birukanwa mu vyabo hirya no hino muri Afrika y'Epfo".
Ivy'ihonyabwoko rivugwa ko ririko rirakorerwa abazungu bo muri Afrika y'Epfo biriyamirizwa n'imigambwe yose ikomeye yo muri ico gihugu, harimwo n'ayaserukira Aba-Afrikaner.
Ambasaderi Meyer yavuze ati: "Jewe ubwanje ndi Umu-Afrikaner wo muri Afrika y'Epfo, kandi ndashobora kuvuga ko ata kintu nk'ico kirigera kinshikira".
Meyer yavuze ko yipfuza kuganira na Trump ku bijanye n'uko ibintu vyifashe vy'ukuri, avuga ko kuba ari "Umu-Afrikaner yavukiye muri ico gihugu" bimpa "uburenganzira" bwo kuvuga kuri ico kibazo.
Ambasaderi Meyer yagize uruhara mu biganiro vyatumye apartheid isenyuka, akaba yari ahagarariye National Party, umugambwe wari urongoye igihugu ico gihe, mu gihe umukuru w'igihugu w'ubu, Cyril Ramaphosa, na we yari umwe mu bahuza bakomeye bari bahagarariye umugambwe African National Congress (ANC).
Meyer yavuze ko ukwizigiranira kuri hagati yiwe na Ramaphosa ari imwe mu mvo zatumye Perezida Ramaphosa amugena kugira afashe kunagura imigenderanire hagati ya Afrika y'Epfo na Amerika. Yavuze kandi ko Ramaphosa abonamwo inyungu kubona Meyer ari Umu-Afrikaner.
Meyer agira ati: "Ariko si naje hano guserukira Aba-Afrikaner bonyene".
Mu ndwi iheze, ubutegetsi bwa Trump bwatangaje ko bugiye gufata ingingo zo kugabanya uburenganzira bwo kuronka visa ku Banyafrika y'Epfo bavugwa ko bagize uruhara mu "gukumira" abazungu. Bwavuze kandi ko hashobora gufatwa izindi ngingo zo guhana abategetsi ba Afrika y'Epfo mu gihe batotorera umuti ico kibazo.
Ibiharuro vyo mu gipolisi ca Afrika y'Epfo vyerekana ko abenshi mu bakorerwa amabi muri Afrika y'Epfo, harimwo no mu matongo, ari abirabure.
Ubugizi bwa nabi buba mu matongo - akenshi buva ku busuma - ni ikibazo gihanze igihugu, ariko bugize igitigiri gito cane c'ubwicanyi bwose bubera muri ico gihugu.
Naho ata munyaporitike ahakana ko ubugizi bwa nabi ari ikibazo muri Afrika y'Epfo, abahinga benshi bavuga ko butari ku rugero rwo kwitwa "itoteza".
Umugambi wo guha ubuhungiro Aba-Afrikaner urafise aba-Afrikaner bo nyene ubwabo bawunegura muri Afrika y'Epfo.
Rudi Swanepoel, umupasitori w'i Johannesburg, yabwiye BBC ati: "Kubera iki ari Aba-Afrikaner b'abazungu ari bo bonyene bahabwa amahirwe yo guhungira muri Amerika? Iki gihugu kirahanzwe n'ubugizi bwa nabi bushingiye ku gitsina. Kubera iki batohitamwo abagore?"

Swanepoel avuga ko ata totezwa rihari, ko ahubwo ari "ugutakaza amahirwe" kuriko gutuma bamwe mu Ba-Afrikaner bumva ko barenganywa.
Ati: "Dukoresheje imvugo ngereranyo umukate, mu myaka 30 canke 40 iheze, abazungu bo muri Afurika y'Epfo ni bo bari biganziye uno mukate. Ariko kuva haje demokarasi, twategerezwa gutangura gusangira uno mukate hamwe n'ayo mahirwe".
Uretse ikibazo c'umutekano wo mu turere two hagati mu gihugu, ubutegetsi bwa Trump bwagarutse no ku zindi ngorane buvuga ko zihari muri Afrika y'Epfo. Muri zo harimwo imigambi isaba amakompanyi kwongereza igitigiri c'abakozi batari abazungu, hamwe n'itegeko ryemerera reta, mu bihe bidasanzwe, kwambura abantu amatongo ata ndishi itanzwe. Iyi migambi igamije gukosora ubusumbasumbane bushingiye ku moko bwagiye bubaho kuva kera.
Meyer agira ati: "Afrika y'Epfo ifise ingorane zijanye no gukinga ubugizi bwa nabi hamwe no kurwanya ubugizi bwa nabi."
Ariko yongerako ati: "Ni ikibazo kiri hose. Si ikibazo co mu mitumba ya kure. Si ibitero biba ku matongo gusa. Iyo uravye muri rusangi , urugero runini rw'ubugizi bwa nabi bubera mu turere tw'abirabure muri Afurika y'Epfo, kandi ku rugero runini kuruta ibindi bibazo".
Atera akamo Amerika gufasha Afrika y'Epfo kurwanya ubugizi bwa nabi, mu kuyironsa ibikoresho birimwo n'ibifasha abajejwe umutekano kwihuta mu gutabara igihe habaye igikorwa c'ubugizi bwa nabi.
Mu gihe kuri uno wa gatandatu, umurwi w'Aba-Afrikaner uhagarariye inyungu zabo utegura igikorwa co kwibuka abantu uvuga ko bishwe mu "bitero ku matongo", mu gushira imisaraba yera ibihumbi n'ibihumbi ku kibanza ciritiwe National Mall i Washington, Meyer afise ubutumwa ku Ba-Afrikaner.
Ati: "Ntaco bidufasha mu gushikana ijwi hanze y'igihugu, nimba tutiyemeje kugira ico dukoze imbere mu gihugu".











