Menya igituma inzanyi ari igipimo ku magara y'abagabo, kandi dukwiye kwitwararika ibimenyetso kitwereka

Igicapo c'abagabo

Ahavuye isanamu, Serenity Strull/ BBC

    • Umwanditsi, David Robson
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 8

Ikibazo co kutabarukwa, canke inzanyi ntinege n'inguvu uko bikwiye (disfonctionnement erectile/Erectile dysfunction) gishobora ishobora kuba imburi ya kare y'indwara y'umutima, guturika canke kuziba kw'imitsi ijana amaraso mu bwonko (AVC/stroke), igisukari (diabete) hamwe n'indwara ya démence/dementia mu vyo itera harimwo kwibagira canke kutiyumvira neza. Abashakashatsi bavuga ko hageze ko abafise ico kibazo hamwe n'abaganga batangura kuhagabira.

Ushobora kuba ufata ikibazo co kutabarukwa (canke kudáshūkwá) ko ari indwara yo kutavugira hejuru. Nk'uko biri mu bushakashatsi butari buke, ni indwara ibangamira abarenga umwe kuri babiri mu bagabo bose barenza imyaka 40. Ariko, ni bake cane bubahuka kukivugana n'abakunzi babo.

Nubwo iki kibazo kivugwa mu biyago, kenshi kiza nko gutēbura canke kwiterera inkuru gusa, aho kuba imburi ya kare y'indwara iba iri hafi. Ariko rero, nk'uko ubushakashatsi bwinshi bushasha bubigaragaza, inzanyi ikunze kuba igipimo c'amagara y'umugabo muri rusangi, mu gihe iyo ifise ingorane yo kutabaduka bishobora kuba ikimenyetso c'intango y'indwara zikomeye nyinshi, harimwo igisukari, indwara y'umutima, guturika canke kuziba kw'imitsi itwara amaraso mu bwonko (AVC/stroke), hamwe no gutakaza ubushobozi bwo gukora neza kw'ubwonko ku bijanye n'ubuzima bwa minsi yose nko kwibuka no kwiyumvira n'inyifato (démence/dementia).

Nk'uko bivugwa n'umuhinga mu vy'igitsina Emmanuele Jannini wo kuri Kaminuza ya Rome Tor Vergata yo mu Butaliyano, iki ni "ikimenyetso c'ikintu kibi kiri imbere". Mu gihe hoba ugupima neza no gusuzuma ikibazo c'inzanyi idashobora kubaduka neza, abaganga barashobora kubona izindi ndwara zikomeye hakiri kare, zitarashika kure cane.

Ariko rero, abagabo benshi ntibakunda kuvuga ivyerekeye amagara yabo mpuzabitsina, aha rero bakahatakariza amahirwe ngirakamaro ku buzima bwabo.

Ng'ibi rero ivyo ukeneye kumenya kuri iki kibazo kigwiriye cane, be n'igituma umuganga wawe yogifata nk'imvo z'uko akwiye gutangura kugenzura neza amagara yawe.

Ibibazo bijanye n'imiyoboro y'amaraso

Nk'uko bimeze ku zindi ndwara nyinshi, nta gitigiri nyezina c'abafise ikibazo c'inzanyi itabaduka neza bivanye n'ingene ico kibazo gisigurwa n'ingene gipimwa. Ni co gituma ubushakashatsi butanga ibiharuro bitandukanye cane kw'isi yose, kuva kuri 3% gushika kuri 76.5% mu bagabo bakuze - itandukaniro rinini cane.

Ariko, bumwe mu bushakashatsi bwagutse kandi bwasuzumye mu buryo bwimbitse, bwakorewe ku bantu hafi 1200 hifashishijwe urutonde rw'ibibazo bitomoye, bwerekanye ko 39% vy'abagabo bafise imyaka 40 bakunda kugira ingorane kanaka zo kudashobora kurangura amabanga mpuzabitsina, gushika kuri 67% ku bafise imyaka 70.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku rugero rwa 59%, abagabo bafise ikibazo co kubarukwa bafise igihamana kibi co kurwara indwara z'umutima, be no guturika canke kuziba imitsi itwara amaraso mu bwonko (AVC/stroke) ku rugero rwa 34%.

Kenshi cane, ikibazo co kubarukwa ni ikibazo kijanye n'ingene amaraso adatembera neza mu mubiri.

Ku burebure bw'inzanyi hari utunyangingo tubiri tumeze nk'umupira tuzwi nka corps caverneux/corpora cavernosa, dusanzwe tworoshe. Iyo umugabo abarutswe (canke ashutswe), ubwonko burungika ibimenyetso bituma imitsi ikikuje imiyoboro y'amaraso y'igitsina yikirekura, bigatuma amaraso yinjira ari menshi muri utwo tunyangingo tubiri. Iyo dutanguye kugara, utu tunyangingo corpora cavernosa duca dutangura kwigorora, hanyuma tugafyonda imitsi isohora amaraso iyavana mu nzanyi, bigaca bituma aya maraso aguma imbere mu nzanyi.

Nka kurya kw'umupira uriko uruzura ipepu, inzanyi iragara ikaba nk'igiti. Rero, ikintu ico ari co cose kigabanya ukwuzura kw'amaraso aca mu turingoti tw'inzanyi kiratuma umugabo adashobora gushika ku ntumbero yiwe canke ntashobore kumara umwanya munini abarutswe (ashutswe).

Akenshi ikibazo ni mu mutwe. Iyo umuntu yagize umwitwarariko mwinshi (stress) umubiri uca ukora inkabuzo (imisemburo) zizwi nka adrénaline na cortisol mu ntumbero yo guhangana na wo, ibi bigatuma twa tunyangingo tw'inzanyi corpora cavernosa tudakomera neza. Umwitwarariko mwinshi kandi ushobora kubangamira ya nkabuzo ya kigabo izwi nka testosterone, ibi na vyo bigashobora kugabanya ubushobozi bwo kubarukwa/gushukwa (libido), no kugabanya ishaka ryo gukora imibonano mpuzabitsina. (Ni ngombwa kumenya ko abantu bafise ingorane z'umubiri udakora inkabuzo, nk'indwara izwi nka hypogonadism, na bo baba bafise testosterone nkeya, rero iki naco gishobora kugira uruhara.)

Si n'ivyo gusa, kuko umwitwarariko mwinshi akenshi ujana n'uguta umutwe, bigatuma umuntu adashobora kuguma yibanda ku bijanye n'imibonano mpuzabitsina.

Ariko ibi na vyo bishobora kuba bifise imvo yumvikana: iyo umwitwarariko mwinshi utumye umubiri uhagarika ivyipfuzo vy'imibonano mpuzabitsina, ni mu ntumbero yo kuziganya inguvu nkenerwa kugira ngo ubanze wikure mu kaga. Jannini agira ati: "Iyo umuntu ari mu kaga, ivyo kuvyara si ikintu nkenerwa".

Ariko mu gihe ca none, hari ibintu vyinshi atari ngombwa ko ari ibidutera umubabaro, bituma tugira umwitwarariko mwinshi, bigatuma ubu buryo bw'umubiri bwo kwikingira bukoreshwa kenshi kurusha uko vyari bikenewe.

Ibibazo vy'umutima n'ubwonko

Mu bihe vyinshi, ingorane yo kutabarukwa ishobora kuba ikimenyetso c'izindi ngorane zikomeye z'amagara. Nk'akarorero, ishobora guterwa n'indwara yitwa atherosclerosis, ituma imitsi y'amaraso idadarara, ibi na vyo bigashobora guteza ingorane zikomeye zo kurwara umutima.

Kubera ko imitsi y'amaraso mu nzanyi ari mito cane ugereranije n'iyindi, akenshi ni yo ibanza guhura n'ikibazo. Ni co gituma ingorane zo kutabarukwa zishobora kuba ikimenyetso ca mbere kigaragaza ingorane z'umutima zishobora kuba zimirije.

Mu mwihwezo wakozwe ku bantu 154.794, amatohoza amwe aheruka yasanze abagabo bafise ingorane yo kutabarukwa bashobora kurwara indwara y'umutima ku rugero rwa 59%, abandi na bo bashobora guhura n'ikibazo co guturika canke kuziba imitsi ijana amaraso mu bwonko ku rugero rwa 34%.

Michael Carroll, umuhinga mu bijanye n'irondoka akorera muri kaminuza ya Manchester Metropolitan mu Bwongereza, avuga ati: "Uburyo bwiza bwo gupima ko imitsi yawe imeze neza ni ukubarukwa neza".

Igikorwa co gupima

Ahavuye isanamu, Serenity Strull/ BBC/ Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubushakashatsi bwerekana ko abagabo bafise ikibazo co kutabarukwa bagira ivyago vyo kurwara indwara z'umutima ku rugero rwababa 60%, hamwe n'ivyago vyo guturika canke kuziba imitsi ijana amaraso mu bwonko ku rugero rurenga 30%

Hari mbere n'ibimenyetso bimwe bimwe vyerekana ko ubuzima bubi bw'inzanyi bushobora kuba bukora nk'ikimenyetso c'ubushobozi buto bw'ubwonko, aho ubushakashatsi bumwe bwo muri Taiwan bwasanze abagabo bari bafise ikibazo co kutabarukwa bari mu kaga ko gufatwa n'indwara ya demence/dementia ku rugero rwa 68% mu myaka indwi bamaze bakurikiranwa. Co kimwe n'inzanyi, ubwonko bwacu na bwo nyene bugira ubuzima bwiza iyo amaraso atembera neza kugira ngo abuhe inguvu yongere abukuremwo imicafu.

Isano riri hagati yayo na diabete

Gukurikiranira hagufi ikibazo co kutabarukwa birashobora kuba ikintu gihambaye cane ku bantu bari mu kaga ko kurwara igisukari, kuko iyi ndwara ishobora kwonona izunguruka ry'amaraso hamwe n'imitsi mu buryo butandukanye. Nk'akarorero, ukwiyongera kw'isukari mu maraso – ibi bikaba bikunze gushika iyo indwara itagenzuwe neza - bishobora gutuma isukari nyinshi yirundanya mu mitsi, ibi na vyo bigashobora gutuma iyo mitsi itakaza ubushobozi bwo kwaguka no kugabanuka – ikizwi nka glycation. Co kimwe n'ikibazo kijanye n'amavuta yirundanya mu mitsi (ikizwi nka atherosclerosis), ibi biratuma amaraso adatembera neza gushika mu bice vy'umubiri biyakeneye cane, imitsi y'inzanyi ikaba ari yo kenshi itangura kwononekara.

Bogdan Vlacho, umushakashatsi mu Kigo c'Ubushakashatsi ca Sant Pau i Barcelona muri Espagne, agira ati: "Isano riri hagati y'igisukari n'ukutabarukwa rirakomeye cane. Abagabo barwaye igisukari co ku rugero rwa kabiri bafise ivyago vyo kugira ibibazo vyo kutabarukwa incuro zitatu kurusha abatagifise".

Mw'isuzuma riheruka, Vlacho yasanze kandi ko abantu bafise igisukari kandi bakagira ico kibazo c'ukutabarukwa bashobora kuba mu vyago vyinshi vyo kurwara indwara y'imitsi yo mu maguru n'amaboko (kizwi nka peripheral neuropathy) kurusha abarwaye igisukari gusa. Bari kandi mu kaga kanini ko kurwara indwara z'amaso (retinopathy) zishobora gutuma umuntu agira ubumuga bwo kutabona, hamwe n'ibikomere bidakira, ibi bigashobora gutuma umuntu acibwa ibice vy'umubiri.

Naho biri uko, isuzuma ry'ibibazo vyo kutabarukwa ku barwayi b'igisukari ntiryama rikorwa buri gihe. Santiago Martinez, umuhinga mu bijanye n'indwara zifitaniye isano n'imisemburo muri Kaminuza ya Barcelona kandi yafashije muri iri suzuma, agira ati: "Hari ivyemeza ko abajejwe ubuvuzi batavugana cane kuri iki kibazo n'abarwayi babo".

Uburyo bushoboka bwo kuvura

Icigwa cakozwe n'ikigo citaho indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka co mu Bwongereza, The Urology Foundation, casanze abagabo barenga umwe kuri babiri bafise ikibazo co kutabarukwa batitura abaganga kubera isoni n'ubwoba, nayo 20% bo bavuze ko ahubwo bopfuma bemera kumara ukwezi batanywa inzoga aho kuja kubonana n'umuhinga mu vy'ubuvuzi ku bijanye n'ingorane barimwo.

Ariko rero, nk'uko Carroll abivuga, abagabo bose bahura n'ico kibazo bakwiye kurondera ubufasha. Ushobora kuharonkera inyishu ku bibazo bigutera umubabaro n'umwitwarariko urenze urugero, kandi bigafasha gutangura ikiyago gihambaye kijanye n'amagara yawe yose muri rusangi – ikiyago gishobora no kurokora ubuzima. Ati: "Gukemura hakiri kare iki kibazo ni ngirakamaro cane".

Mu vy'ukuri, ikibazo co kutabarukwa si indwara itavurwa. Imiti nka Viagra (sildenafil) ifasha kwagura imitsi y'amaraso y'inzanyi, ariko hari ibivugwa ko abahoze bafata iyi miti kugira ngo bashobore kurangura amabanga mpuzabitsina neza bashobora no kuhungukira mu bijanye n'ubuzima bw'umutima, harimwo kugabanuka kw'ingaruka zo kurwara umutima – n'aho ibi bitaremezwa neza mu bushakashatsi mu vy'ubuvuzi. (Mu ntango, Viagra yari yakorewe gufasha abarwayi bafise ibibazo vy'umurindi w'amaraso, imbere y'uko abashakashatsi babona iki kintu ubu kizwi cane mu ngaruka zayo).

Iyi miti ishobora no kugabanya ivyago vyo kurwara indwara ya demence, nk'uko vyabonetse mu bushakashatsi bwakorewe ku bantu barenga 885.000, bugasanga ishobora kugabanya incuro zibiri ivyago vyo kurwara Alzheimer.

Ubushakashatsi bwerekana ko ikibazo co kutabarukwa kibangamiye abagabo bari hagati ya 3% gushika kuri 76.5% mu bagabo bakuze kw’isi yose

Ahavuye isanamu, Serenity Strull/ BBC/ Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubushakashatsi bwerekana ko ikibazo co kutabarukwa kibangamiye abagabo bari hagati ya 3% gushika kuri 76.5% mu bagabo bakuze kw'isi yose

Ikiriho nibura, ni uko iyo ubwiye umuganga ikibazo ufise co kubura ubushobozi bwo kubarukwa, arashobora kugusuzuma kugira amenye ibintu bisanzwe bitera ingorane z'umutima nk'umuvuduko w'amaraso n'indwara ya atherosclerosis, akaguha impanuro ku bindi bibazo, nk'ubuvyibuhe burenze urugero, bishobora kwonona ubuzima bw'umutima. Rimwe na rimwe, ingingo zisanwe nko guhindura ibijanye n'imfungurwa hamwe no gukora imyimenyerezo ngororamubiri birafasha. Kuri abo barwaye igisukari, kugenzura neza isukari yo mu maraso ni ikintu ngirakamaro cane.

Ariko Martinez na Vlacho bashimangira ko ubushakashatsi ku vyerekeye ingaruka z'izo nzira zo kuvura ibibazo vyo kutabarukwa, be n'uko zoshobora kugabanya n'izindi ngaruka zishobora kwaduka, bukiri hasi cane.

Ikindi, kumenya neza imvo z'ico kibazo co kutabarukwa bisaba akigoro kanini, kuko gishobora guterwa n'akamenyero k'ibintu bimwe bimwe nko kwama uraba amashusho y'abariko barakora imibonano mpuzabitsiba (porno) canke n'ingorane zo mu mutwe.

Carroll agira ati: "Iyo umugabo afise igisukari canke indwara z'umutima, kenshi biroroshe kuzibonera insiguro no kuzivura. Ariko iyo hari izindi mvo, nk'inzoga n'itabi, zivanze n'ibibazo vyo mu mutwe canke ingendo kanaka nk'ukuraba porno ukarenza urugero, birashobora kugorana kubikemura. Kenshi bene abo bagabo ntibashaka kuvuga ku vyo bakora".

Igufa twatakaje

Uretse akamaro k'ibi vyavuye mu bushakashatsi ku buzima bwacu uno musi, Jannini amaze igihe yihweza ingaruka zishobora guterwa n'impinduka z'umubiri wacu ku buryo inzanyi yabaye ikimenyetso cerekana uko amagara yose ameze.

Nk'ubwoko bw'ikiremwa, umuntu aratandukanye cane n'izindi nyamaswa ufatiye ku kungene bivana n'itembera ry'amaraso kugira ngo inzanyi yiwe ibaduke neza. Izindi nyamaswa hafi zose nk'izo mu muryango w'inguge, harimwo n'izifitaniye isano rya hafi cane n'abantu, izizwi nka chimpanzee, zo zifise akagufa kadasanzwe gashobora gusubira inyuma no gusohoka igihe bikenewe, kazwi nka baculum. Rero iyo nyamaswa ishutswe, aka kagufa gaca gasohoka, kagatuma inzanyi iguma ineze kandi ikomeye cane. Kubera ivyo, ubuzima ndangagitsina bwazo ntibufitaniye isano n'amagara yazo muri rusangi, nk'uko bimeze kuri kiremwamuntu w'igitsinagabo.

None vyoba vyagenze gute gushika aho kiremwamuntu w'igitsinagabo yisanga yatakaje ako kagufa maze akisanga mu ngorane nyinshi z'ukutabarukwa be n'ibindi bibazo kuruta izindi nyamaswa? Iki ni ikibazo abahinga benshi mu binyabuzima baguma bibaza ariko ntibakironkere inyishu. Ariko Jannini we yibaza ko kiremwamuntu w'igitsinagabo yageze aho atakaza aka kagufa kugira ngo bifashe abagore b'aho hambere gushobora gutora abagabo bameze neza kurusha abandi, be no guhitamwo uwushobora kumuvyaza abana bameze neza.

Jannini ati: "Biratangaje cane kubona twaratakaje akagufa ngirakamaro cane mu bijanye n'irondoka, kuko bigoye cane kumenya ingene umubiri ushobora kuvyitwaramwo. Ariko kandi bisigura ko ari co kimenyetso nyaco cerekana indwara zidakira".