Umwiraburekazi muri Amerika yatowe amanitswe ku giti, igipolisi kivuga ko yishwe imbere yo kumanikwa

Ahavuye isanamu, Christy Spivey
- Umwanditsi, Sareen Habeshian
- Umwanditsi, Brandon Drenon
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Uragaba: Iyi nkuru irimwo ibintu bishobora kubangamira umusomyi
Igipolisi co mu ntara ya Mississippi yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika gitangaza ko umugore w'Umwirabure yari yamaze gupfa imbere y'uko ikiziga ciwe kimanikwa ku giti kugira ngo bigaragare nk'aho yimanitse.
Ibi vyatangarijwe muri sentare ejo ku wa gatanu, aho umupolisi akora amatohoza yavuze ko bemeza ko Tasia Fortune, umuvyeyi w'abana bane, yishwe mu mishamirano ijanye n'ibiyayuramutwe.
Ikiziga c'uno mugore w'imyaka 29 catowe kimanitswe ku giti ku muhana utakibamwo abantu ahitwa Jackson mu kwezi guheze kwa Myandagaro (8).
Ibi vyateje ubwoba bwinshi muri ico gisagara ciganjemwo ahanini abirabure, kubera kahise ka Mississippi gasanzwe kazwimwo indyane n'ubwicanyi ndengerabutungane bishingiye kw'ivangura ruhu.
Inyuma y'amayinga atari make havugwa ibi na biriya kandi abanyagihugu basaba amakuru atomoye, igipolisi cahagaritse abantu.
Mw'itangazo, igipolisi catangaje ko umuganga yasuzumye iki kiziga yemeje ko Fortune yishwe, hanyuma aca azanwa kumanikwa aho hantu ikiziga ciwe catowe.
Abategetsi ntibaratanga imvo nyayo y'urupfu rwa Fortune, canke ngo basigure igituma bemeza yishwe hanyuma akaza kumanikwa nya hantu mu buryo bwateguwe kugira biboneke nk'aho yiyahuye.
Nyina wa Fortune yabwiye BBC ko yibuka umuganga yapimye ikiziga amubwira ati "ntidufata ko ari ukwiyahura nyakwo". Bamubwiye ko umukobwa wiwe yari yamaze gupfa imbere y'uko ikiziga ciwe kiza kikamanikwa ku giti.
Spivey yibuka kandi ko igipolisi camubwiye ko ivyabaye "bifitaniye isano n'ibiyayuramutwe".
Avugana n'banyamakuru hanze y'inyubakwa y'igipolisi ca Jackson ejo ku wa gatanu, Spivey yavuze ko azi ko umukobwa wiwe yirwaniye gushika ku munota wa nyuma.
Ati: "Ndabizi ko yagerageje kwirwanira. Umukobwa wanje ndamuzi". Spivey avuga ko Fortune asize abana bane bakiri bato, bafise imyaka 7, 5, 4 n'umwaka umwe.
Yambaye agapira kanditseko ngo "Ubutungane kuri Tasia Fortune", asaba ashimitse ko ata bantu bopfungwa ata co bazira.
Ati: "Ndizeye ko bafise abantu nyabo koko".
Kugeza ubu, abantu batatu ni bo bamaze guhagarikwa ku bijanye n'uru rupfu, bose bakaba ari abirabure. Muri bo harimwo uwitwa Jarques Ratliff, w'imyaka 51, yireguye avuga ko ata caha yakoze. Aracari mw'ibohero kandi ntararekurwa kandi ntaremererwa gutanga n'ingwati kugira ngo arekurwe vy'agateganyo.
Uwa kabiri, Earnest Lloyd Jr, w'imyaka 25, yahagaritswe muri ino ndwi.
Uwa gatatu yitwa Eric Clark, w'imyaka 45, yishikirije ubutegetsi ejo ku wa gatanu, aca yagirizwa ubwicanyi. Bitegekanijwe ko aburanishwa ku wa mbere.
Urupfu rwa Fortune yari afise imyaka 29, ni rumwe mu mpfu zitari nke zabaye muri iyi myaka ya vuba, zigatuma abashingamateka basaba ubushikiranganji bujejwe ubutungane hamwe n'Urwego rw'igendereza FBI gukora amatohoza ku mpfu zose z'Abirabure batorwa bamanitswe.
Umushingamateka Ayanna Pressley, wo mu mugambwe w'Aba-Demokarate muri Massachusetts, avuga ko hari nibura abantu cumi bamenyekanye ko bapfuye muri ubu buryo, mu rwandiko yarungikiye Inama nshingamateka na nkenguzamateka muri Nyakanga (9), urwandiko rwateweko igikumu n'abashingamateka barenga 50 ba Amerika.
Urupfu ruheruka ni urwabaye ku wa Mungu mu karere ka Prince George, agace ko hafi ya Washington, DC, kiganjemwo abirabure. Abategetsi bemeje ko uyo muntu yiyahuye.














