Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara yo muri Irani: Tehran yatangaje ibisabwa kugira ngo yugurure burundu Umuhora wa Hormuz
Inama Nkuru y'Umutekano w'Igihugu ya Irani yatangaje ko Umuhora wa Hormuz udashobora kwugururwa imbere y'uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika "zihindura inyifato yazo", yongera isohora urutonde rushasha rw'ivyo isaba kugira ngo ibiganiro bibandanya kuri uno muhora bishobore kugira ico bishitseko, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika.
Imboneshakure ya reta ya Irani yasohoye itangazo ryashizwe ahabona n'umunyamabanga w'uru rwego, Mohammad Bagher Zolghadr, akaba kandi n'umwe mu ntwazangabo nkuru z'ishami ry'igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu.
Iryo tangazo rivuga ko Amerika itegerezwa guhagarika iterabwoba kuri Irani, kandi igahagarika burundu intambara na Irani hamwe n'imurwi y'abarwanyi ikorana na yo mu karere.
Mu vyo Tehran (ubutegetsi bwa Irani) isaba, Amerika itegerezwa gukuraho ingingo yo kuzibira uruja n'uruza ku bivuko vya Irani, kuvana ingazo zayo mu karere, guha Irani indishi y'ivyononekaye vyose muri iyi ntambara, gufuta ibihano vyose yafatiye Irani, hamwe kandi no kurekura ata gisabwe amatungo ya Irani yose yafashwe.
Ni mu gihe nijoro ku wa gatandatu, Oman yatangaje ko ibiganiro na Irani ku Muhora wa Hormuz "biriko bigenda neza", Tehran na yo igatangaza ko ivyo biganiro biri hafi gushika ku ntambwe ya nyuma.
Hagati aho, Emira Zunze Ubumwe z'Abaradu zagiriza Irani kuba yarateye ubwato bw'ibitoro bw'ico gihugu muri iyo nzira y'amazi ifise akamaro kanini.
Kuva intambara itanguye, Irani yaciye izibira uno muhora, kandi ikaba ishaka gutangisha amafaranga ku mato awucamwo. Ntihengeshanya kurasa amato yagirizwa kurondera kwirengagiza inzira yashizeho yo nyene.
Amerika ntiyerekwa ivy'uko Irani yokwishuza ayo mafaranga amato akoresha iyo nzira yo mu mazi, n'aho amasezerano y'umvikano ibihugu vyompi vyashitseko muri Ruheshi (6) yemera ko Irani yoganira na Oman ku bijanye n'uno muhora.
Ku wa gatatu, Irani yatangaje ko yashitse ku masezerano na Oman ku bijanye n'inzira nshasha muri uno Muhora wa Hormuz uri mu bibazo nyamukuru biteje ukutumvikana hagati ya Irani na Amerika.
Ibitero vyabandanije kuri uno muhora wari usanzwe wuguruye imbere y'intambara, vyatumye agahengwe k'intambara kari kabonetse muri Ruheshi kanigirwa mu menshi, nubwo abahuza impande zombi bariko bagerageza kuzisubiza ku murongo kugira ngo zubahirize ivyo zumvikanye.
Ishami ry'igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu ryemeza ko ivyo gusubira "kwugurura Umuhora wa Hormuz bifise uburyo bwavyo bitegerezwa gukorwa" kandi ko bidafitaniye "isano n'ibiganiro biri hagati ya Irani na Oman".
Rigira riti: "Umwansi ategerezwa kwemera ibisabwa na Irani kugira ngo uwo muhora wugururwe".
Ku rundi ruhande, ejo ku wa gatandatu, ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Emira zunze Ubumwe z'Abarabu zariyamirije ico zita "igitero c'agasotoro ca Irani ku bwato bwa ADNOC bwarashwe igisasu ca misire igihe bwariko buca mu Muhora wa Hormuz", ariko ko ata muntu n'umwe yakomeretse.
Mu masaha yitereye y'ejo ku wa gatandatu nyene, urwego rw'Ubwongereza rujejwe gukurikirana ingenzo z'amato (UKMTO) rwatangaje ko hari igisasu carashwe ku bwato hafi y'inkombe za Oman mu Muhora wa Hormuz, cateje umuriro wahavuye uzimwa ata muntu ahakomerekeye. Ntibizwi nimba ubu bwato buvugwa ari ubwa ADNOC canke ubundi.
ADNOC (Abu Dhabi National Oil Company), ikompanyi y'igihugu ya Abu Dhabi ijejwe igitoro yatangaje ko kuva intambara itanguye, amato yayo 15 amaze guterwa muri Hormuz, "harimwo atatu yarashwe muri iyi ndwi yonyene".
Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Oman na bwo bwiyamirije "ibitero bidasiba ku mato aca mu Muhora wa Hormuz", ariko butadoma urutoke kuri Irani.
Ku ruhande rwiwe, Perezida Masoud Pezeshkian wa Irani avuga ko Irani itazokwicara irorera igihe cose Amerika izoba ikiyifatiye amaboko i mugongo mu kuzibira uruja n'uruza ku bivuko vyayo.
Avuga ko igihugu ciwe kiriko kirarondera izindi nzira kugira ngo urudandaza rubandanye, ivya nkenerwa vyinjire mu gihugu, mu kwagura imigenderanire y'ubutunzi n'ibihugu vyo mu karere hamwe n'amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu.
Ku ruhande rwayo, CENTCOM (ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere) itangaza ko gushika ku wa 8 Myandagaro (8), ingabo za Amerika zari zimaze gusubiza inyuma amato y'ubudandaji 53 mu gushira mu ngiro ingingo ya Amerika yo kugira ibivuko vya Irani.
Ivuga ariko y'uko amato arenga 30 yari atwaye imfashanyo z'ubutabazi yemerewe guca muri ako karere kagoswe.
Amerika na Israel vyatanguje intambara kuri Irani ku wa 28 z'ukwa kabiri, vyizeye ko mu misi mike cane Tehran yari kuba yamanitse amaboko, ariko siko vyagenze, nubwo Amerika yoyo ibandanya yemeza ko yahashije Irani.
Ni intambara yatumye ibiciro vy'igitoro kw'isi bigenda bihungabana, mu gihe Umuhora wa Hormuz ucamwo hafi ica gatanu c'igitoro na gaze bikoreshwa kw'isi yose.
Icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, J.D. Vance, yemeza ko Amerika "yasambuye" umugambi wa nikleyeri wa Irani, kandi ko yasambuye ubushobozi bwa gisirikare bwa Irani.
Mu kiganiro yahaye Fox News ejo ku wa gatandatu, yavuze ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) iriko irihweza nimba Irani yiteguriye kugira impinduka nyazo kandi z'igihe kirekire zotuma imigenderanire yayo na Amerika inagurwa.
Yagize ati: " Nimba Irani itemeye guhindura ingendo zayo nk'uko ibisabwa, Amerika izobandanya kuyitera igitsure".