Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Kampala canke Nairobi? Ingene abakuru b’ibihugu vya Afrika bahisemwo hagati y’irahira rya Museveni n’Inama ya Ruto na Macron

Kuri uyu musi wa kabiri, ibisagara cya Nairobi na Kampala vyahindutse ikibanza gikuru c’imigenderanire na dipolomasi ya Afrika.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Abashikiranganji ba Buraya bemeranije ibihano ku bimukira ba Israel baba muri Cisjordanie

    Aabashikiranganji 27 b’Umuryango w’Ubumwe bw’Uburaya (EU) bemeranyijwe gufatira ibihano bishasha abimukira b’Abisirayeli bafashe ubutaka muri Cisjordanie cyangwa West Bank ya Palestine, kubera ukwiyongera kw’ubukazi n’ibitero bikorerwa Abanyapalestina muri ako karere kigaruriwe.

    Dushingiye ku bitigiri vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kuva intambara yo muri Gaza itanguye mu kwezi kwa Gitugutu(10) 2023, ibitero bikorwa n’abimukira b’Abisirayeli vyariyongereye cane.

    Ayo mazu y’Abisirayeli afatwa nk’ayatemewe n’amategeko mpuzamakungu yubatswe mu turere Israel yigaruriye muri Cisjordanie no mu Buseruko bwa Yeruzalemu; uturere Abanyapalestina bavuga ko dukwiye kuzoba igice c’igihugu cabo muri kazoza.

    Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya mu bijanye n'imigenderanire n'ayandi makungu, Kaya Kallas, yavuze ku musi wa mbere ati: "Igihe kirageze ngo tuve mu mvugo tujane mu ngiro... Ubugesera n'ubugizi bwa nabi bitegerezwa kugira inkurikizi."

    Ihinduka ry'ubutegetsi muri Hongrie ryahagaritse amezi y'uguteba gushirwa mu ngiro ry'ibihano bishasha vy'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya; Ibihano vyahagaritswe n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Viktor Orban, incuti somambike ya Israel.

    Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Jean-Noël Barrot yanditse ku mbuga hwaniro ko Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya "uno musi wafatiye ibihano amashirahamwe akomeye ya Israel yagirizwa gushigikira ibibanza vy'intagondwa n'ubwicanyi muri Cisjordanie."

    Ku rundi ruhande, umushikiranganji w'imigenderanire wa Israel, Gideon Saar, yavuze ko iyo ngingo ari "ya politike kandi idakurikije amategeko", avuga ko Israel izobandanya kugwanira uburenganzira bw'Abayahudi bwo kuba mu mutima w'igihugu cabo c'amavuko".

  2. ‘Twagutsinze ku rugamba, ntiwibwire ko uzadutsinda muri dipolomasi’, Umujyanama wa leta ya Iran asubiza Trump

    Ali Akbar Velayati, wahoze ari Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga wa Iran akaba ari umujyanama w’ubutetegetsi bwa Repubulika ya Kisilamu ya Iran mu bya politiki y’amahanga, yavuze asubiza amagambo aheruka gutangazwa na Perezida w' Amerika Donald Trump ati: “Twabatsindiye ku rugamba; ntimuzigere mutekereza ko muzatsinda muri dipolomasi.”

    Velayati yavuze ku magambo aheruka ya Trump, bamwe basobanuye nk’aho yashakaga gutera ubwoba Iran ayikangisha igitero cya nikereyeri.

    Yagize ati: “Trump arimo gutera Iran ubwoba akoresheje intwaro za nikereyeri, mu gihe bigaragara ko yemeye ibinyoma bya Pentagon byo guhisha imibare nyakuri y’abasirikare ba Amerika benshi bapfuye.”

    Yakomeje agira ati: “Bwana Trump, ntuzigere utekereza ko uzinjira i Beijing nk’uwatsinze kubera gukoresha nabi ituze dufite muri iki gihe.”

    Mu byo Trump aheruka gutangaza kuri iyi ntambara yavuze ko agahenge kari hagati yabo na Iran kari "ku byuma bifasha gutanga ubuzima" mu gusobanura ko ako gahenge katagifatika.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Kampala canke Nairobi? Ingene abakuru b’ibihugu vya Afrika bahisemwo hagati y’irahira rya Museveni n’Inama ya Ruto na Macron

    Kuri uyu musi wa kabiri, Afrika y’Ubuseruko yahindutse ikibanza gikuru c’imigenderanire ya dipolomasi ya Afrika, aho abakuru b’ibihugu n’intumwa zo ku rwego rwo hejuru bahisemwo hagati agati y’ibirori bibiri bikomeye:

    • Irahira rya Perezida Yoweri Museveni ryabereye i Kampala
    • N'inama ya Africa Forward Summit yatunganijwe na Perezida William Ruto wa Kenya na Emmanuel Macron w'Ubufaransa i Nairobi

    Inama ihuza abakuru b'ibihugu iraba uyu musi i Nairobi ari nayo isozera Africa Forward Summit ya Nairobi, yahuriranye kandi n'uko Yoweri Museveni arimwo kurahira gutwara ikiringo c’indwi.

    Ku bigagaraga, abategetsi bamwe bamwe nka Perezida w'Uburundi n'uwa Tanzania bari batangajwe mu bazitabira inama y'i Nairobi babonetse uyu musi i Kampala.

    Perezida wa Mozambique yaserutse mu bisagara vyompi abanje i Nairobi, naho Perezida Tshisekedi wari wabanje i Kampala uyu musi yakomereje i Nairobi.

    Abakuru b'ibihugu bitavye ibirori vy'i Kampala barimwo;

    • Perezida Évariste Ndayishimiye w’Uburundi,
    • Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania
    • Perezida Salva Kiir wa Sudani y’Epfo washitse ku wa mbere
    • Perezida Félix Tshisekedi wa RDC nawe nyene washitse ku wa mbere
    • Perezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somalia
    • Perezida Faure Gnassingbé wa Togo
    • Na Prezida Daniel Chapo wa Mozambique washitse uyu musi avuye i Nairobi

    I Kampala ibindi bihugu vyinshi vyarungitse intumwa zavyo.

    Hagati aho i Nairobi i Nairobi, Inama ya Africa Forward yakoranije abakuru b’ibihugu n’intumwa zitandukanye baganira ku bucuruzi, imigenderanire n’ubufatanye hagati ya Afrika n’Uburayi.

    Abakuru b'ibihugu babonetse i Nairobi barimwo;

    • Perezida Paul Kagame w'Urwanda
    • Perezida Bassirou Diomaye Faye wa Senegal
    • Perezida Boko Duma wa Botswana
    • Perezida Mamady Doumbouya wa Guinée
    • Perezida Fattah Al-Sisi wa Misiri
    • Perezida Hakainde Hichilema wa Zambia
    • Perezida Brice Oligui Nguema wa Gabon
    • Perezida Julius Maada Bio wa Sierra Leone
    • Perezida Joseph Nyuma Boakai wa Liberia
    • Perezida Mahamat Idriss Deby Itno wa Tchad
    • Perezida Daniel Chapo wa Mozambique
    • Prezida wa Komisiyo y'Umuryango w'Ubumwe bwa Afurika Mahmoud Ali Youssouf
    • Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
  4. Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Amerika na Iran kari ku 'cuma gitanga impwemu cane'

    Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano yo guhagarika intambara amaze ukwezi hagati ya Amerika na Irani ari ku “cuma gitanga impwemu cane” (ashobora guhera).

    Ku wa mbere, yabwiye abamenyeshamakuru bari mu cumba citwa Oval Office co mu biro vyiwe vya White House ko naho ako gahengwe kagikurikizwa “karagoyagoya cane”.

    Inyuma y’ayo majambo ya Trump, umukuru w’inama nshingamateka ya Iran Mohammad Ghalibaf yanditse ku rubuga hwaniro rwa X ko igisirikare ca Iran “citeguye kwishura no gutanga icigwa ku busotoranyi ubwo ari bwo bwose”.

    Ku wa mungu, Iran yashikirije Amerika ivyo isaba kugira intambara ihagarare no kugira hugururwe kandi umuhora wa Hormuz, biciye mu ciyumviro cayo co kwishura cashikirijwe Amerika. Trump yaciye yanka ivyasabwe, avuga ko ari “ikintu kidashoboka kwemerwa na gato” kandi ko ari “ubucafu gusa.”

    Inyuma y’ayo majambo ya Trump, Esmail Baghaei, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Iran n’ayandi makungu, yavuze ko ivyashikirijwe na Tehran "bishize mu gaciro" kandi ko birimo "gutanga cane".

    Inyuma y’aho yavuze ko igisirikare ca Iran citeguriye kwishura, Ghalibaf yongeye kwandika kuri X ko “nta yindi nzira iriho atari ukwemera uburenganzira bw’abanyagihugu ba Iran nk’uko bwashizwe mu ciyumviro c’ingingo 14”.

    Yagize ati: “Uko bazorushiriza guteba kuvyemera, ni ko abazotanga amakori muri Amerika bazorushiriza kubihomberamwo.”

    Itororokanirizo ry'amakuru Tasnim ryegukira reta ya Iran vy'igice ryatangaje ko ivyashikirijwe na Tehran birimwo guhagarika ubwo nyene intambara ku mpande zose – gukomoza ku bitero vya Israel bikibandanya ku murwi wa Hezbollah ushigikiwe na Iran wo muri Libani – guhagarika kuzibira kwo mu mazi gukorwa na Amerika ku bivuko vya Iran, hamwe n’ivyemezo vy’uko ata bindi bitero bizosubira kugabwa kuri Iran.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Lamine Yamal yazamuye ibendera rya Palestine mu kwishimira igikombe cya Barca

    Icyamamare mu mupira w’amaguru Lamine Yamal ukinira ikipe ya FC Barcelona yagaragaye azamura kandi azunguza ibendera rya Palestine ubwo ikipe ye yatambagiraga mu modoka mu mihanda y'i Barcelona bishimira igikombe cya shampiyona baherutse gutwara.

    Yamal w’imyaka 18 we na Barca ku cyumweru batsinze Real Madrid 2 – 0 mu mukino watumye bishimangira igikombe cyabo cya shampiyona cya 29 batwaye, bwa kabiri bikurikiranya.

    Kuzamura no kugaragaza ibendera rya Palestine bifatwa nk’ikimenyetso cyo kwifatanya n’iki gihugu mu makimbirane kimazemo imyaka myinshi na Israel.

    Mu bihugu 193 bigize ONU 157 byemera Palestine nk’igihugu cy’ubusugire kandi cyigenga.

    Vuba aha mu 2024 na 2025 ibindi bihugu byinshi birimo Norvege, Ireland, Slovenia, Ubufaransa, Ubwongereza ndetse na Espagne – igihugu cya Lamine Yamal - byemeje Palestine nk’igihugu cyigenga.

    Amerika, Israel, Ubudage, Ubutaliyani cyangwa Ubuyapani ni bimwe mu bihugu bitemera Palenstine nka leta yigenga.

    Kuva Israel yatangira intambara muri Gaza mu Ukwakira(10) 2023 nyuma y’uko igabweho igitero n’abarwanyi ba Hamas, umujyi wa Barcelona wabaye hamwe mu hantu haboneka benshi bashyigikira Palestine muri Espagne.

    Lamine Yamal Nasraoui Ebana yavukiye mu mujyi wa Barcelona, ku myaka itandandatu yari yinjiye mu ishuri ry'umupira w'amaguru rya Barca izwi nka La Masia.

    Lamine avuka kuri nyina Sheila Ebana waturutse muri Equatorial Guinea na se Mounir Nasraoui uturuka muri Maroc.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Israel yemeje itegeko ryemera igihano cy'urupfu n'imanza zo mu ruhame ku bafitanye isano n'ibitero byo ku wa 7 Ukwakira (10)

    Israel yemeje itegeko rishya ryemerera gutanga igihano cy’urupfu no kuburanisha mu ruhame abantu bacyekwaho kugira uruhare mu bitero bitari byarigeze bibaho mbere byayobowe na Hamas ndetse no gushimuta abantu benshi muri Israel, mu Kwakira (10) mu 2023.

    Iryo tegeko ryatowe n’amajwi 93 ku busa mu nteko ishingamategeko ya Israel, yitwa Knesset, kandi ku buryo budasanzwe ryavuye ku gitekerezo cy’abanyapolitiki bo ku ruhande rwa leta ndetse n’abatavuga rumwe na yo.

    Abadepite 27 basigaye ntibitabiriye itora cyangwa bifashe ntibatora.

    Yulia Malinovsky, umwe mu bashyigikiye uwo mushinga w’itegeko, yabwiye abanyamakuru mbere y’itora ati: “Reka buri wese arebe uburyo abahohotewe hamwe n’imiryango yabo barebana mu maso n’ abo bicanyi, abasambanya ku ngufu n’abashimusi.”

    Yakomeje agira ati: “Reka buri wese arebe uburyo Leta ya Israel ari leta yigenga ishoboye kuryoza abayigiriye nabi.”

    Yongeyeho ati: “Tugeze ku murongo wa nyuma, ariko mu by'ukuri ni na wo murongo wo gutangiriraho: intangiriro y’imanza zandika amateka, isi yose izareba.”

    Imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu yo muri Israel yamaganye iri tegeko rishya, ivuga ko itemera ihame ry’igihano cy’urupfu kandi inaburira ku “manza za nyirarureshwa [zo kwerekana]” zishingiye ku kwemera ibyaha kuvugwa ko kwagezweho babanje gukorerwa iyicarubozo.

    Tariki ya 7 Ukwakira (ukwa 10) mu 2023 yabaye umunsi wishweho abantu benshi cyane mu mateka ya Israel. Abarwanyi b'umutwe wa Hamas bishe abantu barenga 1,200 mu majyepfo ya Israel, benshi muri bo bari abasivili. Abandi bantu 251 barashimuswe bajyanwa gufungirwa muri Gaza, harimo abagabo, abagore, abana ndetse n’abanyamahanga.

    Ibyo byatumye hatangira intambara yiciwemo abantu benshi cyane kurusha izindi zose muri Gaza, aho kugeza ubu abantu 72,740 bamaze kwicwa, benshi muri bo bakaba ari abana, abagore n’abageze mu zabukuru (abasaza n'abakecuru), nkuko byatangajwe na minisiteri y’ubuzima iyobowe na Hamas.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Ubushinwa bukwiye kureka kubika ibiribwa n'ifumbire byinshi – Uwahoze ayobora Banki y'Isi

    Uwahoze ari Perezida wa Banki y’Isi yabwiye BBC ko Ubushinwa bukwiye guhagarika kubika ibiribwa n’ifumbire byinshi kugira ngo bifashe kugabanya ikibazo cy’ubucye bwabyo ku isi cyatewe n’intambara yo muri Iran.

    David Malpass, wanabaye Umunyamabanga wungirije ushinzwe ububanyi n’amahanga muri minisiteri y’imari muri Amerika ku butegetsi bwa Perezida Donald Trump hagati ya 2017 na 2019, yabivugiye mu kiganiro World Business Report cya BBC mbere y’inama Perezida Trump azagirana na mugenzi we w’Ubushinwa Xi Jinping, mu ruzinduko azagirira i Beijing muri iki cyumweru.

    Malpass yagize ati: “Bafite ububiko bw’ibiribwa n’ifumbire bwa mbere bunini cyane ku isi."

    "Bashobora guhagarika gukomeza kongera ibyo babitse."

    Ibi yabivuze mu gihe ibihugu byo hirya no hino ku isi biri guhatanira kubona ifumbire ihagije mbere y’igihembwe cyo gutera imyaka bitanguranwa n'uko impeshyi igera, mu gihe gufungwa kw’umuhora wa Hormuz byahagaritse cyane ibikorwa by’urujya n’uruza rw’ibicuruzwa.

    Ubushinwa ubwabwo bwahagaritse kohereza ifumbire mu mahanga kuva muri Werurwe (ukwezi kwa gatatu), buvuga ko bugamije kurinda ibicyenewe imbere mu gihugu.

    Malpass, wayoboye Banki y’Isi kuva mu 2019 kugeza mu 2023, yavuze kandi ko kuba Beijing ikivuga ko ari igihugu kiri mu nzira y’amajyambere bitagifite ishingiro.

    Yagize ati: “Biyerekana nk’igihugu kiri mu nzira y’amajyambere kandi ari bo bafite ubukungu bwa kabiri bunini ku isi, ndetse mu buryo bwinshi bakaba bakize.”

    Yakomeje agira ati: “Nyamara baracyakomeza kwitwaza ko ari igihugu kiri mu nzira y’amajyambere muri WTO [umuryango mpuzamahanga w'ubucuruzi] no muri Banki y’Isi, kandi bashobora kubireka.”

    Mu itangazo ambasade y'Ubushinwa i Washington DC yoherereje BBC kuri 'email', umuvugizi w'iyo ambasade Liu Pengyu yavuze ko Ubushinwa bwiyemeje gutuma hakomeza kubaho umutekano ku masoko mpuzamahanga y'ibiribwa n'ifumbire.

    Yongeyeho ati: "Impamvu-muzi z'aya mahungabana mu bucuruzi mpuzamahanga bw'ibiribwa n'ifumbire ziragaragara neza; ibi ntibishobora kwegekwa ku Bushinwa."

    Ku byavuzwe na Malpass ku kuba Ubushinwa buvuga ko ari igihugu kiri mu nzira y'amajyambere, Liu yavuze ko "Ubushinwa bwemewe ku isi hose nk'igihugu cya mbere kinini cyane kiri mu nzira y'amajyambere - inyito ishingiye ku bimenyetso byinshi".

    Yongeyeho ati: "Gushyigikira urwego rwabwo nk'igihugu kiri mu nzira y'amajyambere ni uburenganzira bwemewe bw'Ubushinwa."

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Ibifi binini vyo mu mazi bishobora kugirirwa nabi n'ubwato bwahinduye inzira buhunze Ubuseruko bwo Hagati, ni ko abahinga baburira

    Abahinga muri siyanse (science) bariko baraburira ko hari ukwiyongera kw’ivyago vy’uko ubwato bushobora kugongana n’ibifi binini vyo mu mazi ku nkengera z’ubumanuko bushira uburengero bwa Afrika y’Epfo, bivuye ku guhinduka kw’inzira z’ubudandaji bwo mu mazi kubera intambara ziri mu Buseruko bwo Hagati.

    Bavuga ko guhera mu mwaka wa 2023, aho abarwanyi b’Aba-Houthi banyururije ubwato bw’Abongereza hafi ya Yemen, ubwato bwinshi bwaciye butangura kuzunguruka Afrika y’Epfo, ivyo bikaba vyarongereye cane ivyago vy’uko ubwo bwato bushobora kugonga ivyo bifi muri ako karere.

    Intambara iriko irabandanya hagati ya Amerika-Israel na Irani yatumye ibintu birushiriza kwunyuka.

    Ivyo vyatumye ubwato bwinshi butwara ibidandazwa hagati ya Aziya n’Uburaya butangura kuzunguruka Afrika kugira ngo bwirinde guca mu Burasirazuba bwo Hagati.

    Hagati y’ukwezi kwa gatatu n’ukwa kane uyu mwaka, ubwato bw’ubudandaji bugera kuri 89 bwaciye mu muhora witwa “Cape of Good Hope” (Cap de Bonne-Espérance), muri Afrika y'Epfo, hafi gukuba kabiri ubwato 44 bwari bwahaciye muri ico gihe nyene mu 2023, nk’uko itororokanirizo ry'amakuru AFP ribivuga ryisunze icegeranyo c'urubuga PortWatch rw’Ikigega Mpuzamakungu c’ubutunzi (FMI).

    Umushakashatsi mukuru mu gisata ciga ibifi binini vyo mu mazi wo kuri Kaminuza ya Pretoria, Professeur Els Vermeulen, hamwe n’umugwi w'abakoranye na we, baheruka gushikiriza ivyavuye mu bushakashatsi bwabo Umurwi Mpuzamakungu ujejwe ibikorwa vy’ibifi binini vyo mu mazi (International Whaling Commission).

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Leta ya UK yacitsemo ibice mu gihe Minisitiri Mahmood yasabye Minisitiri w'intebe Starmer kuvuga igihe azegurira

    Leta y’Ubwongereza yitezwe guterana muri iki gitondo, mu gihe hari ugucikamo ibice mu bagize leta bo ku rwego rwo hejuru ku bijyanye n’ejo hazaza ha Minisitiri w’intebe.

    Minisitiri w’ubutegetsi bw’igihugu Shabana Mahmood ni umwe mu baminisitiri benshi basabye Minisitiri w’intebe Sir Keir Starmer gutanga ingengabihe y’igihe azegurira.

    Byumvikana ko Minisitiri Mahmood ari mu gice kigizwe na bacye bo muri leta ku ngingo ijyanye no kuba Sir Keir yaba akwiye gutanga ingengabihe yo kwegura kwe.

    Abajyanama batandatu b’abaminisitiri – icyo ni cyo cyiciro cyo hasi muri leta – basimbujwe n’ibiro bya minisitiri w’intebe, byitwa No 10, nyuma yuko beguye cyangwa bagasaba ko Sir Keir atanga ingengabihe y’igihe hazagiraho uwo kumusimbura.

    Ndetse umubare w’abadepite b’ishyaka Labour riri ku butegetsi basaba ko Sir Keir yegura cyangwa agatanga iyo ngengabihe yo kwegura kwe wageze ku badepite 72.

    Mu bajyanama b’abaminisitiri beguye ku wa mbere harimo nka Joe Morris, umunyamabanga wihariye w’inteko ishingamategeko, hamwe na Minisitiri w’ubuzima Wes Streeting, ushobora kuziyamamariza umwanya wa minisitiri w’intebe.

    Morris yavuze ko Minisitiri w’intebe “nta gifite icyizere cy’abaturage”.

    Mu ijambo yavuze mbere yaho ku wa mbere, Minisitiri w’intebe yashimangiye ko abamushidikanyaho azagaragaza ko bibeshye ndetse ko atazegura.

    Yemeye ko leta yakoze amakosa ariko yavuze ko “amahitamo manini [akomeye] ya politike yayakoze neza”.

    Igitutu gikomeje kwiyongera kuri Sir Keir nyuma yuko ishyaka Labour ritakaje abajyanama hafi 1,500 mu matora yo mu nzego z’ibanze yabaye mu Bwongereza mu cyumweru gishize.

    Ayo matora yagaragayemo ukwiyongera cyane kw'abashyigikiye ishyaka Reform UK, hamwe n’ishyaka ryo kurengera ibidukikije, Green Party, ndetse no gukoramo (kwadukira) mu basanzwe bashyigikiye Labour bo mu murwa mukuru London no mu tundi turere tw’imijyi.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.