Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gueye yaraye ahagaritse gukinira Sénégal gushika abamenyereza bahinduwe
Umukinyi wo hagati w'umurwi nserukiragihugu wa Sénégal, Pape Gueye, yavuze ko agiye "gufata akaruhuko" mu gukinira igihugu ciwe igihe cose umurwi w'abamenyereza uzoba ukiriho.
Ico cemezo c'uwo mukinyi w'imyaka 27 kije inyuma y'aho Sénégal, imenyerezwa na Pape Thiaw, itsinzwe mu buryo bubabaje n'Ububiligi mu rukino rwa kimwe c'umunani c'ihiganwa ry'igikombe c'isi.
Habib Diarra na Ismaila Sarr bari bashize Sénégal imbere ku bitsindo 2-0, ariko ibitsindo vyinjijwe mu minota ya nyuma na Romelu Lukaku hamwe na Youri Tielemans vyatumye urukino ruja mu minota y'inyongera.
Mu munota wa 125, Ububiligi bwaronse penaliti yavugishije benshi, maze Tielemans arayitsinda, bituma Sénégal isezererwa muri iri higanwa.
Gueye, akinira umugwi wa Villarreal CF wo muri Espagne, yari yatanguye urukino ariko asubirizwa na Lamine Camara ku munota wa 66.
Mu butumwa yashize ku mbuga nkoranyambaga, Gueye yavuze ati:
"Nzogaruka mvuge amajambo makeyi ku bijanye n'uku gusezererwa... ariko uno musi ndatangaje ko igihe cose aba bamenyereza bazoba bakitumenyereza, nzofata akaruhuko mu gukinira umurwi nserukiragihugu"
Gueye amaze gukinira Sénégal incuro 45, kandi yatsinze ibitsindo bibiri mu ntsinzi Sénégal yaronse ku gihugu ca Iraq mu rukino rw'imirwi rw'Igikombe c'Isi.
Pape Thiaw yatanguye kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Sénégal muri Kigarama(12) 2024, kandi ni we yari hagati mu mpari zatumye Sénégal yamburwa igikombe ca CAN co mu 2025.
Mu rukino rwa nyuma rwabaye muri Nzero(1), Thiaw yasohoye abakinyi biwe mu kibuga inyuma y'aho Maroc ihawe penaliti mu minota y'inyongera.
Abakinyi ba Sénégal baje kugaruka mu kibuga inyuma y'iminota nka 17. Penaliti ya Brahim Díaz yarakuwemwo n'umunyezamu, hanyuma Pape Gueye atsinda igitsindo c'intsinzi mu minota y'inyongera.
Ariko muri Ntwarante(3), Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Afurika (CAF) ryatangaje ko Maroc ari yo yegukanye ico gikombe, inyuma yo gutesha agaciro ivyavuye muri urwo rukino kubera ko Sénégal yari yavuye mu kibuga.
Sénégal yarunguruje urubanza muri sentare ijejwe gutatura amatati y'inkino, yizigiye ko izosubizwa ico gikombe.