Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze mu matora yatsinzwemwo mu 2020
Perezida Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
Mw’ijambo yashikirije igihugu, Trump, yatsinzwe muri ayo matora na Joe Biden, yasubiyemwo ivyo amaze igihe avuga ko ayo matora yibwe kandi ko atabaye mu muco.
Muri iryo jambo, Trump yavuze ko reta ya Amerika igiye gushira ahabona inyandiko zigaragaza ko Ubushinwa bwinjiye mu madosiye y’abatora bashika ku miriyoni 220. Ariko ntiyasiguye ingene ayo makuru ashobora kuba yarakoreshejwe mu kugirira nabi Amerika canke mu kugira ico ahinduye ku matora.
Trump kandi yagirije ivyo yise “deep state”, ni ukuvuga bamwe mu bakozi b’inzego za Amerika zijejwe igendereza, ko bakingiye ikibaba Ubushinwa mu bikorwa vyabwo vyo kwivanga mu matora yo hagati muri manda (midterm elections) yo mu 2018 hamwe no mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020.
Ariko rero, amatohoza menshi, igenzura (audit) ry’amatora ryakozwe incuro zitandukanye hamwe n’imanza zaburanishijwe mu masentare atandukanye, nta na hamwe higeze haboneka ivyemezo vy’ubusuma mu matora.
Imbere y’iri jambo, abakeba biwe, ni ukuvuga Abademokarate, bari bagabishije ko Trump ashobora kuba ariko ategura inzira yo kwivanga mu matora yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11), amatora Abarepubulikani bashobora gutakariziramwo ubwiganze bwabo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika.
Ayandi makuru: