Abashikiranganji ba Buraya bemeranije ibihano ku bimukira ba Israel baba muri Cisjordanie
Aabashikiranganji 27 b’Umuryango w’Ubumwe bw’Uburaya (EU) bemeranyijwe gufatira ibihano bishasha abimukira b’Abisirayeli bafashe ubutaka muri Cisjordanie cyangwa West Bank ya Palestine, kubera ukwiyongera kw’ubukazi n’ibitero bikorerwa Abanyapalestina muri ako karere kigaruriwe.
Dushingiye ku bitigiri vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kuva intambara yo muri Gaza itanguye mu kwezi kwa Gitugutu(10) 2023, ibitero bikorwa n’abimukira b’Abisirayeli vyariyongereye cane.
Ayo mazu y’Abisirayeli afatwa nk’ayatemewe n’amategeko mpuzamakungu yubatswe mu turere Israel yigaruriye muri Cisjordanie no mu Buseruko bwa Yeruzalemu; uturere Abanyapalestina bavuga ko dukwiye kuzoba igice c’igihugu cabo muri kazoza.
Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya mu bijanye n'imigenderanire n'ayandi makungu, Kaya Kallas, yavuze ku musi wa mbere ati: "Igihe kirageze ngo tuve mu mvugo tujane mu ngiro... Ubugesera n'ubugizi bwa nabi bitegerezwa kugira inkurikizi."
Ihinduka ry'ubutegetsi muri Hongrie ryahagaritse amezi y'uguteba gushirwa mu ngiro ry'ibihano bishasha vy'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya; Ibihano vyahagaritswe n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Viktor Orban, incuti somambike ya Israel.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Jean-Noël Barrot yanditse ku mbuga hwaniro ko Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya "uno musi wafatiye ibihano amashirahamwe akomeye ya Israel yagirizwa gushigikira ibibanza vy'intagondwa n'ubwicanyi muri Cisjordanie."
Ku rundi ruhande, umushikiranganji w'imigenderanire wa Israel, Gideon Saar, yavuze ko iyo ngingo ari "ya politike kandi idakurikije amategeko", avuga ko Israel izobandanya kugwanira uburenganzira bw'Abayahudi bwo kuba mu mutima w'igihugu cabo c'amavuko".