Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Abanyapalestina bategetswe kuva mu ngo zabo mu gikorwa cyo kwirukana abisiraheli bahigaruriye

Kuva ku cyumweru, abo bisiraheli bari bagose imiryango yari ituye mu ngo eshatu aho babakuriyeho amashanyarazi n’amazi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Latifa Mutesi

  1. Amerika ivuga ko ishobora kuzibira ibivuko vya Irani ‘igihe kitazwi’

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ejo ku wa kane ko zishobora kubandanya zizibiye uruja n’uruza ku bivuko vya Irani igihe kitazwi, kandi ko zizorushiriza kuyitera igitutu mu vy'ubutunzi.

    Ni mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara ata kivamwo, igitoro kw’isi kikaba kitariko kirashika ku masoko uko bikenewe, kandi icuka kibi kikabandanya ciyongera mu karere.

    Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, yabwiye abanyamakuru ko igisirikare ca Amerika gifise ubushobozi bwo kugumiza amato y'intambara muri ako karere kugira ngo kibandanye kugota ibivuko vya Irani, ivyagize ingaruka mbi cane ku butunzi bw’iki gihugu.

    Mu rugendo yarimwo muri Panamam, yavuze ati: "Igisirikare kirwanira mu mazi ca Amerika gishobora kubandanya kizibiye uruja n’uruza rw’amato ku bivuko igihe cose bikenewe, kuko tuzokuranya amato mu buryo busanzwe, kandi bizoguma uko”.

    Umushikiranganji w’ikigega ca reta na we, Scott Bessent, avuga ko Amerika iriko itegura gufatira Iran izindi ngingo ruhasha zizomugaza cane ubutunzi bwayo.

    Mu gihe amasezerano y’agahengwe yo mu kwa gatandatu asa n'ayasambutse, Iran irondera gushira igitutu kuri Amerika mu kugenzura Umuhora wa Hormuz.

    Iran ntihigimanga mu kurasa amato agerageje guca muri iyi nzira kirumara yo mu mazi, aho hafi ica gatanu c'igitoro hamwe na gaze bizunguruka kw’isi vyaca muri iyo nzira imbere y’uko iyi ntambara itangura muri Ruhuhuma (2).

    Perezida Donald Trump wa Amerika ari ku gitsure mu gihugu ciwe, asabwa guhagarika iyi ntambara abanyagihugu ba Amerika baterekwa na gato, ibiciro vy'igitoro na vyo biri hejuru bikaba biriko bituma atakaza abanywanyi, ibi na vyo bikaba bishobora no gutuma umugambwe wiwe utakaza ubwiganze ufise mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu matora yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11).

    Trump ntahengeshanya kuvuga ko igihugu ciwe ari co gifise mu minwe Umuhora wa Hormuz, ariko Irani na yo ivyamirira kure, ikavuga kandi ko udashobora kwugururwa gushika ivyo isaba bigiye mu ngiro. Muri ivyo harimwo ifutwa ry’ibihano vy'ubutunzi yafatiwe hamwe n’irekurwa ry’amatungo yayo yafashwe.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri YouTube kuri BBC News Gahuza

  2. Imvura idasanzwe yishe abantu bane mu Buyapani

    Nibura abantu bane bapfuye, abandi batanu barakomereka mu burasirazuba bw’Ubuyapani, nyuma y’uko imvura nyinshi idasanzwe iguye mu ntara ya Chiba, hafi y’umurwa mukuru Tokyo.

    Abategetsi bavuze ko “iyo mvura itari yarigeze ibaho mbere”, yateye ibura ry’amashanyarazi mu ngo zirenga 20,000, mu gihe abagenzi bagera ku 7,000 na bo bagumye ku kibuga cy’indege cya Narita i Tokyo, kubera ihagarikwa rya gari ya moshi nyinshi zijya cyangwa ziva kuri icyo kibuga.

    Ku wa kane, abategetsi bo muri ako gace batanze umuburo wihutirwa wo ku rwego rwa gatanu, ari rwo rwego rwo hejuru cyane rwo kuburira abaturage. Mu gitondo cyo kuri uyu wa gatanu, uru rwego rwagabanyijwe rugirwa urwa kane, ariko abaturage bakomeje kuburirwa ko hakiri ibyago by’inkangu(landslides) no kwibasirwa n’imyuzure.

    Iyi mvura nyinshi, ije nyuma y’iyariherutse yari ivanze n’umuyaga yibasiye Ubuyapani n’ibihugu by’ibituranyi muri iki cyumweru. Abahanga mu by’iteganyagihe bavuga ko uyu mwaka ushobora kuzagaragaramo ibihe byinshi by'imvura ivanze n’umuyaga kurusha ibisanzwe.

    Ikigo cy’Ubuyapani gishinzwe iteganyagihe (Japan Meteorological Agency) cyavuze ko iyi mvura yatewe no guhura k'umwuka ushyushye kandi urimo ubuhehere winjiye mu burasirazuba bw’igihugu, ugahura n’umwuka ukonje wari uri hejuru, ibyateje imvura nyinshi.

    Biteganyijwe ko iyo mvura ikomeza kugwa kugeza ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu.

    Izindi nkuru wasoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri YouTube kuri BBC News Gahuza

  3. Urubanza rwa Trump kuri Kaminuza ya Harvard rwateshejwe agaciro

    Umucamanza yatesheje agaciro urubanza rwari rwugurujwe n’ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump, rwagiriza Kaminuza ya Harvard ko yananiwe guhangana n’ikibazo c’urwanko ku Bayahudi hamwe n’ivangura rikorerwa abanyeshure b’Abayahudi n’Abanya-Israel.

    Uyu mucamanza wo mu gisagara ca Boston yavuze ko urwo rubanza rutashoboye kwerekana mu buryo bwumvikana ko amategeko ya reta akingira uburenganzira bwa kiremwa-muntu yahonyanzwe.

    Si ubwa mbere Perezida Trump agirana amatati na kaminuza ya Harvard. Muri Nyakanga (9) umwaka uheze, uwundi mucamanza wa Amerika yaratesheje agaciro ingingo ya reta yo kugabanya imfashanyo irenga imiriyaridi zibiri z’amadolari yagenewe ubushakashatsi bw’iyo kaminuza.

    Vyaba ibiro vy’umukuru w’igihugu canke Kaminuza ya Harvard ubwayo, nta ruhande ruragira ico rubuvuzeko.

  4. Ubushakashatsi bushasha ku rucanco rwa malariya

    Abashakashatsi bo muri Australia bakoze uburyo bushasha bwo gukingira indwara ya malariya, bukaba bushobora gutuma muri kazoza, umubu uramutse ukuriye bica "vyongereza ahubwo ubudahangarwa bw’umubiri".

    Bakoresheje uruvange rw'umuti ruzibirira umugera mu gitigu (umwijima mu Kinyarwanda), ubwirinzi bw'umubiri bwongererezwa igihe kinini co kuwurwanya no kuwubuza kubandanya wiyongera.

    Hanyuma, iyo umuntu asubiriye kuribwa n'umubu ufise umugera wa malariya, ubudahangarwa bw'umubiri buca bukanguka ubwo nyene, umubiri ugashobora kubona vuba uno mugera no kuwica imbere y'uko uteza indwara.

    Mu bushakashatsi bwakorewe ku mbeba mu rwego rwo kugerageza, izi mbeba zagaragaje ubudahangarwa bukomeye cane bwo kwikingira malariya mu kiringo c’imyaka ibiri yose.

    Aba bashakashatsi bavuga ko hamwe wogeragerezwa ku bantu bikagaragara ko na bo nyene bashobora kugira ubudahangarwa nk’ubwo nyene, bwoba ari uburyo nyabwo bushobora kuvamwo urucanco rutanga ubudahangarwa bumara igihe kirekire.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. Amerika ivuga ko ibihugu byinshi byafashije Ubushinwa kutishyura imisoro ya Trump

    Ku wa kane, ibiro bya Perezida wa Amerika (Maison Blanche/White House), yavuze ko ibihugu birenga 40 byafashije Ubushinwa kwirinda imisoro myinshi yashyizweho na Amerika, binyuze mu kunyuzamo ibicuruzwa byabwo mbere yo kugera ku isoko rya Amerika.

    Raporo yasohowe na White House ivuga ko ibihugu birimo Canada, Ubuhinde, Mexique, Ubuyapani na Koreya y'Epfo byafashije Ubushinwa kohereza ibicuruzwa muri Amerika binyuze mu nzira zituma byishyura imisoro mito kurusha iyagombaga kwishyurwa.

    Umujyanama wa White House mu by'ubucuruzi, Peter Navarro, yavuze ko ibyo byatumye Amerika ihomba miliyari z’amafaranga yagombaga kwinjiza kandi bigatuma Abanyamerika benshi batakaza akazi.

    Ku ruhande rw'Ubushinwa, Umuvugizi wa Ambasade yabwo i Washington, mu gusubiza ibibazo bya BBC, yavuze ko “intambara z'ubucuruzi zitagira uwuzitsindamo”, anavuga ko Ubushinwa budashyigikiye imisoro Amerika yashyizeho ndetse n’uko Amerika ikoresha ububasha bwa Leta mu guhana ibigo by’Ubushinwa.

    Uwo muvugizi yongeyeho ko ibikorwa cyangwa amasezerano by’igihugu kimwe bireba ibicuruzwa byanyujijwe mu kindi gihugu bitagomba kugira ingaruka mbi ku nyungu z’ibindi bihugu.

    BBC yagerageje kuvugisha Ambasade ya Canada, Ubuhinde, Mexique, Ubuyapani, Koreya y’Epfo ndetse n’ibindi bihugu by’ubucuruzi byavuzwe muri iyo raporo, kugira ngo bigire icyo bivuga kuri ibyo birego.

    Raporo ya White House ije mu gihe Amerika n’Ubushinwa bikomeje kutumvikana ku byerekeye ubucuruzi, aho ibihugu byombi byagiye bishyiraho ibihano n’amategeko abuza cyangwa agabanya ubucuruzi hagati yabyo, ikoranabuhanga, drones n’ibindi bicuruzwa byoherezwa mu mahanga. Ikindi kandi, itangajwe hasigaye ibyumweru bike ngo Perezida Donald Trump ahure na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping i Washington muri Nzeri (9).

    White House ivuga ko, hashingiwe ku mibare yatanzwe n’inzego za Leta n’abikorera, ibicuruzwa bifite agaciro kari hagati ya miliyari 30 na miliyari 300 z’amadolari bishobora kuba byaranyujijwe mu bihugu bifite imisoro mike. Amerika ivuga ko ubwo buryo ari ukwirinda imisoro, kandi ko yatangiye gukoresha ikoranabuhanga ry’ubwenge buhangano (AI) mu kumenya no gukurikirana ibyo bikorwa.

    Izindi nkuru wasoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri YouTube kuri BBC News Gahuza

  6. Ubuzima buteje amakenga ku bwato bw’intambara bwa Amerika USS Abraham Lincoln inyuma y’imisi irenga 250

    Abashingamateka bo mu mugambwe w’Abademokarate muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika berekanye amakenga akomeye ku buzima bw’abari mu bwato bw’intambara, SS Abraham Lincoln, bumaze igihe kirekire buri mu Buseruko bwo Hagati.

    Ku bwabo, amakuru avuga ibura ry'ibikoresho n'ibifungurwa, imihora y'amazi yononekaye hamwe n'izindi ngorane ziri ku bwato USS Abraham Lincoln ari ibintu bidashobora kwihanganirwa na gato.

    Berekana kandi ko ingabo zirushe birenze urugero kandi ko zacitse intege bikomeye, aho amakuru avuga ko bamwe mu basirikare bo bagerageje kwita mu mazi bavuye kuri ubwo bwato.

    Ariko reta yoyo siko ibibona. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, avuga ko ibi bivugwa ku bwato Abraham Lincoln ari “ikinyoma kitagira uko kingana”.

    Ubu bwato bumaze amezi icenda mu nyanja mu Buseruko bwo Hagati, bukaba bufise abasirikare baharurwa mu bihumbi bitanu.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. Abanyapalestina bategetswe kuva mu ngo zabo mu gikorwa cyo kwirukana abisiraheli bahagose

    Imiryango igera kuri 12 y’Abanyapalestina ituye mu gace ka West Bank kigaruriwe na Israel, yasabwe kuva mu ngo no mu mitungo yayo mu gihe ingabo za Israel zari mu bikorwa byo kwirukana abisiraheli bari barigaruriye ako gace.

    Kuva ku cyumweru, abo bisiraheli bari bagose imiryango yari ituye mu ngo eshatu aho babakuriyeho amashanyarazi n’amazi.

    Umuvugizi wa Israel yabwiye BBC ko ibyo bikorwa byakozwe n'abo bisiraheli ari "ibiteye isoni kandi bitemewe", yongeraho ko leta izakora iperereza kandi igata muri yombi ababigizemo uruhare.

    Muri Qusra, imiryango yari ituye mu nzu zari zigoswe yari yasabwe kuzivamo ku wa Kane, nk’uko abaturage babwiye BBC. Nyuma yo gusohorwa, bamwe bahungiye mu nzu ya gatatu.

    Si abo gusa, kuko no mu bindi bice by'umudugudu wa Qusra, indi miryango 11 yari ituye mu ngo zitandukanye na yo yasabwe n’ingabo kuva mu mazu yayo.

    Amashusho yakwirakwijwe mu ijoro ryo ku wa gatatu rishyira ku wa kane yagaragazaga imodoka nyinshi z'inzego z'umutekano za Israel, zirimo na bulldozer( imashini ikoreshwa mu gusenya cyangwa gukuraho ibintu).

    Andi mashusho yafashwe ku manywa yagaragaje umurongo muremure w'ingabo n'abashinzwe umutekano ba Israel bari mu muhanda ugana muri uwo mudugudu w'Abanyapalestina.

    Ingabo za Israel (IDF) zatangaje ko “zasenye ibirindiro bibiri byubatswe mu buryo butemewe n’amategeko,” byari byarubatswe n’abisiraheli bari barigaruriye ako gace.

    Nyuma y'amasaha agera kuri 10, imiryango imwe yemerewe gusubira mu ngo zayo. Icyakora, bavuga ko yasanzemo ibintu byinshi byatatanijwe.

    Umwe mu baturage yabwiye BBC ko abasirikare bajugunye ibiribwa byose byari muri firigo, ndetse ndetse bakamwiba amafaranga angana na 1,500 cy’amadolari ya Amerika (hafi miliyoni 2 z’amafaranga y’u Rwanda).

    BBC yabajije IDF kuri ibyo birego, ariko ntiyagira icyo ibitangazaho.

    Izindi nkuru wasoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri YouTube kuri BBC News Gahuza

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'ikibiriraho.