Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye Ballon d'Or nyuma y'imyaka 25

Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye igihembo cy’uwahize abandi mu mupira w’amaguru ku isi cya Ballon d’Or kuva Michael Owen agitsindiye mu mwaka wa 2001.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Nigeria: Abanyeshuri barenga 50 bajyanywe kwa muganga nyuma yo gufata imiti irinda bilharzia

    Harimo gukorwa iperereza kugira ngo hamenyekane niba imiti yahawe abanyeshuri bo mu ishuri ryisumbuye ryo muri Leta ya Katsina, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Nigeria, itari ifite ikibazo, nyuma y'uko abanyeshuri benshi bagaragaje ibibazo by'ubuzima mu gikorwa cyo gukumira indwara ya bilharzia.

    Mu kiganiro yagiranye na BBC, Komiseri ushinzwe Ubuzima muri Leta ya Katsina, Musa Adamu Funtua, yavuze ko ubuyobozi buri gukora iperereza kugira ngo hamenyekane icyabaye ndetse hanasuzumwe niba hari uburiganya cyangwa andi makosa yaba rarabiteye.

    Abanyeshuri barenga 50 bo ku Ishuri rya Leta rizwi nka Science Secondary School riherereye Batagarawa bajyanywe kwa muganga nyuma yo kugira ibimenyetso birimo kuruka, kuribwa mu nda no kugira isereri.

    Funtua yavuze ko iyi miti yari yahawe abanyeshuri hafi 100 mu rwego rwo gukumira bilharzia, ariko ko abagera kuri 50 bagize ibibazo nyuma yo kuyihabwa batabanje gufata amafunguro.

    Yavuze kandi ko ubu abo banyeshuri bamerewe neza, aho umunani gusa ari bo bari baraye mu bitaro, ariko na bo bakaba bamaze gusubira ku ishuli hamwe n’abandi.

    Mu mashusho arimo gukwirakwira ku mbuga nkoranyambaga, umwe mu banyeshuri agaragara asobanura ko iyi miti yatangwaga hashingiwe ku burebure bw’umunyeshuri.

    Gusa BBC ivuga ko itarabasha kwemeza ukuri kw’ayo mashusho mu buryo bwigenga.

    Bilharzia, izwi kandi nka schistosomiasis, ni indwara iterwa n'udukoko tw'uruhinganywe twa parasite kandi ikunze gufitanye isano no guhura n'amazi meza yanduye.

    Muri utwo duce iyi ndwara ikunze kugaragaramo, hashyirwaho gahunda zo gutanga imiti iyirinda ku buryo bwa rusange.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. RD Congo: Abemejwe ko banduye Ebola barenze 10.000

    Igitigiri c’abantu bamaze kwemezwa ko banduye umugera wa Ebola muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) carenze 10.000, nk’uko bivugwa mu cegeranyo gishasha ku biza, mu gihe abajejwe amagara y’abantu bakibandanya guhangana n’uwo mugera mu ntara zo mu buseruko bw’igihugu.

    Iki cegeranyo casohowe n’ikigo c’igihugu kijejwe amagara y’Abantu (INSP), kikerekana uko ibintu vyari vyifashe gushika ku wa 25 Gitugutu (10), kigaragaza abantu 96 bashasha bemejwe ko banduye Ebola. Intara ya Kivu ya Ruguru ni yo yagaragayemwo abanduye benshi: 58. Ikurikirwa na Ituri yatowemwo 32, na Tshopo, batandatu.

    Hisunzwe iki cegeranyo, igitigiri bwegu c’abemejwe ko banduye muri iki kiza kigira 17 muri RDC, kigera ku 10.060. Abajejwe amagara bavuga ko kuva ico kiza cadutse abantu 4.887 bapfuye bahitanywe na co, mu gihe abandi 2.684 bakize.

    Ku wa 25 Gitugutu (10), abantu 14 ni bo batashe bavuye mu bitaro inyuma yo gupimwa incuro zibiri bagasangwa barakize.

    Iki cegeranyo cerekana kandi ko mu bantu 96 bashasha bari baherutse kwandura, 46 bapfuye. Muri abo, 40 bapfiriye mu kibano, aho kuba mu bibanza bivurirwamwo abarwaye Ebola.

    Ikindi ni uko, 27 muri bo bari muri Kivu ya Ruguru, abandi 13 bakaba bari muri Ituri. Abajejwe amagara y’abantu bavuze ko ivyo bigaragaza akamaro ko gutahura hakiri kare abanduye uwo mugera no gukurikiza uburyo butekanye bwo gufuba abapfuye.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Kompanyi zikomeye zo mu Bushinwa zahevye Mbappé, mu gihe anegurwa ku majambo bivugwa ko yavuze atebura kuri Mao

    Kompanyi zitari nke zo mu Bushinwa zahagaritse gukorana n’umukinyi w’umupira w’amaguru w’Umufaransa Kylian Mbappé, inyuma y’uko abantu barushirije kumunegura ku mbuga ngurukanabumenyi kubera amajambo bivugwa ko yavuze yerekeye Mao Zedong, yahoze arongoye Ubushinwa atakiriho.

    Bivugwa ko Mbappé yavugiye mu kiganiro co ku mboneshakure y’Abafaransa citwa The Bridge avuga ko ‘meme’ imutwenza "kurusha izindi… ni imwe ya videwo ubonamwo umugabo, nibaza ko ari umunyagitugu w’Umushinwa".

    Ariko aravuga ayo majambo, muri videwo [meme] yo gutwenza haca hagaragaramwo isura yiwe iba yageretswe kw’ifoto isa n’iya Mao.

    Nk’uko bigaragara mu duce tw’amavidewo tutaremezwa duhanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi, uwo mukinyi wa Real Madrid yongeyeko ati: "Igihe cose ndayikoresha [meme] iyo ndi kumwe n’abagenzi banje."

    Mbappé ntiyavuze izina rya Mao, kandi videwo y’ikiganiro cose ntikigaragara kuri shene ya YouTube ya The Bridge. Ariko amafoto yafashwe akuwe muri iyo videwo yaramaze gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa.

    Mbere, n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu bwaragize ico buvuga kuri ico kibazo. Umuvugizi wabwo, Lin Jian, yagize ati: "Twarabonye amakuru ajanye n’ico kibazo. Amajambo n’ibikorwa bibabaza abanyagihugu b’Ubushinwa birumvikana ko bizotegerezwa kwiyamirizwa n’imirwi itandukanye mu kibano co mu Bushinwa."

    Yaba Mbappé canke ikiganiro The Bridge, nta n’umwe aragira ico avuga kuri ico kibazo gushika ubu.

    Ntibiramenyekana neza igihe ico kiganiro catangarijwe. Ariko ku mugoroba wo ku wa mbere, ni ho urubuga rw’Abashinwa rukurikiranira hafi umupira w’amaguru, Dongqiudi, rwashira ahabona amajambo rwaneguye, ruvuga ko "atabereye" kandi ko "ababaje abanyagihugu b’Ubushinwa".

    Urubuga Dongqiudi rwongeyeko ruti: "Kubera ko amajambo yiwe yababaje Ubushinwa n’abanyagihugu babwo, ntidushobora kuyahindura mu rundi rurimi."

    Ubwo nyene ukwiyamiriza gukomeye kwaciye gutangura ku mbuga ngurukanabumenyi, aho bamwe baneguye Mbappé – asanzwe akundwa cane mu Bushinwa kandi afitaniye amasezerano yo kwamamaza ibidandazwa na kompanyi zikomeye – bamwagiriza "kuronka inyungu ziva mw’isoko ry’Ubushinwa, ariko akavuga amajambo ababaza abanyagihugu b’ico gihugu".

    Uwundi muntu yanditse ku rubuga rwa Weibo ati: "Abantu b’ivyamamare ku rwego mpuzamakungu, cane cane, bakwiye kwubaha abandi no kwitwararika ingene amajambo yabo yakirwa, mu gihe umutima w’abantu wo gukunda no kwiyumvamwo igihugu cabo udakwiye gufatwa nk’ikintu gisanzwe."

    Mao Zedong ni we yatanguje Ubushinwa bw’aba ‘Communistes’ mu 1949, maze aburongora mu kiringo caranzwe n’uruhagarara rukomeye mu myaka ya 1960 n’iya 1970.

    Umugambi wiwe wo kwihutisha iterambere ry’inganda yise Great Leap Forward (Gutera intambwe ndende), watumye haba inzara yahitanye abantu baharurwa mu mamiliyoni.

    Haciye hakurikira impinduka zikomeye mu vyerekeye imico ‘Cultural Revolution’, igikorwa co guhiga no gukuraho abantu babonwa ko ari intambamyi kuri ‘communisme’, harimwo incabwenge zo mu Bushinwa, bene amatongo, abanyatugenegene n’abakeba b’imbere mu mugambwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Israel igiye mu matora y'ingenzi cyane ashingiye ku mutekano na demokarasi

    Abanya-Israel bitabiriye amatora benshi bafata nk’amwe mu y’ingenzi cyane abayeho mu mateka y’iki gihugu.

    Amakuru avuga ko abantu 70,000 bari bari mu mahanga basubiye iwabo gutora, uwo mubare ukaba utari warigeze ugera aho mbere, mu gihe abagera ku 500,000 bagiye gutora ku nshuro ya mbere.

    Ikusanyabitekerezo ryatangajwe ku wa gatanu ryumvikanisha ko Benjamin Netanyahu, w'imyaka 77, usanzwe uri ku butegetsi ahanganye mu buryo buri hafi kwegerana n’uwahoze ari umugaba mukuru w’ingabo Gadi Eisenkot, w'imyaka 66, mu guhatanira kuba minisitiri w’intebe.

    Ariko biteganyijwe ko yaba urugaga rwa politike rwa Netanyahu, yaba urugaga rwa politike rwa Eisenkot, nta na rumwe muri zo ruzatsindira imyanya 61 icyenewe kugira ngo rushyireho leta y’ubwiganze – ibyo bikaba bisobanuye ko imbere aha hashobora kuba amakimbirane ya politike ashobora kumara ibyumweru cyangwa amezi.

    Ibikorwa byo kwiyamamaza byaranzwe ahanini n’ingingo y’umutekano – uruhande rutavuga rumwe n’ubutegetsi runenga cyane Netanyahu ku byagenze nabi mu rwego rw’umutekano bitari byarigeze bibaho byatumye haba ibitero kuri Israel biyobowe n’umutwe wa Hamas ku itariki ya 7 Ukwakira (10) mu 2023, byiciwemo abantu hafi 1,200 naho abandi 251 bagashimutwa bakajyanwa muri Gaza.

    Urwo ruhande rwasabye ko hashyirwaho akanama k’iperereza kigenga, kagakora iperereza kuri ibyo bitero. Netanyahu amaze igihe kirekire yanga ko ako kanama kajyaho, agashimangira ko kamurenganya.

    Nubwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakomeje kumunenga, Netanyahu nanone yigaragaje nk’umuntu umutekano wa Israel ushingiyeho – atanga ingero z’izo yise intsinzi zitanga inyungu z’igihe kirekire yagezeho mu ntambara za Israel mu karere k’Uburasirazuba bwo Hagati, ndetse n’umubano wa hafi afitanye na Perezida w’Amerika Donald Trump.

    Uburyo bw’imitegekere bwa Israel bwo guhagararira abaturage bijyanye n’amajwi uruhande runaka rwagize, bwagiye butuma buri gihe habaho za leta zishingiye ku ngaga – ndetse guhatanira ubutegetsi bishobora, kandi byabayeho, gutuma habaho amahuriro atari yitezwe. Ariko aya matora uko bigaragara arimo abakandida begeranye cyane mu kugira amahirwe yo gutsinda.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Ukraine: Hatanguye agahengwe mu gisagara casinzikajwe n'intambara, inyuma y'uko bitangajwe na Melania Trump

    Agahengwe katanguye mu gisagara ca Oleshky co muri Ukraine kiri mu minwe y’Uburusiya, inyuma y’indwi gatangajwe n’umugore wa Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Melania Trump.

    Ako gahengwe gashizwe mu ngiro mu ntumbero yo kworohereza igikorwa co gushikana imfashanyo mu banyagihugu no kuvana abasivire muri ico gisagara.

    Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya, bubicishije ku rubuga rwa Telegram, bwatangaje ko bwahagaritse kurasa ku gisagara ca Kherson co muri Ukraine kiri hakurya y’uruzi ugereranije na Oleshky, isaha cumi z’igitondo ku masaha y’i Moscou (isaha icenda z’ubucagucagu zo mu Burundi no mu Rwanda), mu kwitegurira ibikorwa vyo gufasha no kugarukira ku bari mu kaga.

    Oleshky iherereye ku nkombe yo mu bumanuko y’uruzi Dnipro. Urwo ruzi ni rwo rugize umurongo utandukanya impande zirwana mu karere ka Kherson. Abanyagihugu bagumye muri ico gisagara bamaze igihe babayeho mu buzima bugoye cane, kubera kubura ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa.

    Dmytro Lubinets, umukuru w’igisata co mu nama nshingamateka ya Ukraine kijejwe agateka ka zina muntu, yemeje na we nyene ko ako gahengwe katanguye, nk’uko bigaragara mw’itangazo yashize ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Yanditse kuri Facebook ati: “Ndi umukuru w’umurwi wa Ukraine ujejwe ibiganiro, ndemeza ko uruhande rwa Ukraine ruriko rurubahiriza ivyo rwiyemeje.”

    Uburusiya bwigaruriye Oleshky mu misi ya mbere y’intambara yeruye bwashoje kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.

    Abanyagihugu baheze muri ico gisagara bagumye bugarijwe n’ingorane zo kuronka ibifungurwa bihagije, kubera bari hagati y’ibirindiro vya Ukraine biri hakurya y’uruzi Dnipro n’ingabo z’Uburusiya ziri hakuno.

    Imbere y’intambara, ico gisagara cari kirimwo abantu 24.000. Ubu, Ukraine igereranya ko muri co no mu micungararo yaco hasigaye abantu bagera ku 6.000, harimwo abana 200.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye Ballon d'Or nyuma y'imyaka 25

    Harry Kane abaye Umwongereza wa mbere utsindiye igihembo cy’uwahize abandi mu mupira w’amaguru ku isi cya Ballon d’Or kuva Michael Owen agitsindiye mu mwaka wa 2001, igihembo yashyikirijwe mu birori byabereye i London ku wa mbere.

    Uyu rutahizamu w’imyaka 33 ukinira ikipe yaBayern Munich abaye Umwongereza wa gatanu muri rusange utsindiye icyo gihembo. Abandi Bongereza bagitsindiye ni Stanley Matthews mu 1956, Bobby Charlton mu 1966 na Kevin Keegan mu 1978 no mu 1979.

    Denis Law wo muri Scotland wagitsindiye mu 1964 na George Best wo muri Ireland ya Ruguru (Northern Ireland) wagitsindiye mu 1968 ni bo bandi bagitsindiye bo mu Bwami bw’Ubwongereza.

    Rutahizamu wa Real Madrid n’uw’Ubufaransa Kylian Mbappé yarangije ku mwanya wa kabiri, mu gihe Lamine Yamal wa Barcelona na Espagne yarangije ku mwanya wa gatatu.

    Kane yabwiye igitangazamakuru Dazn ati: “Si abantu benshi bari kubitekereza, ndetse wenda nanjye sinari no gutekereza ko nagera kure nk’aha.”

    “Byansabye kunyura mu bihe byiza n’ibibi, cyane cyane mu ntangiriro y’umwuga wanjye. Sinigeze na rimwe mba umuntu abantu batekerezaga ko yaba icyamamare cyane nkuko bamwe bameze ubu.”

    Alexia Putellas, ukinira London City Lionesses na Espagne, ni we watsindiye igihembo cya Ballon d’Or mu bagore.

    Kane yatsinze ibitego 61 mu mikino 51 ya ‘club’ mu mwaka ushize w’imikino, bikaba ari byo bya mbere byinshi umukinnyi wa Bayern atsinze mu mwaka umwe w’imikino. Ubariyemo n’imikino yakiniye Ubwongereza, ni ibitego 73 yatsinze – hamwe n’imipira umunani yatanze yavuyemo ibitego – mu mikino 65.

    Umukinnyi umwe wenyine wo muri 'club' yo muri shampiyona eshanu za mbere z’i Burayi ni we wigeze atsinda ibitego byinshi kuruta ibyo mu mwaka umwe w’imikino.

    Uyu kapiteni wa Three Lions – nkuko ikipe y’igihugu y’Ubwongereza yitwa – abaye umukinnyi wa mbere wa Bayern utsindiye Ballon d’Or kuva Karl-Heinz Rummenigge ayitsindiye mu mwaka wa 1981.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.