Ubwato bunini cane buva mu Burusiya bwaciye mu muhora wa Hormuz n'aho hugaye
Ubwato bunini cane bufitaniye isano n’umwe mu bantu bakomeye cane bashigikiye umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, bwaciye mu muhora wa Hormuz n’aho iyo nzira ikomeye y'igitoro yugaye.
Ubwo bwato bwitwa Nord, bufise uburebure bwa metero 142, bufitaniye isano n’umurwizatunga w’Umurusiya yafatiwe ibihano, Alexey Mordashov, bwavuye i Dubai buja i Muscat muri Oman mu mpera z’indwi, bukaba ari bumwe mu bwato bw’abantu ku giti cabo buke cane bwaciye muri iyo nzira muri aya mezi aheze.
Muri iyi misi, Iran yaragiranye ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru n’Uburusiya, mu gihe uguhangana kwayo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye no gusubira kwugurura uwo muhora bikibandanya.
Hafi ica gatanu c'ibitoro vy'isi hamwe na gaz bisanzwe bica muri uwo muhora wo mu mazi.
Naho Alexey Mordashov afitaniye ubucuti bwa hafi na Vladimir Putin, ubwo bwato ntibumwanditseko. Ariko ivyangombwa bigaragaza ko bwanditswe kw'ishirahamwe ry’umugore wiwe mu 2022.
Ubwo bwato bwa Nord, buharurwa ko bufise agaciro karenga imiliyoni 500 z’amadorari ya Amerika, bwavuye i Dubai ku wa gatanu mw'ijoro bushika i Al Mouj, ku kivuko kiri mu murwa mukuru wa Oman, ku wa mungu mu gitondo, nk’uko amakuru ava ku rubuga rwa Marine Traffic abivuga.
Uruja n’uruza rw’ubwato muri uwo muhora muri ako karere ko mu kigobe rwaragabanutse cane ugereranije n’igihe intambara itari bwatangure.
Iyo ntambara yatumye ibiciro vy’igitoro kw'isi biduga cane, aho igiciro c'igitoro kw'isi ca Brent caduze gushika ku madolari 109 ku kagunguru ku musi wa mbere.
Izindi Nkuru wosoma: