Trump agabisha “gutikiza” ubutegetsi bwa Iran mu gihe ibiganiro vyo bibandanya

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida wa Amerika, Donald Trump ari mw’ikoraniro rusangi rya ONU i New York yavuze ko ategerezwa gufata ingingo ikomeye: gusubira gutera Iran canke kugirana na yo amasezerano y’amahoro.
Mw’ijambo yashikirije ku wa kabiri, Trump yavuze ko ashobora “gutikiza” Repubulika ya ki-islam ya Iran mu gihe intambara itotorerwa umuti.
Yavuze ati: “Mbega tuzogirana amasezerano na Iran azotuma isubira kwiyubaka, canke ndayitikize ningoga?”
Intumwa imwe gusa yo mu mugwi waserukiye Iran ni yo yari ihari igihe Trump yashikiriza ayo majambo.
Naho yagabishije, Trump yavuze ko agishigikiye ko haba ibiganiro. Mu nyuma yabwiye abamenyeshamakuru ko abategetsi ba Amerika bagiranye ibiganiro vyamaze amasaha atatu “vyagenze neza cane” n’intumwa za Iran.
Televiziyo ya reta ya Iran yemeje ko Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, yabonanye na Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Ivyo biganiro vyabaye biciye ku muhuza wa Qatar. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Iran, Esmail Baghaei, yavuze ko igihugu ciwe casavye ko intambara ihagarara ku mpande zose hamwe n’uko Amerika ihagarika ibitero vyayo.
Witkoff na we yavuze ko abahuza bagiye baratwara ubutumwa hagati y’impande zompi. Yavuze ko ico kiganiro ca mbere carangiye kandi ko bizeye ko kizovamwo intambwe nziza.
Intambara yatanguye muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, igihe Amerika na Israel vyatera Iran. Kuva ico gihe, ibiciro vy’igitoro kw’isi vyaraduze kandi nta masezerano arama arashikwako.
Mw'ijambo ryiwe, Trump yavuze kandi ko yizeye kurangiza intambara y’Uburusiya na Ukraine, yongera anegura inzego mpuzamakungu avuga ko “ata reta y’isi yose iriho”.
Izindi nkuru wosoma:

