Ghana: Imyuzure ikomeye yateye umurwa mukuru yica abantu 13
Abantu n'imiburiburi 13 baramaze gupfa mu gisagara ca Accra, umurwa mukuru wa Ghana, inyuma y'uko imvura nyinshi cane iguye igateza imyuzure ikomeye, nk’uko vyatangajwe n'ikigo ca Ghana kijejwe kuzimya umuriro cagize uruhara mu bikorwa vy'ubutabazi.
Reta yasavye abanyagihugu kuguma mu nzu canke bakaja ahantu hasa n'ahari hejuru, inyuma y'aho ikigo kijejwe gukurikirana ibijanye n'ibihe n'ikirere kivuze ko hitezwe iyindi mvura nyinshi, kuko hari igihuhusi gikomeye kiriko kiraza gituruka mu buseruko.
Naho amazi yatewe n'imvura yaguye mw'ijoro ryo ku wa Mungu yatanguye kugabanuka, ibikorwa vyo kurondera no gutabara ababuriwe irengero biracabandanya.
Abajejwe ubutabazi muri Ghana bavuga ko igitigiri c'abamaze gupfa gishobora kwiyongera.
Ahantu hasan'aharihasi cane niho hasinzikajwe cane n'iyo myuzure.
Amashusho ariko arakwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana amazu n'imiduga vyarengewe n'amazi, mu gihe inyubakwa nyinshi zasenyutse canke zononekaye bikomeye.
Imigwi y'abajejwe gutabara yararungitswe muri ako karere kasinzikajwe n'imyuzure, harimwo igipolisi, abajejwe kuzimya umuriro, igisirikare hamwe n'ikigo c'igihugu kijejwe gukinga ibiza.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwavuze ko iyo mirwi yarungitswe kugira ikurikirane uko ibintu vyifashe no gukingira ubuzima bw'abanyagihugu hamwe n'ibintu vyabo.
Abajejwe gutabara muri Ghana bavuga ko gushika ubu bamaze gutabara abantu barenga 470.
Izindi nkuru wosoma: