'Défense' isa n'iy'umurwi wo mu cicaro ca kabiri - Intango ya Pochettino ntizokworoha muri Man Utd

    • Umwanditsi, Simon Stone
    • Igikorwa, Umunyamakuru kuri Manchester United
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru inyuma y'uko Manchester United inyagiwe na Liverpool ibitsindo bine, Mauricio Pochettino yabajijwe ku bijanye n'ukuntu ubwugarizi (défense) bw'umurwi wiwe bwari bwifashe nabi cane.

Uwo mumenyereza mukuru wa Manchester United ntiyashimye kwishura ico kibazo. Yavuze ati: "Nshobora kuvuga gusa ivyabaye kuva aho nshikiye hano."

Mu kiringo c'indwi imwe, ibitsindo uwo murwi umaze gutsindwa bishika kuri 10 mu nkino zitatu gusa, inyuma y'aho Brentford iwutsindiye i muhira 4-0. Ni co gituma ico kibazo casubiriye kugaruka.

Uwo yahoze amenyereza Tottenham, Paris Saint-Germain na Chelsea yishuye ati: "Ndemera ko uburyo bwo kubitorera umuti ari ukuduza urugero rwacu [rw'ingene dukina]."

Yongeyeko ati: "Ni ikibazo kigoye cane iyo muriko muratsindwa na Liverpool, hanyuma mugaca mbere musigara muri 10 kuva ku munota w'umunani. Urumva ko muba mugeze mu bihe bibi cane kuruta ibindi bishoboka."

Ati: "None twobigenza gute? Ni mu kugerageza gukora cane. Ni ukugerageza gutera imbere. Ni ukugerageza kurondera uburyo bwiza bwo guhuza abakinyi mu kibuga. Ni ukubandanya tugerageza uburyo butandukanye, tukabupima kandi tukabandanya twihatira gutera imbere. Nta yindi nzira ihari."

Pochettino yavuze ati: "Ntidushobora guhagarika imyimenyerezo. Ntidushobora guhagarika kuraba amasanamu y'inkino kugira ngo tuyasesangure. Ntidushobora guhagarika gusuzuma no gusesangura ukuntu twitwaye mu nkino. Turagerageza kubaha uburyo n'ibikoresho vyobafasha kubandanya batera imbere.

"Ego ni ibihe bigoye cane. Urambajije uti: 'Vyoba bigoye kuruta uko wari uvyiteze?' Ego cane, kuko ntitwigeze twitega ko tworonka amanota nk'aya.

"Ariko uko ni ko ibintu vyifashe, kandi dutegerezwa kwemera ukuri kw'ivyabaye. Ni co twaje gukora hano."

Muri iki gihe, hari ibiharuro bitari vyiza kuri Manchester United. Ivyo biharuro vyose vyerekana ko uwo murwi uri mu kaga gakomeye ko gukoroka mu cicaro ca kabiri.

Ariko muri ivyo biharuro vyose vyerekana ko uwo murwi uriko urashikirwa n'ibihe utari bwigere ucamwo, hari bimwe bikwiye gutuma amakengeri yo gutabaza arushiriza kuvuga cane i Old Trafford.

Kuva igihe Manchester United inganije igitsindo 1-1 na Leeds ku wa 18 Gitugutu (10), uwo murwi umaze gukina inkino umunani mu mahiganwa yose wagiyemwo, utsindwa ibitsindo 25.

Mu nkino zawo zine ziheruka gusa, umaze gutsindwa ibitsindo 14, igitigiri gitangaje cane.

Ibiharuro biteye agahinda vya Manchester United

• Ku ncuro ya mbere kuva mu mwaka w'inkino wa 1930-1931 (igihe uwo murwi warangije uri mu kibanza ca nyuma mu cicaro ca mbere), Manchester United yarananiwe kurangiza inkino 12 za mbere za shampiyona itinjijwe igitsindo na kimwe.

• Ni wo murwi wa mbere mu mateka ya Premier League utsinzwe n'imiburiburi kabiri mu bice indwi bikurikirana vy'inkino. Vyongeye, ni ubwa mbere kuva mu kwezi kwa Munyonyo (11) no mu kwa Kigarama (12) 1961 utsinzwe n'imiburiburi ibitsindo bine (muri buri rukino), mu nkino zitatu za shampiyona zikurikirana.

• Pochettino abaye umumenyereza agira kabiri mu mateka ya Premier League atsinzwe inkino ziwe zibiri za mbere ajejwe uwo murwi, kandi muri izo nkino zose agatsindwa ku bitsindo bine canke birenga. Uwundi ni Dave Jones, yatoje Wolverhampton Wanderers muri Myandagaro 2003.

• Ku mirwi 27 yaronse amanota umunani mu nkino 11 za mbere za Premier League, 17 muri yo yarakorotse mu cicaro ca kabiri.

• Manchester United yinjijwe ibitsindo 50 muri Premier League mu mwaka w'inkino uheze, ariko ntiyaguze umukinyi n'umwe w'inyuma mu gihe co kugura abakinyi co mu ci.

• Mu bakinyi batanu b'inyuma Manchester United yakoresheje ku wa gatandatu, bane bari banakinye mu rukino uwo murwi watsinzwemwo na Brentford ibitsindo 4-0, haraciye imyaka irenga ine.

Hoba hari uburyo bwo kuva muri izi ngorane zitoroshe?

Manchester United muri iki gihe isa n'umurwi watakaje agaciro n'igitinyiro vyawuranga igihe wari ukomeye.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza bene umurwi, aho abayijamwo baba bambaye ibara ry'icatsi kibisi n'irigomba gusa n'umuhondo, yarabandanije. Mu ndirimbo baririmba harimwo izo gushigikira Michael Carrick aherutse kwirukanwa, banegura Jason Wilcox, umuyobozi ajejwe ivy'inkino muri uwo murwi.

Inyuma y'igitsindo ca kane, abafana bari ku ruhande rurabana n'ahari hicaye abategetsi b'umurwi bahindukirije ishavu ryabo kuri Wilcox no ku muyobozi mukuru w'umurwi, Omar Berrada. Babandanije bartyo gushika urukino ruhere.

Inyuma yabo, Sir Alex Ferguson (yahoze ari umumenyereza) na David Gill (yahoze ari umuyobozi mukuru) igihe Manchester United yari mu bihe vyiza cane, ubu bisa n'ibitimirije gusubira kubaho, bariko barihweza ibiriko biraba. Nta wuzi ivyo bashobora kuba biyumvira, ariko ntibishobora kuba ari ivyiza.

Nta buryo bwo guhisha ingorane Manchester United irimwo. Nibatahindura ningoga ukuntu bakina, bariko berekeza mu cicaro ca kabiri, ubwa mbere kuva mu mwaka w'inkino wa 1973-1974. Nk'umwe mu mirwi iri mu yitunze kurusha iyindi kw'isi, ivyo vyoba ari ivyago bikomeye.

Danny Murphy, yahoze ari umukinyi wo hagati mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, yabwiye BBC Sport ati: "Nta nkeka ko bari mu rugamba rwo kudakoroka mu cicaro ca kabiri."

Yongeyeko ati: "Ugutsindwa kw'uno musi kuzotuma Mauricio Pochettino yugurura amaso akabona neza ingorane ziri muri uwo murwi. Yabonye ko adashobora kuguma asatira iyindi mirwi, ngo asige abakinyi biwe b'inyuma ata nkingi. Nta bakinyi bahari bashobora gukina gutyo. Ntibishoboka ko baguma basiga ibibanza binini hagati y'abakinyi b'inyuma, maze bakemerera abo bahanganye kuronka uburyo bwinshi bwo kwinjiza ibitsindo.

"Bari mu rugamba rwo kudakorokera mu cicaro ca kabiri. Ni co gituma Pochettino ategerezwa gutegura ubundi buryo bwo gukina, bwibanda cane ku gukingira irembo, adafatiye ku kuntu abantu babona ko umurwi nka Manchester United ukwiye gukina. Nta kundi bashobora kubigenza atari ukwisunga uko ibintu vyifashe.

"Nta murwi bahanganye ukibatinya. Batsinzwe igitsindo kimwe gusa baca bacika intege, abafana bagatangura gushavura, n'abakinyi bagatakaza icizere. Uburyo bumwe gusa bwo kuva muri iki kibazo gikomeye ni ugukomeza cane umukino wo gukingira igoro. Ivyo bashobora kubishikako gusa igihe ari abakinyi benshi bashoboka biruka inyuma y'mupira, bakarwana n'inguvu zabo zose kugira ngo ntibatsindwe.

"Umurwi uwo ari wo wose urashobora kwanikira abo bahanganye, iyo intera iri hagati y'abakinyi b'inyuma ari ntoyi, iyo bakina bisunga indero, bagakoranira hamwe kandi bakirinda gusatira cane. Pochettino ategerezwa kwemera ko ibintu bitifashe neza, agategura umurwi wiwe ku buryo uronka amanota amwe amwe mu kunganya, ukamara inkino zimwe utinjijwe igitsindo, maze abakinyi bakongera kugira icizere, imbere y'uko yiyumvira gusubira gukina umupira ushingiye ku gusatira no kwerekana ubuhinga.

"Ubu, baramutse bahanganye n'uwari we wese mu buryo bwo gusatirana ata gusubira inyuma, baratsindwa. Ivyo biratomoye."