Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe, hamwe Hezbollah yohagarika ibitero

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta zunze Ubumwe za Amerika, zibicishije ku bushikiranganji bwazo bw'imigenderanire, zatangaje ko Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe k’intambara.
Ariko, iyo ngingo izoshirwa mu ngiro ari uko umuhari Hezbollah, ushigikiwe na Iran, uhagaritse ibitero vyose kuri Israël, ugashira mu ngiro n'ibindi vyose bisabwa.
Iyi ntambwe ishitsweko inyuma y’aho ibitero vya Israël bihitanye n’imiburiburi abantu icenda mu bumanuko bwa Liban ku wa gatatu, mu gihe Hezbollah na yo yateye amabombe mu buraruko bwa Israël, ivyarushirije gushira mu kaga agahengwe kari kumvikanyweko muri Ndamukiza (4), kakaba kari gasanzwe kagoyagoya.
Muri iryo tangazo, Amerika yagize iti:
"Ibihugu vyompi vyasubiye kwemeza ko kazoza k’imigenderanire hagati ya Israël na Liban gakwiye gufatwa n’izo reta zibiri zigenga.
"Vyaranse igerageza iryo ari ryo ryose ryo gufata kazoza ka Liban nk’ingwati, ryova ku gihugu canke ku wundi murwi utari reta."
Muri ako gahengwe, hategekanijwe ukwimura abarwanyi bose ba Hezbollah bakava mu karere kari mu bumanuko bwa Liban kagenzurwa na Israël, kuva ku ruzi Litani gushika ku rubibe.
Iri tangazo rivuga kandi ko Amerika izofasha mu gutunganya uturere twihariye, aho ingabo za Liban zizokwimenyerereza kugira zigire ububasha bwuzuye bwo kugenzura ubutaka bwose bw’ico gihugu, hatarimwo imigwi iyo ari yo yose yitwaje ibirwanisho.
Rije kandi rikurikira agahengwe k’igice kumvikanyweko ku wa mbere, aho Liban yatangaje ko Israël igiye guhagarika gutera ibisasu ku murwa mukuru Beirut, Hezbollah na yo ikareka kugaba ibitero kuri Israël.
Ivyo bihugu vyompi bizosubira guhura ku wa 22 Ruheshi (6) kugira bibandanye ibiganiro, mu ntumbero yo gushika ku masezerano yuzuye kandi arama.
Gushika ubu, umuhari Hezbollah nturagira ico ushikirije ku mugaragaro kuri iri tangazo.
Izindi nkuru wosoma:


