Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rihanna ari muri 'studio' - Umukunzi wiwe A$AP Rocky
- Umwanditsi, Ottilie Mitchell
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Nk'uko umukunzi wiwe A$AP Rocky abivuga, Rihanna ashobora kuba agiye gusohora urukurikirane (album) rushasha rw'indirimbo, ivyo bikaba vyoca birangiza ikiringo c'imyaka icumi cari kihaciye adasohoye album.
Mu kiganiro The Jason Lee Podcast co ku wa gatatu, uwo muririmvyi w'umudiho wa rap yagize ati: "Ubu ari muri studio."
Nta makuru menshi yatanze ku bijanye n'urwo rukurikirane. Gusa, aranahakana amakuru avuga ko we na Rihanna bariko bategurira hamwe album nshasha.
Yishura abamubaza ibijanye n'urwo rukurikirane rushasha Rihanna ariko arategura, yishuye ati: "hari ikintu ariko arategura."
Rihanna, umuririmvyi akaba n'umurwizatunga wo muri Barbados - izina ryiwe ry'ukuri ni Robyn Fenty - aheruka gusohora album yuzuye mu 2016, yitwa Anti.
Mu kiganiro ciwe, umumenyeshamakuru w'ibiganiro vya podcast Jason Lee yabajije uwo muririmvyi wa rap ati: « Mbega ni wewe watumye tutaronka album nshasha ya Rihanna? » Yabaza ivyo afatiye ku bana batatu abo ba rurangiranwa bafitaniye hamwe n'ingendo nyinshi Rihanna agira.
A$AP Rocky yarabihakanye, aho yashimangiye ahubwo ko Rihanna ariko ategura umuziki. Yagize ati: « Ego, ndabivuze. Mbabarira, mukunzi. » Yongerako ko ashobora kugira ingorane kubera ayo majambo.
Muri ico kiganiro, nta yandi makuru menshi yatanzwe ku bijanye n'urwo rukurikirane rushasha rushobora gusohoka.
Muri Ruhuhuma (2) umwaka uheze, Rihanna yavuze ko afise umwizero mwinshi ku bijanye na rwo. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Harper's Bazaar, yagize ati: « Numva ari nk'aho naronse ico nariko ndarondera! »
Yongeyeko ati: « Sinshobora gusohora ikintu kitari ku rugero rwiza. Kubera ko abantu bamaze imyaka umunani barindiriye, boshobora no kwihangana bakarindira gatoyi. »
Kuva asohora album yiwe iheruka, Rihanna yagiye asohora indirimbo zitandukanye zigenga harimwo izifitaniye isano na film. Akarorero ni ururirimbo Lift Me Up yasohoye mu 2022 kugira rukoreshwe muri film Black Panther: Wakanda Forever.
Yarashinze kandi amashirahamwe menshi y'ubudandaji. Muri yo, harimwo uruganda rw'ibikoresho vyo kwisiga Fenty Beauty rwamamaye cane, hamwe n'urundi rukora uduhuzu two munsi. Nk'uko ikinyamakuru Forbes kibivuga, ubutunzi bw'uwu mugore w'imyaka 38 burenga miliyaridi imwe y'amadolari y'Abanyamerika.
Muri ico kiganiro nyene, A$AP Rocky - izina ryiwe nyakuri ni Rakim Mayers - yaranse kugira ico avuze ku kibazo cerekeye nimba we na Rihanna bubakanye icese.