Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bolsonaro yanse kwemera intsinzi ya Lula, asaba ko ivyavuye mu matora bifutwa
Flávio Bolsonaro yari yiteze gushikiriza ijambo ryo guhimbaza intsinzi yiwe muri iri joro i Brasília, inyuma y’uko mu gice ca mbere c’amatora yari yaje imbere y’uwo bahiganwa.
Incamake
- Abakristu barenga 60 bishwe mu bitero bw'ubwicanyi muri Etiyopiya – Umutegetsi muri Ekleziya
- Howe na Nagelsmann kw'isonga ry'abashobora kugomwa na Manchester United hamwe Carrick yokwirukanwa
- Chris Brown yakatiwe igifungo cy’amezi umunani gisubitswe nyuma yo gukubita umuntu mu kabyiniro
- Bolsonaro yanse kwemera intsinzi ya Lula, asaba ko ivyavuye mu matora bifutwa
- Umuyobozi wa Serbia umaze igihe kinini ku butegetsi, yatsinzwe n'abanyeshuri mu matora adasanzwe
- Ibitero vy'Abahouthi vyatumye "hafi ibice 90 kw'ijana" vy'ingendo z'indege zija canke ziva Riyadh zihagarara
- Algeria igiye kohereza ingabo muri Niger za mbere yohereje mu mahanga mu myaka irenga 50 ishize
- María Machado, umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Venezuela, yasubiye mu gihugu nyuma y'amezi mu buhungiro
- Mu kwirinda Ebola Uganda yashyizeho akato k'iminsi 21 ku baturage bayo bavuye muri RD Congo
- Brésil: Lula yatsindiye manda ya kane ariko ategerejwe n'inteko ishingamategeko itamushyigikiye n'igihugu cyacitsemo ibice
Amakuru y'ikibiriraho
Anne Marie Niwemwiza, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu.
Abakristu barenga 60 bishwe mu bitero bw’ubwicanyi muri Etiyopiya – Umutegetsi mw'ishengero
Abantu barenga 60 barishwe mu rukurikirane rw’ibitero vyagabwe ku bakirisu mu ntara ya Oromia muri Etiyopiya, nk’uko Ekleziya Orthodox yo muri ico gihugu ibivuga.
Umwe mu baba muri ako karere, se wiwe w’imyaka 75 akaba yishwe muri ivyo bitero, yavuze ko vyari ibitero vyo gutegera abantu.
Yabwiye BBC Amharic ati: “Ntitwari twiteguye na gato, kandi nta makuru twari dufise imbere y’igihe. Baradukikuje bavuye mu mpande zose uko ari zine.”
Reta y’iyo ntara yavuze ko izofata ingingo zo guhana abakoze ivyo vyaha.
Umutegetsi wo muri ako karere yegetse ivyo bitero kw’ihuriro rishasha ry’imirwi y’abarwanya ubutegetsi ryitwa Alliance for Survival, ririmwo n’Umurwi uharanira ukwikukira kw’Aboromo, uzwi nka OLA.
OLA ntiragira ico ivuga kuri ivyo bitero, ariko yahakanye ko ari yo yagize uruhara mu bitero nk’ivyo vyabaye imbere y’aho.
Howe na Nagelsmann kw’isonga ry’abashobora kugomwa na Manchester United hamwe Carrick yokwirukanwa
Eddie Howe na Julian Nagelsmann ni bo bariko baraja imbere mu mazina y’abafise amahirwe menshi yo kumenyereza umurwi Manchester United, hamwe Michael Carrick yokurwa muri ayo mabanga.
Ikibanza ca Carrick ku kibuga ca Old Trafford kiri mu kaga gakomeye, inyuma y’uko Manchester United itanguriye nabi inkino z’ihiganwa ry’uno mwaka. Bivugwa ko uwo murwi uza waratanguye kurondera uwomusubirira.
Amakuru avuga ko Howe na Nagelsmann bari mu bamenyereza bashirwa imbere ku rutonde rw’abariko barasuzumwa kugira ngo bashobore gusubirira Carrick. Abo bamenyereza bompi ngo barazi kandi ko Manchester United ibagomwa.
Hari kandi amakuru avuga ko Unai Emery, umumenyereza wa Aston Villa, ashigikiwe cane muri Manchester United. Ariko kuba agifitaniye amasezerano na Aston Villa bishobora gutuma kumwegera bitoroha.
Uretse Howe na Nagelsman, uwundi yipfuza ako kazi ni Antonio Conte. Bose ukwo ari batatu, nta mirwi basanzwe bafise bamenyereza muri iki gihe. Ivyo bituma kubaronka bishobora kworoha.
Hamwe Carrick yokwirukanwa, Manchester United, imaze gutwara igikombe c’ihiganwa rikuru ry’Ubwongereza incuro 20, izoba iriko irondera umumenyereza mukuru agira umunani kuva Sir Alex Ferguson ayivuyemwo mu 2013.
Inzindi nkuru wosoma:
Chris Brown yakatiwe igifungo cy’amezi umunani gisubitswe nyuma yo gukubita umuntu mu kabyiniro
Uyu muhanzi w’Umunyamerika mu njyana ya R&B yakatiwe igifungo cy’amezi umunani, ariko ishyirwa mu bikorwa ryacyo risubikwa mu gihe cy’amezi 12, kubera igitero cyabereye mu kabyiniro kihariye(private bar) kitwa Tape, gaherereye mu gace ka Mayfair,I londres ku wa 19 Gashyantare 2023.
Umutoza wa Brown mu bijyanye no kuririmba, akaba n’umuraperi, Omololu Akinlolu, wagize uruhare muri urwo rugomo, na we yakatiwe igifungo cy’amezi ane, ariko ishyirwa mu bikorwa ryacyo risubikwa mu gihe cy’amezi 12. Aba bagabo bombi bari bemeye icyaha cyo guteza imvururu n’urugomo mu ruhame, banategetswe kwishyura amapawundi 1.500 yo kwishyura ikiguzi cy’urubanza.
Umucamanza Tony Baumgartner yavuze ko kuba Brown yakubise uwahohotewe inshuro ebyiri mu mutwe akoresheje icupa ry’ikirahure “byagaragaraga ko ari igikorwa giteje akaga”, anongeraho ko urugomo rwakoreshejwe muri icyo gitero rwari “rukomeye cyane”.
Icyo gihano gisobanuye ko Brown atazafungwa, keretse akoze ikindi cyaha mu gihe cy’amezi 12 igihano gisubitswe kizamara.
Urukiko rwumvise ko urugomo Brown yagize ku muhanzi utunganya umuziki, Abraham “Abe” Diaw, cyatumye uwahohotewe akenera kwitabwaho n’abaganga mu bitaro kubera ibikomere yagize.
Mu gutanga igihano, Umucamanza Baumgartner yagize ati: “Gukoresha icupa ry’ikirahure inshuro nyinshi muri ubwo buryo, cyane cyane urigamije umutwe, byagaragaraga ko ari igikorwa giteje akaga. Byashoboraga gutera igikomere gikomeye kurushaho ugereranyije n’icyo uwahohotewe yagize.”
Urukiko rweretswe amashusho yafashwe na kamera z’umutekano (CCTV), agaragaza Brown akubita Diaw icupa inshuro enye, rikamukubita mu mutwe inshuro ebyiri, hanyuma akamukubita no ku rutugu.
Mu guca urubanza rwa Brown, Umucamanza Baumgartner yagize ati: “Uru rugomo ntirwari rwateguwe mbere. Icyakora, rwari urugomo rukomeye rwakozwe n’abantu babiri mu kabyiniro karimo abantu benshi.”
Umucamanza yabwiye Brown ati: “Urugomo nk’uru rubera mu kabyiniro karimo abantu benshi ni ikibazo gikomeye, rutera akaga kagaragara, atari gusa ku muntu rugambiriweho, ahubwo no ku bandi bantu bari hafi aho.”
Umucamanza yavuze ko kuba Brown ari icyamamare, afite ubucuruzi bwinjiza amafaranga menshi kandi afite izina rikomeye mu mwuga we “bitamuha uburenganzira bwo gufatwa mu buryo bwihariye — amategeko akurikizwa kimwe kuri buri wese”
Bolsonaro yanse kwemera intsinzi ya Lula, asaba ko ivyavuye mu matora bifutwa
Flávio Bolsonaro yari yiteze gushikiriza ijambo ryo guhimbaza intsinzi yiwe muri iri joro i Brasília, inyuma y’uko mu gice ca mbere c’amatora yari yaje imbere y’uwo bahiganwa.
Ariko mw’ijambo yashikirije, yavuze gusa ko ivyabaye “bidashoboka” kandi “bitumvikana”, anasaba ko ivyavuye mu matora bifutwa.
Abamushigikiye bariko barasemerera bavuga izina ryiwe igihe yagenda.
Kuba atemera ivyavuye mu matora bishobora gutuma abamushigikiye benshi batakaza icizere mu vyavuye muri ayo matora.
Mu majambo yiwe, bisa nk’aho Flávio Bolsonaro ariko akurikiza akarorero ka se, Jair Bolsonaro, na we nyene yigeze kwanka kwemera ko yatsinzwe mu matora yo mu 2022.
Izindi nkuru wosoma:
Umuyobozi wa Serbia umaze igihe kinini ku butegetsi, yatsinzwe n’abanyeshuri mu matora adasanzwe
Nyuma y’itangazwa ry’iby’ibanze byavuye mu matora, abaturage benshi basakaye mu mihanda yo hagati muri Belgrade, Novi Sad n’indi mijyi, bishimira intsinzi y’umutwe uyobowe n’abanyeshuli.
Aleksandar Vučić wari umaze manda ebyiri ku butegetsi, yagize atii: "Biragaragara ko twatsinzwe aya matora."
Mu ijambo yavugiye mu birori byo kwizihiza intsinzi, umukandida w’Ihuriro ry’Abanyeshuri, Radomir Saicic, yavuze ko abaturage ba Serbia bagaragaje ko “nta mbogamizi iruta ubushake bwabo.”
Yunzemo ati: “Nta mbaraga n’imwe ishobora gukomeza gutsikamira ubuziraherezo abaturage biyemeje gufata ejo hazaza habo mu maboko yabo.”
Uyoboye Ihuriro ry’Abanyeshuri, Ilija Srdanović, yabwiye BBC ati: “Iki gihugu kizaba igihugu kigendera ku bwisanzure.”
Yavuze ko uyu mutwe urwanya ruswa, wari warabonye inkunga y’abatishimiye ubutegetsi hirya no hino muri Serbia, wifuza “kubohora igihugu ingoma y’igitugu.”
Uyu mutwe w’abanyeshuri washinzwe mu myaka ibiri ishize, nyuma y’impanuka yabereye kuri sitasiyo ya gari ya moshi yashinjwe kuba yaratewe na ruswa no kudakora inshingano uko bikwiye.
Mu kwiyamamaza kwawo, uyu mutwe uyobewe n’abanyeshuli wahuje abakandida baturutse mu byiciro bitandukanye by’abaturage ba Serbia, maze bashyira hamwe imbaraga mu kwitabira abatora.
Mu gihe ibiro by’amatora byari bimaze kubarura amajwi ku kigero cya 96%, byatangaje ko umutwe w’abanyeshuri wari umaze kubona amajwi miliyoni 2,24, mu gihe ishyaka ryari risanzwe ku butegetsi ryabonye miliyoni 1,67.
Imibare y’agateganyo yatangajwe mu gitondo cyo kuri uyu wa mbere yagaragazaga ko abanyeshuri batsinze n’amajwi 52,65%, mu gihe ishyaka rya Vučić, Serbian Progressive Party (SNS), ryari rifite 39,2%.
Vučić yari amaze manda ebyiri ari Perezida wa Serbia kandi amategeko ntiyamwemereraga kwiyamamariza manda ya gatatu.
Ni yo mpamvu yari ayoboye ishyaka rye SNS mu rwego rwo kongera gusubira ku mwanya wa Minisitiri w’Intebe yari yaravuyeho mu mwaka wa 2017.
Andi makuru wasoma:
Ibitero vy’Abahouthi vyatumye “hafi ibice 90 kw’ijana” vy’ingendo z’indege zija canke ziva Riyadh zihagarara
Ibiharuro biva ku mbuga zikurikirana ingendo z’indege vyerekana ko ibitero vy’Abahouthi bo muri Yemeni vyagize ingaruka ku kirere c’i Riyadh aho ingendo 9 kuri 10 zari zitegekanijwe kuja canke kuva kuri uwo murwa mukuru wa Arabiya Sawudite zahagaze.
Ibiharuro bitangwa n’urubuga Cirium rukora ivyegeranyo n’isesangura ry’amakuru ku ngendo z’indege vyerekana ko hagati yo ku wa 8 no ku wa 25 Gitugutu (10), ingendo 4.071 ku 4.736 zari zitegekanijwe zahagaritswe.
Mu mezi aheze, Abahouthi – bafitaniye imigenderanire na Irani – barongereje ibitero vya misire na drones bagaba ku bibanza bitunganirizwamwo ibitoro, ibivuko n’ibibuga vy’indege vya Arabiya Sawudite.
Ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Riyadh, ari na co ca kabiri cakira ingendo nyinshi inyuma y’ico mu gisagara ca Jeddah, kimaze kugabwako ibitero vy’Abahouthi incuro zitari nke. Muri ivyo, harimwo ico ku wa 10 Gitugutu (10) cahitanye abantu 13.
Ku munsi w’ejo, abategetsi ba Arabiya Sawudite batangaje ko bagiye gusubira kwugurura ikibuga c’indege ca King Khalid kiri i Riyadh, inyuma y’amayinga abiri cari kimaze kidakora. Yamara amakuru yakurikiye yerekanye ko ibitero vy’Abahouthi vyabandanije, bituma ingendo nyinshi z’indege zihagarikwa.
Abahouthi bagabishije ko ikibuga c’indege ca Riyadh kibandanya gufatwa nk’“akarere gashobora kuraswa” kandi ko “kitari ahantu hatekanye.”
Izindi nkuru wosoma:
Algeria igiye kohereza ingabo muri Niger za mbere yohereje mu mahanga mu myaka irenga 50 ishize
Itangazo ryasohowe n‘inteko ishingamategeko ya Algeria rivuga ko yemeje umwanzuro wo kohereza imitwe y’ingabo zayo muri Niger, nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru Reuters.
Nibishyirwa mu bikorwa, bizaba ari bwo bwa mbere Algeria yohereje ingabo zayo mu mahanga kuva ubwo yohereza abasirikare gufasha Misiri mu ntambara yo mu 1973.
Abadepite bose batoye bashyigikira kohereza abasirikare bo mu ngabo z'igihugu za Algeria mu gace ka Madama, mu majyaruguru ya Niger hafi y'umupaka na Libya.
Aho ni ku birindiro byahoze bikoreshwa n'ingabo z'Ubufaransa mu gikorwa cya gisirikare cyiswe Opération Barkhane, nkuko iryo tangazo ribivuga.
Ariko uwavuganye na Reuters wo mu nzego z'umutekano muri Niger avuga ko kugeza ubu nta basirikare ba Algeria baratangira koherezwa ku mugaragaro.
Hagati aho, umuyobozi mukuru w’ibiro bya Perezida wa Niger, Jenerali Bacharou Ibro Amadou, amaze iminsi asura agace ka Kawar mu mujyi wa Bilma, mu karere ka Agadez, kuva ku itariki ya 19 Ukwakira (10).
Muri urwo ruzinduko, yagiye n'i Madama kugira ngo aganire n'abakuriye ingabao baho mbere yo gusubira i Dirkou, aho yaganiriye n'abakuru b'ingabo n'abategetsi gakondo kuri gahunda ijyanye n'imikoreshereze y'ibyo birindiro.
Iyi gahunda igaragaza uburyo umubano hagati ya Algeria na Niger urimo gutera imbere mu buryo bwihuse nyuma y'igihe wamaze warazambye.
Algeria yamaganye ihirikwa ry'ubutegetsi ryo mu 2023 ryatumye abategetsi ba gisirikare ba Niger bariho ubu bafata ubutegetsi. Umubano warazambye mu mwaka ushize, ubwo Niger yatumizagaho ambasaderi wayo i Alger, nyuma yuko Algeria ihanuye indege nto y'intambara itajyamo umupilote (izwi nka drone) ya Mali yari iri hafi y'umupaka wayo.
Izindi nkuru wasoma:
María Machado, umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Venezuela, yasubiye mu gihugu nyuma y'amezi mu buhungiro
Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela, María Corina Machado, yasubiye mu gihugu cye, kiri mu bihe bya politiki bikomeje kugorana, nyuma y’amezi arenga 10 yari amaze mu buhungiro.
Ku cyumweru, Machado yanditse ku rubuga nkoranyambaga rwa X ati: "Ndi hano. Ndi kumwe namwe." Uku gutaha kwe kubaye nyuma y’igerageza ryo kongera kwinjira mu gihugu ryari rimaze igihe, ariko bikagenda byanga.
Muri Mutarama (1) uyu mwaka, nyuma y'ukwezi Machado avuye muri Venezuela yifashishije ubwato bwihuta, akagenda mu gicuku akajya muri Norvège kwakira igihembo cy’amahoro cyitiriwe Nobel, Amerika yafashe uwo bahanganye, Perezida Nicolás Maduro, imuguye gitumo iwe mu rugo aryamye.
Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bwahise bushyigikira umwungirije, Delcy Rodríguez, ngo abe umutegetsi w’inzibacyuho.
Rodriguez ageze kuri uwo mwanya yasinye amasezerano ku bikomoka kuri peteroli yahaye Amerika inyungu nyinshi cyane.
Ku cyumweru, Machado yafotowe ari mu misa muri kiliziya yo muri leta ya Lara muri Venezuela, akikijwe n’abamushyigikiye, bamuhoberana urugwiro, ari na ko bamufata ibiganza n’akanyamuneza kenshi.
Nyuma yaho Machado yatangiye urugendo yerekeza mu murwa mukuru Caracas ari kumwe n’itsinda ry’abamushyigikiye bamwakirije amashyi n’impundu.
Yafotowe aseka kandi asohoye umutwe mu idirishya ryo hejuru ry’imodoka ubwo yageraga i Caracas mu ijoro ry'ejo ku cyumweru.
Izindi nkuru wasoma:
Mu kwirinda Ebola Uganda yashyizeho akato k'iminsi 21 ku baturage bayo bavuye muri RD Congo
Leta ya Uganda yatangaje ingamba zikaze cyane zijyanye n’ingendo mu gihe irimo kongera ibikorwa byo kwirinda ikwirakwira rya Ebola.
Izo ngamba, zatangajwe ku cyumweru na Minisitiri w'ubuzima wa Uganda Chris Baryomunsi, zirimo kuba Abanya-Uganda batashye bavuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) bagomba kujya mu kato k’iminsi 21.
Ubu abagenzi batari ngombwa cyane bava muri DRC, aho iki cyorezo cyiganje, babujijwe kwinjira muri Uganda.
Uganda na DRC bihana umupaka muremure kandi utagenzurwa neza, ufite uburebure bwa kilometero zibarirwa mu magana.
Intara ebyiri zibasiwe cyane na Ebola muri DRC zikora kuri uwo mupaka.
Nubwo Uganda itaremeza umuntu wo muri icyo gihugu wanduye Ebola, abategetsi baho barimo gukora kuburyo iki gihugu kitishyira mu kaga.
Abakozi bakora ibikorwa byo gutanga imfashanyo, abashoferi b’amakamyo n’abashinzwe umutekano ntibarebwa n’iyo ngamba y'akato k'iminsi 21 ariko bazasonerwa gusa ari uko bamaze gupimwa.
Umuntu uwo ari we wese uherutse kujya muri DRC ntazemererwa kunyura muri Uganda.
Abantu ba mbere babonetse muri Kenya na Nigeria banduye Ebola bafitanye isano no kuba baranyuze ku kibuga cy’indege cya Entebbe muri Uganda muri uku kwezi.
Izindi nkuru wasoma:
Brésil: Lula yatsindiye manda ya kane ariko ategerejwe n'inteko ishingamategeko itamushyigikiye n'igihugu cyacitsemo ibice
Perezida wa Brésil umaze igihe kirekire ku butegetsi, Luiz Inácio Lula da Silva, wo mu murongo wa politike wo gushaka impinduka, yongeye gutorwa nyuma y’ibikorwa byo kwiyamamaza byabayemo guhatana gukomeye cyane, atsinda Flávio Bolsonaro bari bahatanye wo mu murongo wa politike wo gukomera ku bya kera.
Ni intsinzi ya kane ya Lula mu matora ya perezida, akaba asanzwe yarategetse manda ebyiri kuva muri Mutarama (1) mu 2003 kugeza mu Kuboza (12) mu 2010, na manda ya gatatu yo guhera muri Mutarama mu 2023.
Ariko inzira yamugejeje ku ntsinzi muri aya matora yitabajwemo icyiciro cya kabiri ku cyumweru, ntiyari ibuzemo inzitizi.
Bolsonaro yari yatsinze Lula mu cyiciro cya mbere cy’ayo matora cyabaye ku itariki ya 4 y’uku kwezi kw’Ukwakira (10) ndetse benshi ntibatekerezaga ko bishoboka ko yahindura ibintu mu byumweru bitatu byari bisigaye ngo habe icyiciro cya kabiri.
Intsinzi ye iciye ukubiri n’umujyo uriho ubu mu karere k’Amerika y’epfo, aho abatora bagiye bahana ba perezida bari basanzwe ku butegetsi bagatora abari mu murongo w’ibitekerezo byo gukomera ku bya kera. Muri ako karere, ibihugu binini cyane nk’Argentine, Chili na Colombia ubu bitegetswe n’abategetsi bo mu murongo wo gukomera ku bya kera.
Ibikorwa byo kwiyamamaza bya Lula, w'imyaka 80, byongeye kugarura ubuyanja nyuma yo gutsindwa mu cyiciro cya mbere bigizwemo uruhare n’imyigaragambyo yo mu mihanda hamwe n’ibikorwa byinshi byo ku mbuga nkoranyambaga.
Uwo wahoze akora mu nganda zikora ibyuma, wabaye izina rizwi cyane mu baharanira ko ibintu bihinduka muri Brésil kuva ubwo yiyamamazaga bwa mbere ku mwanya wa perezida mu 1989, ni ho ha handi ategerejwe n’urubuga rwa politike rwa mbere rugoranye cyane kuva yagera ku butegetsi bwa mbere mu 2003.
Manda ye nshya, y'imyaka ine, biteganyijwe ko itangira ku itariki ya 5 Mutarama mu 2027, izatangirana n’inzitizi zikomeye mu gihugu no hanze yacyo, harimo no kudakundwa na Perezida w’Amerika Donald Trump.
Nubwo Trump atigeze ashyigikira mu buryo butaziguye uwari uhatanye na Lula, Flávio Bolsonaro – ikintu yakoze ku bakandida bakomeye ku bya kera baje gutsinda amatora ya perezida muri Colombia no muri Honduras – nta gushidikanya kwinshi guhari ko ubutegetsi bwe bwajyaga guhitamo kubona umutegetsi wo mu murongo wo gukomera ku bya kera ari we utegetse iki gihugu gituwe n’abaturage miliyoni 213.
Ibiro bya perezida w’Amerika – White House – bifata Amerika y’epfo nk’akarere Amerika ifitemo ijambo, ubutegetsi bwa Trump bukaba bushishikajwe no gutuma kabamo abategetsi bashyigikiye ingamba ze za politike, harimo no mu bya gisirikare, umutekano n’ubucuruzi.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.