IKIBIRIRAHO, Ucyekwa yarezwe kugerageza kwica Trump mu isangira n'abanyamakuru i Washington

Abakora iperereza bavuga ko uwo mugabo w'imyaka 31 ukomoka muri leta ya California yashakaga kwica abategetsi bo ku rwego rwo hejuru benshi bashoboka.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gisèle Berwa

  1. Ubwato bunini cane buva mu Burusiya bwaciye mu muhora wa Hormuz n'aho hugaye

    Ifoto yerekana ubwato bunini cane bufitaniye isano n’umwe mu bantu bakomeye cane bashigikiye umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ubwo bwato buzimvye bufise agaciro k'imiliyoni 500 z'amadolari ya Amerika, bwaciye muri uwo muhora mu mpera z'indwi iheze

    Ubwato bunini cane bufitaniye isano n’umwe mu bantu bakomeye cane bashigikiye umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, bwaciye mu muhora wa Hormuz n’aho iyo nzira ikomeye y'igitoro yugaye.

    Ubwo bwato bwitwa Nord, bufise uburebure bwa metero 142, bufitaniye isano n’umurwizatunga w’Umurusiya yafatiwe ibihano, Alexey Mordashov, bwavuye i Dubai buja i Muscat muri Oman mu mpera z’indwi, bukaba ari bumwe mu bwato bw’abantu ku giti cabo buke cane bwaciye muri iyo nzira muri aya mezi aheze.

    Muri iyi misi, Iran yaragiranye ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru n’Uburusiya, mu gihe uguhangana kwayo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye no gusubira kwugurura uwo muhora bikibandanya.

    Hafi ica gatanu c'ibitoro vy'isi hamwe na gaz bisanzwe bica muri uwo muhora wo mu mazi.

    Naho Alexey Mordashov afitaniye ubucuti bwa hafi na Vladimir Putin, ubwo bwato ntibumwanditseko. Ariko ivyangombwa bigaragaza ko bwanditswe kw'ishirahamwe ry’umugore wiwe mu 2022.

    Ubwo bwato bwa Nord, buharurwa ko bufise agaciro karenga imiliyoni 500 z’amadorari ya Amerika, bwavuye i Dubai ku wa gatanu mw'ijoro bushika i Al Mouj, ku kivuko kiri mu murwa mukuru wa Oman, ku wa mungu mu gitondo, nk’uko amakuru ava ku rubuga rwa Marine Traffic abivuga.

    Uruja n’uruza rw’ubwato muri uwo muhora muri ako karere ko mu kigobe rwaragabanutse cane ugereranije n’igihe intambara itari bwatangure.

    Iyo ntambara yatumye ibiciro vy’igitoro kw'isi biduga cane, aho igiciro c'igitoro kw'isi ca Brent caduze gushika ku madolari 109 ku kagunguru ku musi wa mbere.

    Izindi Nkuru wosoma:

  2. Ucyekwa yarezwe kugerageza kwica Trump mu isangira n'abanyamakuru i Washington

    Abategetsi babiri, umugabo n'umugore, bareba igishushanyo kiriho imbunda nto. Umugore atunze urutoki kuri icyo gishushanyo.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Umugabo wo muri leta ya California yarezwe kugerageza kwica Perezida w’Amerika Donald Trump, mu byabaye byatumye hasuzumwa uburyo umutekano w’ibiro bya Perezida w’Amerika – White House – ucungwamo.

    Cole Tomas Allen, w’imyaka 31, yanarezwe ibyaha bibiri byo gutunga imbunda, ubwo ku wa mbere yitabaga mu rukiko rw’i Washington DC. Nta cyo yavuze ku byo aregwa.

    Abashinjacyaha bavuga ko mu isangira ryo ku wa gatandatu nimugoroba rya Perezida Trump n’abanyamakuru batara amakuru muri White House, uwo yari yitwaje imbunda nto irasa urufaya mu buryo bw’igice (semi-automatic handgun), indi mbunda nto hamwe n’ibyuma bitatu, ubwo yanyuraga yihuse kuri bariyeri y’umutekano y’abaheraga iryo sangira.

    Umwe mu bo mu ishami ricunga umutekano wa perezida n’uw’abandi bategetsi bakomeye n’abahoze ari abategetsi bakomeye – ryitwa US Secret Service – yararashwe ariko ntiyakomereka cyane muri icyo gitero cyabereye kuri hoteli. Ushinjwa ashobora gukatirwa igifungo cya burundu ibyo aregwa nibiramuka bimuhamye.

    Yambaye umwenda ufatanye hejuru no hasi w’ibara ry’ubururu uriho ikirango kiriho izina rye, ucyekwa yagaragaye atuje ubwo ku wa mbere yari ari mu rukiko rwo mu murwa mukuru w’Amerika.

    Yavugaga mu ijwi rituje ubwo yasubizaga hafi buri kibazo cyose cy’umucamanza, agakoresha imvugo ngo “yego, nyakubahwa” cyangwa “oya, nyakubahwa”.

    Yavuze imyaka ye ndetse avuga ko afite impamyabumenyi ya kaminuza yo ku rwego rwa 'master's degree' (maîtrise).

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.