Tanzania: Umuriro wadutse ku musozi Kilimanjaro

Ahavuye isanamu, Reuters
Abajejwe parike hamwe n’abanyagihugu bo mu buraruko bwa Tanzania bariko baragerageza kuzimya umuriro wadutse ku nkengera z’umusozi Kilimanjaro, muremure kuruta iyindi yose yomuri Afurika.
Uwo muriro watanguye nk’isaha icenda n’inusu zo ku muhingamo ku wa kane, mu karere ka Kikerelwa, ku ruhande rwo mu buraruko bushira ubuseruko bw’uwo musozi, mu ntara ya Rombo.
Catherine Mbena, icegera c’umuyobozi ajejwe kubungabunga ibidukikije mu kigo kijejwe amaparike y’igihugu, TANAPA, yabwiye BBC ko abajejwe kuzimya umuriro bo muri ico kigo barungitswe muri ako karere. Bariko bafashanya n’abanyagihugu kugira bawuzimye.
Amakuru avuga ko uwo muriro uriko uraka ku burebure bw’imetero hafi 3.400 ufatiye ku rugero rw’ikiyaga.
Mbena yavuze ko icawuteye kitaramenyekana kandi ko amatohoza ariko arakorwa.
Yagize ati: “Turiko turakora ibishoboka. Umutekano wa parike, uw’abashitsi n’ubutunzi kama ni vyo dushira imbere. Abajejwe ibikorwa barabandanya gukurikiranira hafi uko ibintu vyifashe.”
Si bwo bwa mbere umuriro waduka kuri Kilimanjaro.
Muri Nyakanga(9) 2023, umuriro wamaze hafi indwi waraturiye uburinganire bungana n’ibirometero kwadarato 17, ni ukuvuga hafi 1% y’akarere kabungabunzwe k’uwo musozi.
Uwundi muriro wamaze ukwezi mu 2022 na wo waraturiye amashamba angana n’amahegitari ibihumbi.
Umusozi Kilimanjaro ufise uburebure bw’imetero hafi 5.900 kandi urazana ingenzi nyinshi murico gihugu.





