Burundi: Abari mu karuhuko k'izabukuru boba bagiye kwiruhutsa?

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yashize umukono kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu rishira mu ngiro itegeko bwirizwa riduza amafaranga abakukuruke bahabwa n'ibigega vyo gutegekaniriza izabukuru.

Bagiye kuza barahembwa buri kwezi ibice 60 kw'ijana vy'umushahara bakukurutse bagezeko. Ariko intumbero ni uko amaherezo bazoshika ku rugero rwo kuronka ayangana n'umushahara wose bari bagezeko imbere yo gukukuruka.

Ingingo yakiriwe gute?

Urunani mpuzamasendika rw'Uburundi COSYBU rurashima iyo ntambwe.

Célestin Nsavyimana arurongoye yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Iryo tegeko twaryakiriye neza kuko abantu benshi bari baririndiriye".

Yamara, avuga ko urugero rw'amafara rwatanzwe ruri musi y'urwo abakukuruke bari baremerewe.

Yagize ati: "Umukuru w'igihugu yari yemeye ko umukukuruke wese azohora ahembwa amafaranga angana n'agashahara yahora afata".

Célestin Nsavyimana yibaza ko kuba uno musi itegeko ryasinywe ribahaye 60 kw'ijana gusa, bishobora kuba bifitaniye isano n'ingorane z'ubukene bw'amafaranga.

Itegeko ry'umukuru w'igihugu ryasohotse rishira mu ngiro irindi tegeko bwirizwa ryari ryasinywe ku wa 30 Ndamukiza (4) uwu mwaka ryategekanya, mu buryo bwagutse, ibijanye n'ayo mafaranga.

Iryo tegeko bwirizwa rivuga ko bizogenda biratunganywa buhoro buhoro gushika abakukuruke bashikire ijana kw'ijana.

Si bose baronse

Imirwi iryo tegeko ryerekeye ni iy'abakozi bahora bakorera reta. Harimwo n'ababa bahagaritse akazi ku mvo z'ubumuga, abagiye mu karuhuko imbere y'ikiringo gitegekanijwe n'amategeko, abasigwa b'umuntu yahora akorera reta, abo mu gisata c'ubutungane bakukurutse, abo mu gisirikare c'Uburundi, abo mu gipolisi, n'abandi.

Ariko Célestin Nsavyimana anegura ko hari iyindi mirwi y'abakukuruke isa n'iyakumiriwe kubera itazoronka muri iyi ngunga ya mbere.

Avuga ko mu babura harimwo abanywanyi b'ishirahamwe ritegekaniriza abakozi kazoza INSS. Aba bagizwe ahanini n'abahoze bakora mu mashirahamwe yegamiye reta, ico bita mu rurimi rw'igifaransa 'sociétés paraétatiques' canke 'administrations personnalisées', hamwe n'abakozi bahora mu gisata c'abikorera ivyabo.

Nsavyimana yagize ati: "Abo bose ni abanywanyi bakomeye ba INSS, basanzwe batanga intererano ikomeye muri iryo shirahamwe".

Uwo arongoye urunani COSYBU avuga ko babajije igituma uwo murwi utaronse mu bandi. Ngo bishuwe ko uzoronka mu ngunga igira kabiri.

"Ntushobora gufata abantu bari hamwe ngo ubafate kubiri", ni ko yabandanije abwira BBC imbere yo gushimangira ati: "abo baronse ubwa mbere ni vyiza, ariko n'iyo yindi mirwi nitunganirizwe ironke".

Mw'ijambo yashikirije agishika mu mabanga yo kurongora Uburundi kw'igenekerezo rya 18 Ruheshi (6) 2020, Evariste Ndayishimiye yari yatangaje ko abakukuruke bagiye kuja barahembwa amafaranga y'izabukuru angana n'umushahara bakukurutse bagezeko.

Ariko bari bararindiriye amaso ahera mu nzira.

Uwo mugambi, mu Burundi buhanzwe n'ingorane z'ubutunzi zidasanzwe harimwo ikena ry'amafaranga y'agaciro, ntiwashotse ushobora gushirwa mu ngiro.

Yishura kuri iyo ntambwe ya 60 kw'ijana itewe, Célestin Nsavyimana yizera ko ibice 40 bisigaye bitazoteba kuboneka.