Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, AFC/M23 yahakanye ko yishe abacukuzi ikanajana ubutare mu Rwanda

Umuhari AFC/M23 wahakanye ivyagiriji vya Amnesty International bivuga ko wishe kandi ugahohotera abacukuzi bato bato, ukanatwara inzahabu na coltan mu Rwanda.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Trump agabisha “gutikiza” ubutegetsi bwa Iran mu gihe ibiganiro vyo bibandanya

    Perezida wa Amerika, Donald Trump ari mw’ikoraniro rusangi rya ONU i New York yavuze ko ategerezwa gufata ingingo ikomeye: gusubira gutera Iran canke kugirana na yo amasezerano y’amahoro.

    Mw’ijambo yashikirije ku wa kabiri, Trump yavuze ko ashobora “gutikiza” Repubulika ya ki-islam ya Iran mu gihe intambara itotorerwa umuti.

    Yavuze ati: “Mbega tuzogirana amasezerano na Iran azotuma isubira kwiyubaka, canke ndayitikize ningoga?”

    Intumwa imwe gusa yo mu mugwi waserukiye Iran ni yo yari ihari igihe Trump yashikiriza ayo majambo.

    Naho yagabishije, Trump yavuze ko agishigikiye ko haba ibiganiro. Mu nyuma yabwiye abamenyeshamakuru ko abategetsi ba Amerika bagiranye ibiganiro vyamaze amasaha atatu “vyagenze neza cane” n’intumwa za Iran.

    Televiziyo ya reta ya Iran yemeje ko Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, yabonanye na Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati.

    Ivyo biganiro vyabaye biciye ku muhuza wa Qatar. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Iran, Esmail Baghaei, yavuze ko igihugu ciwe casavye ko intambara ihagarara ku mpande zose hamwe n’uko Amerika ihagarika ibitero vyayo.

    Witkoff na we yavuze ko abahuza bagiye baratwara ubutumwa hagati y’impande zompi. Yavuze ko ico kiganiro ca mbere carangiye kandi ko bizeye ko kizovamwo intambwe nziza.

    Intambara yatanguye muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, igihe Amerika na Israel vyatera Iran. Kuva ico gihe, ibiciro vy’igitoro kw’isi vyaraduze kandi nta masezerano arama arashikwako.

    Mw'ijambo ryiwe, Trump yavuze kandi ko yizeye kurangiza intambara y’Uburusiya na Ukraine, yongera anegura inzego mpuzamakungu avuga ko “ata reta y’isi yose iriho”.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. AFC/M23 yahakanye ko yishe abacukuzi ikanajana ubutare mu Rwanda

    Umuhari AFC/M23 wahakanye ivyagiriji vya Amnesty International bivuga ko wishe kandi ugahohotera abacukuzi bato bato, ukanatwara inzahabu na coltan mu Rwanda.

    Mw’itangazo wasohoye i Goma ejo ku wa kabiri , AFC/M23 yavuze ko Amnesty itatanze ivyemezo bifadika bishobora gusuzumwa.

    Mu cegeranyo casohotse ku munsi wa mbere uheze, Amnesty yari yagirije uwo muhari ibirego vy'ubwicanyi, ugukubagura abantu, ukubapfunga ata mategeko akurikijwe, ukubakoresha ku nguvu no kubinjiza mu mirwi y’abarwanyi ku nguvu.

    Iryo shirahamwe ryavuze ko ivyo vyabereye ahacukurwa coltan i Rubaya muri Kivu ya Ruguru no ku birombwe vy’inzahabu vya Lomera muri Kivu y’Epfo. Iryo shirahamwe rivuga ko ryaganiriye n’abantu 26 ryongera risuzuma amafoto n’amashusho yafatiwe muri utwo turere.

    AFC/M23 yavuze ko uburemere bw’ivyo vyagiriji busaba ivyemezo vyerekana igihe n’aho ivyo vyaha vyakorewe, ababikoze n’isano bafitaniye n’abari canke barongoye uwo muhari.

    Ku bijanye n’ivyagiriji vy’uko ubutare bujanwa mu Rwanda, AFC/M23 yavuze ko kwumva abantu bavuga ikinyarwanda canke kubona Abanyarwanda mu karere bidahagije kugira hemezwe ko harimwo uruhara rwa reta y’u Rwanda.

    Yavuze ko ikinyarwanda gisanzwe kivugwa n’imiryango myinshi yo muri Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo, ikagabisha ko kucitirira ubwenegihugu bw’u Rwanda bishobora gutera amacakubiri.

    Amnesty yari yasavye ibihugu n’amashirahamwe guhagarika kugura inzahabu na coltan biva mu Rwanda, gushika Kigali yerekanye ko ubwo butare butava muri DR Congo mu buryo bwa magendu.

    AFC/M23 yavuze ko yiteguye ko ivyagiriji bishigikiwe n’ivyemezo bihagije bisuzumwa n’urwego rwigenga.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.