Austria/Autriche: Itegeko rishasha ryemerera gufasha uwiyahura ryagiye mu ngiro

Itegeko ryemerera uwushaka kwiyahura abifashijwemwo ryatanguye kuja mu ngiro muri Autriche/Austria.

Kuva ejo ku wa gatandatu, abantu bafise kuva ku myaka 18 bari ku mpfiro canke bafise indwara zidakira, bafise indwara zabateye ubumuga, bashobora guhitamwo kwiyahura babifashijwemwo.

Inama nshingamateka yaremeje iri tegeko mu kwa cumi na kabiri, inyuma y'ingingo yafashwe na sentare kuri iki kibazo.

Uwu mugirwa uzogengwa n'amategeko akomeye cane, aho uwo wese azoba avyipfuza azobanza gukurikiranwa n'abaganga babiri - umwe muri bo akazotegerezwa kuba ari umuhinga mu guhumuriza abababaye cane (médecine palliative).

Abategetsi bavuga ko reta yashizeho ikigega co guteza imbere ibijanye no guhumuriza kugira ngo ntihagire uwufata icemezo co gupfa kandi hariho izindi nzira zo kumufasha akabandanya abaho.

Ukwiyahura umuntu abifashijwemwo, aho umuntu afashwa kurangiza ubuzima bwiwe, bisanzwe vyemewe n'amategeko mu gihugu kibanyi c'Ubuswisi.

Eka no mu bindi bihugu bitari bike harimwo Espagne, Ububirigi n'Ubuholande, uyu mugirwa ntukiri mu vyaha bihanwa n'amategeko.

Hagati aho, amategeko ya Autriche azobandanya ahana abakokeza ukwiyahura, kandi iri tegeko ntiryemerera abana canke abantu bafise indwara zo mu mutwe.

Abantu bakuze bazoba bashaka kwiyahura bazotegerezwa kwerekana ibipimo vyemeza indwara zabo kandi berekane n'ivyemezo ko bafise ububasha bwo kwifatira icemezo bo nyene ubwabo.

Bimaze kwemezwa n'abaganga babiri, abo barwayi bazotegerezwa kurindirizwa amayinga 12 kugira ngo biyumvire kuri iyi ngingo yabo - canke amayinga abiri mu gihe bazoba bari ku mpfiro kubera indwara.

Inyuma y'ico kiringo cose, nimba batazoba barahindura ingingo yabo, bashobora kuzohabwa imiti yica kuri farumasi (pharmacie), babanje kubimenyesha umunyamategeko canke noteri (notaire).

Kugira ngo ntibibe mu kajagari, amazina y'amafarumasi agurisha iyi miti azomenyeshwa gusa abanyamategeko n'abanoteri bazomesheshwa ibi vyemezo, kandi ntazokwamamazwa ku mugaragaro.

Mu mategeko ya Autriche gushika ubu, umuntu uwo ari we wese arinze yosha canke afasha umuntu kwiyahura yashobora gupfungwa gushika ku myaka itanu.

Mu mwaka uheze, sentare y'igihugu yarakuyeho burundu ingingo yabuza umuntu ashaka gufashwa gupfa, ikaba yavuga ko kwari "uguhonyanga uburenganzira bwo kwishira ukizana".

Imbeye y'uko iri tegeko rishasha ryemezwa n'inama nshingamateka uno mwaka, bamwe mu banyaporitike batavuga rumwe na reta bavuga ko ryarimwo imitego myinshi kuri abo bashaka gufashwa gupfa.

Hari abandi babona ko ata mategeko ruhasha yari ahari, bakavuga ko isuzuma ryo mu mutwe ryonyene ritari rikwiye kugira ngo babone nimba koko nyene gufata icemezo abifitiye ububasha.