Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Ingenzi ziraburirwa kw'ihungabana ry'ingendo z'indege
Urwego rujejwe gutunganya ibibuga vy'indege muri Kenya, KAA, rwaburiye ingenzi zica ku bibuga bitandukanye vy'iki gihugu ko hariko haraba ingorane yo gucererwa kw'ingendo z'indege zihaguruka zerekeza mu mihingo itandukanye.
Mw'itangazo rwasohoye, urwo rwego ruvuga ko ruriko rukorana n'ibisata vyose birabwa n'iki kibazo kugira bagabanye "ihungabana" bongere basubize ibintu ku murongo.
Ariko iryo tangazo ntiritomora ubwoko bw'ihungabana ryabaye kuri ivyo bibuga vy'indege.
Gusa, rigira inama ingenzi yo guhamagara canke kuvugana n'amashirahamwe y'indege baguzemwo ama 'ticket' kugira baronke amakuru mashasha ajanye n'ingendo zabo, gurtyo ingendo zabo zongere zitegekanywe hisunzwe ukwo ibintu vyifashe.
Iri tangazo risohotse mu gihe urwego rujejwe gutunganya ibibuga vy'indege muri Kenya rumaze igihe ruhura n'ingorane zitandukanye, harimwo izijanye no kugenzura uruja n'uruza rwo mu kirere.
Muri Ruhuhuma (2), uwu mwaka, imirimo ku kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta (JKIA) yarahungabanye cane bitewe na yegereyegere y'abakozi. Ivyo vyatumye indege ziharwa n'izihaguruka ziteba rwose, maze bigira ingaruka zikomeye ku ngenzi.
JKIA, ni co kibuga c'indege nyamukuru ca Kenya. Ni ihuriro rikomeye ry'indege mu karere no muri Kenya hagati.