IKIBIRIRAHO, Iran ivuga ko amasezerano na Oman ku Muhora wa Hormuz ageze ku ntambwe za nyuma

Yaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yaba Oman, nta ruhande ruragira ico ruvuze kuri aya masezerano, mu gihe Irani ishimangira ko itari mu biganiro na Amerika kandi ko ata mugambi ifise wo kuganira nayo.

Incamake

Yaba Reta Amerika, yaba Oman, nta ruhande ruragira ico ruvuze ku masezerano hagati ya Iran na Oman ku Muhora wa Hormuz Tehran ivuga ko ageze ku ntambwe za nyuma, mu gihe Irani ishimangira ko itari mu biganiro na Amerika kandi ko ata mugambi ifise wo kuganira nayo.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Infantino yemeye amakosa yakoze, ayasabira imbabazi ariko arabandanya kurongora FIFA

    Gianni Infantino

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Umukuru w’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi FIFA, Gianni Infantino, yasavye imbabazi ku “makosa” yakozwe ku mugambi wiwe wateje impari wo gushaka kugurisha imitahe y’Igikombe c’Isi c’umupira w’amaguru ku banyamitahe bigenga.

    Izo mbabazi ziri mu rwandiko rwateweko igikumu na Gianni Infantino hamwe n’Umunyamabanga mukuru wa FIFA, Mattias Grafstrom, inyuma y’inama yihutirwa yabereye muri Maroc ejo ku wa gatatu.

    Uru rwandiko ruvuga ko urwego nyobozi rwa FIFA rwongeye kwemeza ko rushigikiye rwose Gianni Infantino mu mabanga yiwe y’umukuru w’iri shirahamwe.

    Uwo mugambi wariyamirijwe bikomeye. Mu baheruka kuwunegura harimwo n’umushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, yatangaje ejo ku wa gatatu ko ata cizere agifitiye Gianni Infantino.

    Mark Carney avuga ko Infantino yakoze amakosa mu kudasigurira abahanuzi biwe n’abagize urwego nyobozi rwa FIFA ibiri muri uwo mugambi wiwe.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  2. Iran ivuga ko amasezerano na Oman ku Muhora wa Hormuz ageze ku ntambwe za nyuma

    Amato muri hormuz

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Icegera c’Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Kazem Gharibabadi, avuga ko “Iran na Oman bamaze gushika ku masezerano shimikiro ajanye n’inzira nshasha y’igihe gito amato azokwifashisha mu Muhora wa Hormuz”, kandi ko “ayo masezerano ageze mu ntambwe za nyuma”.

    Kazem Gharibabadi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Irani IRNA ko “ibibazo hafi vyose bijanye n’inzira z’amato z’imbere no hanze hagati y’ibi bihugu bibiri, hamwe n’ibindi bibazo vy’ubuhinga kuri uwo muhora, vyamaze gutorerwa umuti”.

    Agira ati: “Iyo nzira nshasha iriko irategurwa izoba iy’igihe gito. Mu gihe ayo masezerano yoshirwa mu ngiro nk’uko vyumvikanyweko, amayira y’agateganyo ari ku ruhande rw’uburaruko n’ubumanuko bw’Umuhora wa Hormuz asanzwe akoreshwa ubu azokwugarwa”.

    Hagati aho, umuvugizi w’ubu bushikiranganji Esmaeil Baqaei agabisha ko amasezerano na Omani adasigura ko Umuhora wa Hormuz ushobora gukoreshwa ata nkomanzi, akavuga ko umutekano muri iyo nzira ubandanya ugirwako ingaruka n’ingingo ya Amerika yo kuzibira ibivuko vya Irani. Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Omani ntaco biravuga kuri uwo mugambi gushika ubu.

    Kuva aho Amerika na Israel bitangurije intambara kuri Iran muri Ruhuhuma (2), Tehran (ubutegesi bwa Irani) yarazibiye Umuhora wa Hormuz, inzira icamwo hafi ica gatanu c’igitoro hamwe na gaze yahinduwe amazi bikoreshwa kw’isi yose.

    Ku wa kabiri, Perezida Donald Trump wa Amerika yagabishije ko Irani “ishobora gukubitwa bikomeye cane” mu gihe uno muhora utoba wuguruye “vuba cane.”

    Yavuze ibi inyuma y’aho bamwe mu bategetsi bakuru ba Amerika batangarije ko ibiganiro vyari vyateye intambwe ku buryo uruja n’uruza muri uno muhora rushobora gusubira gutangura mu mpera z’ino ndwi.

    Ariko Irani ibandanya ishimangira ko ata biganiro iriko iragirana na Amerika kandi ko ata mugambi ifise wo kuganira na yo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.