Nottingham yaguze Diomande, myugariro w'umunya Côte d'Ivoire yahora akinira Sporting

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Mandeep Sanghera
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Nottingham Forest yaguze umukinyi w'inyuma w'Umurwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire, Ousmane Diomande, imukuye mu murwi wo muri Portugal wa Sporting, mu masezerano y'agaciro gatangazwa ko ari aka miliyoni 34 z'amapawundi.
Uwo mukinyi w'imyaka 22 agiye gukinira Forest mu myaka ine igiye kuza, ikiringo gishobora kwongerezwa umwaka, nk'uko biri mu masezerano yagiraniye n'uwo murwi.
Diomande yagize ati: "Ndanezerewe cane no kuba ndi hano. Ni umurwi ufise amateka akomeye, kandi ni vyo bintera intege zo kwifatanya na wo."
Yongeyeko ati: "Ndizera ko muri iki gihe c'inkino dushobora gushika ku bintu vyiza cane, kandi ndashashaye guhura n'abakinyi hamwe n'umumenyereza mukuru. Nzokwitanga uko nshoboye kwose."
Diomande, amaze gukinira umurwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire inkino 15, yari mu murwi w'igihugu ciwe wagiye mu Gikombe c'Isi ca 2026. Kandi yagaragaye mu kibuga rimwe gusa muri iryo higanwa, mu rukino Côte d'Ivoire yatsinzemwo Curaçao mw'ikuranamwo.
Yatanguriye umupira w'amaguru muri Olympique Sport d'Abobo yo mu gihugu ciwe, mu nyuma aja mu murwi wo muri Danemark wa FC Midtjylland, imbere y'uko yinjira muri Sporting muri Nzero (1) 2023.
Diomande yafashije Sporting gutwara ihiganwa rya Portugal incuro zibiri: 2023-24 na 2024-25. Muri rusangi, amaze gukinira uwo murwi wo mu gisagara ca Lisbonne inkino 132, mu murwi wa mbere.
Yari muri uwo murwi wa Sporting igihe washika mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo (Champions League) mu gihe c'inkino giheruka, imbere y'uko bakurwamwo na Arsenal.
Oliver Glasner, yatanguye kumenyereza Forest mu ntango z'iri ci, arakunda cane Diomande kandi yari yaragerageje kumusinyisha igihe yari umumenyereza wa Crystal Palace.
Umuyobozi mukuru ajejwe ivy'umupira w'amaguru muri Forest, George Syrianos, yagize ati: "Afise uburambe budasanzwe kuri myugariro w'imyaka nk'iyiwe."
Yongeyeko ati: "Kuba yaragize uruhara rukomeye mu mirwi yatwaye ibikombe mu mashampiyona akaba kandi yarashitse kure muri Champions League, bituma aba mu kibanza kibereye co kwinjira muri Forest."
"Ousmane ni umukinyi w'inyuma afise inguvu nyinshi kandi ashoboye kuyobora abandi, kandi aje hano afise umutima wo gutsinda."
Kwinjira kwa Diomande muri Forest gukurikiye ugusinyisha umukinyi wo hagati w'Umurwi nserukiragihugu wa Autriche, Xaver Schlager muri Mukakaro (7), ico gihe akaba ata wundi murwi yari afise akinira, akaba ari we mukinyi wa mbere Glasner yasinyishije kuva atanguye kumenyereza Forest.












