Tanzania yabujije amakoraniro ya poritike inyuma y'imyaka itatu yongeye kurekurwa

    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Dar es Salaam
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Reta ya Tanzaniya yabujije amakoraniro ya poritike mu gihugu cose gushika hari iyindi ngingo imenyeshejwe, ivuga ko bikenewe mu kubungabunga umutekano w'igihugu.

Reta ivuga ko yabonye ko hari ibigeramiye umutekano, harimwo abantu bivugwa ko bafatanywe ibigwanisho bariko barategura ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi.

Iyo ngingo yaneguwe n'imigwi itavuga rumwe na reta, ivuga ko guhagarika amakoraniro ya poritike biteye kubiri n'amategeko. Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi ACT Wazalendo wavuze ko uzokwitwara muri sentare urondera ko iyo ngingo ifutwa.

Ifashwe mu gihe vyavugwa ko hari imyiyerekano itegekanijwe yo gusaba ko haba impinduka za demokarasi n'uko hagira ababawa abishwe mu guhasha imyiyerakano yabaye inyuma y'amatora yo mu mwaka uheze.

Ukubuza amakoraniro ya poritike kubaye ukwisubirako ku mpinduka zari zazanywe na prezida Samia Suluhu Hassan mu 2023 , yavanyeho ingingo yari imaze imyaka itandatu ibuza amakoraniro ya politike yari yashizweho uwo yasubiriye, John Magufuli.

Iico gihe Samia yari yavuze ko imigambwe ya poritike yari ifise uburenganzira bwo gukora amakoraniro ariko ayisaba kugira ''inyifato nziza'' no ''kudatukana''.

Igihe yatangaza ukwo kwongera guhagarika amakoraniro, umushikiranganji ajejwe intwaro hagati mu gihugu Patrobas Katambi yabwiye inama nshingamateka ati: ''Dukwiye gushimikira ku kwubaka ubutunzi.''

Yavuze ko himirije kuba ihayanishwa-gurisha mpuzamakuru ry'ibidandazwa ico gihugu kizokwakira ''aho dutegekanya kwakira abashitsi bavuye mu bihugu bitandukanye''.

''Muri ico gihe, ntituzokwihanganira uwo ari we wese azokora ibikorwa vyo gutera akajagari.''

ACT Wazalendo yagirije umugambwe uri ku butegetsi CCM gukoresha inzego za reta mu gucinyiza abatavuga rumwe na wo. CCM ntaco irashikiriza kuri ivyo bivugwa canke ngo hagire ico ivuze kuri iyo ngingo ya reta.

Inararibonye muri poritike Joseph Selasini, wo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi Chadema, yavuze ko ingingo ya reta ije mu gihe imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi yari imaze igihe ikoranya abantu benshi basaba ubutungane ku bishwe mu ntureka yakurikiye amatora yo mu mwaka uheze.

Mu myiyerekano yabaye henshi mu gihugu inyuma y'itangazwa y'ivyavuye mu matora yo ku wa 29 Gitugutu(10), abantu 518 barishwe n'urupfu rutari ''urwo akarago'', barimwo 197 bapfuye barashwe, nk'uko vyashikirijwe n'umugwi w'amatohoza washizweho na prezida Samia.

Urugero rw'iyo ntureka rwarashegeshe igihugu cari carubatse izina ry'itekane, kwunvikana no kwubaha amategeko mu myaka irenga 60.

Babiri mu bari bakomeye cane mu bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu barankiwe kwitoza mu 2025.

Magafuli yari yatanguye kubuza amakoraniro ya poritike hagati y'amatora mu 2016, ivyabonywe nko kugerageza guca intege abatavuga rumwe na reta.

Yavuga ko vyatesha umwanya bigatakaza n'amafaranga kandi vyatuma haba ugusamara ku bibazo bihambaye vyo kwubaka ubutunzi bw'igihugu.