IKIBIRIRAHO, Igisirikare ca Amerika catanguye ibitero ‘bikomeye’ kuri Irani inyuma y'igitero ku ngabo zaco
Igisirikare ca Amerika kivuga ko catanguye umupfunda mushasha w’ibitero kuri Irani mu kwishura ku bitero ingabo zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira
Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari bike vya Ukraine
Ahavuye isanamu, t.me/andriysadovyi
Insiguro y'isanamu, Hadutse umuriro mu nyubakwa y'uburaro mu gisagara ca Lviv inyuma y'igitero mw'ijoror ryakeye
Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari
bike mu gihugu cose muri Ukraine, amasaha makeyi inyuma y'uko Perezida
Volodymyr Zelensky agabishije ko Moscou yariko itegura igitero rurangiza ku
gihugu ciwe.
Ibisasu vya misire vya ballistic, ibisasu vyo mu bwoko
bwa Tsirkon binyaruka gusumba ijwi (hypersonic), vyarashwe ku mugwa mukuru Kyiv, hampande
ya za ndege zitajamwo abadereva (drone) zo mu bwoko bwa shahed, bigateza
imiriro mu duce dutandukanye, kandi umuntu umwe akaba yishwe.
Abandi bantu batandatu, harimwo abana babiri, bivugwa ko
bapfiriye mu ntara ya Dnipropetrovsk inyuma y'uko inzu yabo isenyutse.
Ibindi bice vy’igihugu, harimwo n’igisagara ca Lviv kiri mu
burengero bwa Ukraine, vyarashwe mu mipfunda y’indege zitajamwo abadereva
(drone).
Ku ruhande rw’Uburusiya, abategetsi b'igisagara ca Penza
kiri mu burengero bw'igihugu bavuga ko ubundi bubiko bw'ibidandazwa bwa ya kompanyi
y'ubudandaji ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, Wildberries, bwasubiriye
guterwa n'amadrone ya Ukraine.
Igisirikare ca Amerika catanguye ibitero ‘bikomeye’ kuri Irani inyuma y'igitero ku ngabo zaco
Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko
catanguye umupfunda mushasha w’ibitero kuri Irani mu kwishura ku bitero ingabo
zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (US Central
Command, CENTCOM) buvuga ko mu masaha ya kare yo kuri uno wa kane ingabo za
Amerika zakoze ibitero ku bibanza bitari bike vy’ishami ry’igisirikare ca Irani
rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guard Corps, IRGC),
harimwo ibigo vy'ubuyobozi, ububiko bw’ibisasu vya misile n'indege zitajamwo abadereva
(drones), hamwe n'ibigo vyaryo bijejwe intambara yo mu mazi.
Ibinyamakuru vya Irani bitangaza ko amazinga ya Qeshm na
Abadan ari mu turere twatewe. Utu turere twompi turimwo ibigo bihambaye vy'igitoro.
Imbere y’aha, Irani yari yemeye ko ku wa gatatu yagavye
ibitero ku bigo vya Amerika muri Yorodaniya no ku mato yari mu Muhora wa Hormuz.
Ntaco yavuze ku muriro wadutse ku bwato bunini bwa gaz bwa Amerika ku kivuko ca
Damietta mu Misiri.
CENTCOM yanditse ku rubuga rwa X ko ivyo bitero ari
"inyishu ikomeye" ku bitero Irani yagavye ku wa kabiri ku birindiro
vya Amerika muri Yorodaniya no ku mato yari mu Muhora Hormuz.
Ejo ku wa gatatu, ikinyamakuru Axios casubiyemwo umutegetsi wa
Amerika atavuzwe izina, ko Trump yahuye n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa
Arabia Sawudite, Umuganwa Khalid bin Salman, yamushikirije ko igihugu ciwe
cifuza guhosha imishamirano. BBC yasavye Maison Blanche/White House kugira ico
ivuze kuri aya makuru.
Uku kurasana kwasubiye kwaduka inyuma y'agahengwe kari
kamaze imisi mike.
Amasaha makeyi imbere y'uko ibitero bishasha bitangazwa,
Trump yari yarahiye ararengwa ko Amerika itegerezwa kwihora ku gitero Irani
yari yagerageje kugaba ku ngabo za Amerika.
Yabwiye abanyamakuru kuri Maison Blanche ati: "Tugiye
kubakubita bikomeye kuko ubu ni igihe cacu co kubatera.
IRGC yaremanze igitero ku kibuga c'indege c'ingabo za
Amerika hamwe n'ikigo c'ubuyobozi muri Yorodaniya "mu kwishura ku bikorwa
vy'ubugizi bwa nabi vy'ingabo za Amerika".
Yavuze kandi ko ingabo zayo zirwanira mu mazi zateye amato
atatu y’igitoro mu Muhora wa Hormuz inyuma y'uko "yirengagije ubutumwa bw’igabisha",
agaca mu nzira yiswe "itari itekanye kandi itemewe n'amategeko" muri
uwo muhora w'amazi kirumara.
Ku wa gatanu uheze, Trump yari yahagaritse isekeza ryo
gucucagira ibibombe ryari rimaze amajoro 13 ubudasiba.
Igihe Amerika na
Israel batanguza intambara kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, Perezida Donald
Trump wa Amerika yari yavuze ko intambara yari kumara indwi nke gusa. Ariko ubu
imaze amezi atanu ata kimenyetso c'uko igiye kurangira.