DR Congo: Umunyapolitike yarakubiswe gushika arapfa inyuma yo guhimiriza abantu kwikingira Ebola

Ahavuye isanamu, Reuters
Umwe mu barongoye umugambwe UDPS wa Perezida Félix Tshisekedi yarapfuye inyuma yo gukubitwa avuye mu kiganiro kw’iradiyo, aho yariko ahimiriza abanyagihugu gukurikiza ingingo zo kwikingira Ebola, nk’uko icegeranyo c’uwo mugambwe kibivuga.
Karondwa Mwanaweka Marie-Célestin Bytaty yari arongoye ivy’agateganyo umugambwe wa UDPS i Butembo, mu ntara ya Kivu ya Ruguru, akaba kandi yari umuvugizi w’uwo mugambwe.
UDPS ivuga ko inzu yiwe yahavuye iturirwa, ibintu vyiwe na vyo birononwa. Uwo mugambwe wasavye abategetsi gutohoza ingene urupfu rwiwe rwabaye no gufata ababigizemwo uruhara.
uwo mugambwe wasavye kandi abanywanyi bawo kuguma batekanye no kwubahiriza amategeko.
Karondwa yahavuye apfa azize ibikomere.
UDPS ivuga ko yatewe kubera yari yashigikiye ko Ebola iriho kandi ibangamiye abanyagihugu.
Ico ni kimwe mu bitero bitari bike bimaze kugabwa ku bari mu bikorwa vyo kurwanya Ebola.
Ku wa gatandatu uheze, abitwaje ibirwanisho barateye ikibanza co gukarabiramwo intoke i Beni, bica umuntu umwe bongera bakomeretsa abandi.
Urupfu rwiwe rubaye mu gihe igitigiri c’abamaze kwandura Ebola muri DR Congo carenze abantu 8,000.
Ibiharuro vya reta vyerekana ko gushika ku wa 26 Nyakanga (9), abantu 8,067 bari bamaze kwandura, muri bo 3,901 barapfuye. Intara ya Ituri ni yo ibangamiwe kurusha izindi, aho hamaze kwandura abantu 6,155, muri bo 2,834 barapfuye.
Ico kiza co mu bwoko bwa Bundibugyo. Ni co kiza ca Ebola kimaze kwica abantu benshi kurusha ibindi vyose vyigeze gutera DR Congo.
Izindi nkuru wosoma:

