Ubuzima buteje amakenga ku bwato bw’intambara bwa Amerika USS Abraham Lincoln inyuma y’imisi irenga 250

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashingamateka bo mu mugambwe w’Abademokarate muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika berekanye amakenga akomeye ku buzima bw’abari mu bwato bw’intambara, SS Abraham Lincoln, bumaze igihe kirekire buri mu Buseruko bwo Hagati.
Ku bwabo, amakuru avuga ibura ry'ibikoresho n'ibifungurwa, imihora y'amazi yononekaye hamwe n'izindi ngorane ziri ku bwato USS Abraham Lincoln ari ibintu bidashobora kwihanganirwa na gato.
Berekana kandi ko ingabo zirushe birenze urugero kandi ko zacitse intege bikomeye, aho amakuru avuga ko bamwe mu basirikare bo bagerageje kwita mu mazi bavuye kuri ubwo bwato.
Ariko reta yoyo siko ibibona. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, avuga ko ibi bivugwa ku bwato Abraham Lincoln ari “ikinyoma kitagira uko kingana”.
Ubu bwato bumaze amezi icenda mu nyanja mu Buseruko bwo Hagati, bukaba bufise abasirikare baharurwa mu bihumbi bitanu.
Ayandi makuru ushobora gusoma:

