Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Intambara yo muri Irani: Ubwato bw’Ubwongereza bwatewe igisasu mu Muhora wa Hormuz

Ikigo c’Ubwongereza gicungera umutekano wo mu mazi kivuga ko ubwato bw’imizigo bwatewe “n’igisasu kitazwi” mu Muhora wa Hormuz.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Didier Bikorimana

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.

  2. Uganda: 'Besigye arimo koroherwa ariko aracyafite intege nkeya cyane' – umugore we

    Winnie Byanyima, umugore w’umunyapolitike Dr Kizza Besigye ufunze utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda, avuga ko umugabo we arimo koroherwa ariko ko agifite “intege nkeya cyane” ndetse ko akirimo kuvurirwa mu cyumba cy’indembe cyo ku bitaro byo ku rwego rw’igihugu bya Mulago.

    Ubwo yaganiraga n’abanyamakuru nyuma yo gusura umugabo we, Byanyima yavuze ko Besigye yakuwe kuri serumu ariko ko agifite intege nkeya.

    Yagize ati: “Nkimubona nahise ngwa mu kantu, namusanze aryamye asinziriye ariko aranegekaye cyane. Yagaragaraga ko afite intege nkeya cyane. Yakomeje kuba asinziriye igihe kirekire. Ubwo yari ashoboye gufungura amaso, na bwo ntashobora kuvuga.”

    Byanyima yongeyeho ko umugabo we atanashobora kwandika.

    Uwo munyapolitike umaze imyaka myinshi atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda yajyanwe mu cyumba kivurirwamo indembe cyo ku bitaro bya Mulago nyuma yuko yikubise hasi ari mu rukiko ku itariki ya 30 Nyakanga (7).

    Mbere gato yuko yikubita hasi, Besigye yari yanze akomeje icyemezo cy’urukiko cyo gushyiraho abanyamategeko bo kumwunganira. Erias Lukwago, umunyamategeko wari ukuriye itsinda ry’abunganizi be, yatawe muri yombi, mu gihe uwahoze ari Minisitiri w’ubutabera wa Kenya Martha Karua, na we wo mu itsinda ry’abunganizi be, yangiwe kwinjira muri Uganda.

    Byanyima yongeye gusaba abategetsi ba Uganda kubahiriza ubutegetsi bugendera ku mategeko no kubaha uburenganzira bwa muntu, harimo n’uburenganzira bwa Besigye bwo kuvurwa uko bikwiye no kuburanishwa mu buryo butabogamye.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Perezida ushaje kurusha abandi ku isi yakoze impinduka mu gisirikare mu gihe kutaboneka kwe kwateje guhangayika

    Perezida wa Cameroun urambye ku butegetsi Paul Biya – umaze amezi hafi abiri atarabonwa mu ruhame – yakoze impinduka mu gisirikare cy’icyo gihugu, mu gihe guhangayika gukomeje kwiyongera kubera igihe kirekire amaze ari mu mahanga.

    Uyu Perezida w’imyaka 93 yashyize abategetsi mu myanya y’ingenzi mu gisirikare ndetse abasirikare batanu b’ipeti rya Koloneli abazamura mu ntera abashyira ku ipeti rya Brigadiye Jenerali (Brig Gen).

    Umwe muri abo bashyizwe ku ipeti rya Brig Gen ni Raymond Jean Charles Beko'o Abondo, wahise ako kanya asubizwa ku mwanya wa komanda w’abasirikare bashinzwe kurinda Perezida Biya – umwanya ariho guhera mu mwaka wa 2013.

    Impinduka nk’izo si ikintu kidasanzwe mu butegetsi bwa Biya, by’umwihariko mu bihe aho abaturage baba bibaza byinshi cyane kuri Perezida wabo cyangwa iyo bafata ko afite intege nkeya.

    Mu myaka itatu ishize, nyuma yuko muri Gabon, umuturanyi wa Cameroun, hari hamaze kuba ihirikwa ry’ubutegetsi ritari ryitezwe, ubwo ubutegetsi bw’umuryango wa Bongo bwahirikwaga bikavugwaho cyane mu bice binyuranye by’Afurika, ako kanya Cameroun yahise ikora impinduka ku buyobozi bw’ingabo.

    No mu mwaka ushize ubwo yiyamamarizaga manda ya munani yateje impaka, Biya na bwo yakoze impinduka mu buyobozi bukuru bw’ingabo.

    Nanone muri Kamena (6) uyu mwaka, yazamuye mu mapeti abasirikare benshi n'abashinzwe umutekano benshi.

    Izi mpinduka nshya yakoze zateje impaka, cyane cyane mu bakoresha imbuga nkoranyambaga.

    Biya yakoze izo mpinduka abinyujije mu mategeko-teka anyuranye yatangaje ku wa mbere ari i Genève mu Busuwisi, aho ari kuva avuye muri Cameroun ku itariki ya 7 Kamena (6) agiye mu cyo itsinda rye ryasobanuye ko ari ukuhamara “igihe gito ku giti cye”.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Abimukira barenga 170 batabawe nyuma yuko ubwato bari barimo buhiriye mu muhora wa Channel

    Abategetsi bo mu Bufaransa bavuze ko abimukira barenga 170 batabawe nyuma yuko ubwato bari barimo gukoresha ngo bambuke umuhora witwa Channel (La Manche) – uri hagati y’Ubufaransa n’Ubwongereza – bufashwe n’inkongi y’umuriro mu gitondo cyo ku wa kabiri.

    Ubwo bwato bwari burimo bugerageza kwambukira mu Bwongereza ubwo moteri yabwo yashyaga, nkuko byatangajwe n’abategetsi bo mu Bufaransa bashinzwe ingendo zo muri uwo muhora n’inyanja yo mu majyaruguru.

    Mbere, abo bategetsi bari bavuze ko abantu 157 batabawe ariko nyuma baje gutanga umubare mushya bavuga ko abatabawe ari 173. Bose bajyanwe ku cyambu cya Boulogne-sur-Mer kiri mu majyaruguru y’Ubufaransa. Nta bakomeretse batangajwe.

    Ibi bibaye nyuma y’umunsi Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Andy Burnham asezeranyije ko leta ye itazacogora mu kugabanya umubare w’abantu bagera mu Bwongereza batwawe n’amato mato.

    Abategetsi bo mu Bufaransa bavuze ko ubwo bwato bwavuye mu Bufaransa mu ijoro ryo ku wa mbere.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Reba uko umurobyi yarokotse nyuma yo kurumwa n'igifi kinini cyo mu bwoko bwa ‘grey reef shark’

    Henry Gibbs wo muri Nouvelle-Zélande yarumwe n'igifi kinini cyo mu bwoko bwa ‘grey reef shark’ ubwo yari yibiye mu nyanja arimo aroba amafi akoresheje icumu muri Fiji.

    Avuga ko icyo gifi cyabanje kumuzenguruka inshuro nyinshi mbere yo koga kimusatira kikamuruma ku kuguru kw'iburyo.

    Nyuma yo kubagwa inshuro enye no guterwaho uruhu, Henry avuga ko yumva ari umunyamahirwe udasanzwe kuko abaganga bemeza ko azakira burundu.

    Nubwo byamubayeho, Henry avuga ko nta rwango afitiye icyo gifi. Yanditse ku rubuga rwa Instagram ati: "Nari ndi mu buturo bwacyo kandi ibyo nahigaga ni ibyo kurya byacyo. Byabaye uguhurirana ahatari ho no mu gihe kitari cyo."

  6. Intambara y'Uburusiya na Ukraine: Buri ruhande ruvuga ko rwakoroye amadrone y'urundi

    Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza ko hagati y’isaha zibiri z’umugoroba (8:00 PM) n’isaha zibiri zo mu gitondo (8:00 AM), igisirikre kirwanira mu kirere cakoroye indege zitajamwo abadereva (ama-drone) 320 za Ukraine yafashwe mu turere 18 z’Uburusiya, harimwo Moscou na Leningrad, hamwe n’akarere ka Crimée/Crimea, Uburusiya bwihagiye.

    Buramatari w’intara ya Moscou, Andrei Vorobyov, yatangaje ko abantu batanu bapfuye abandi cumi barakomereka mu karere ka Chekhov, kandi ko hanadutse n’umuriro ukomeye ku nyubakwa imwe y’ububiko bunini.

    Hejuru y’ububiko bwa Wildberries mu ntara za Leningrad na Moscou bwarashwe, hari kandi n’iyindi nyubakwa y’iyi kompanyi y’ubudandaji ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntara ya Tver iri ku birometero vyababa 180 mu buraruko bushira uburengero bwa Moscou yononywe na drone ya Ukraine.

    Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) imaze imisi ikora ibitero ku nyubakwa z’ububiko z’iyi kompanyi, ikavuga ko ikoreshwa mu gushikanira ibikoresho igisirikare c’Uburusiya, ivyo Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) ihakana.

    Ku rundi ruhande, Ukraine ivuga ko Uburusiya bwayiteye bukoresheje igisasu ca misire ya ballistique co mu bwoko bwa Iskander-M hamwe n’amadrone 136.

    Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere gitangaza ko gushika isaha zibiri z’agatondo ko kuri uno wa kabiri cari kimaze gusambura amadrone 117.

    Abana b’abakobwa babiri, umwe w’imyaka itanu uwundi w’imyaka icumi, hamwe n’umutamakazi bishwe n’ikibombe c’Uburusiya mu buraruko bw’igisagara ca Sumy.

    Mu gisagara ca Mykolaiv kiri iruhande y’Ikiyaga Cirabura mu bukanuko bwa Ukraine, umutamakazi w’imyaka 89 yishwe, abandi indwi barakomereka mu gitero c’ama-drone, nk’uko vyatangajwe na Georgy Reshetilov, umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare bw’ako karere.

    Gushika ubu, Ubushikiranganji bw’Ingabo bw’Uburusiya ntiburatangaza amakuru yerekeye ibitero vyabaye muri Ukraine mw’ijoro ryakeye.

  7. Abahuza bariyamiriza Israel ku gitero cayo cahitanye abantu 18 muri Gaza

    Qatar, Misiri na Turukiya, ibihugu bihagarariye amasezerano yo guhagarika intambara muri Gaza, biriyamiriza Israel inyuma y’ibitero bishasha bivugwa ko vyahitanye n'imiburiburi abantu 18 muri ako karere.

    Ntibiramenyekana neza nimba abishwe bari abarwanyi canke abasivire.

    Abahuza bavuga ko ivyo bitero vya Israel bije guhonyanga amasezerano y’agahengwe.

    Hamas igenzura igice c'inkombe yo mu burengero bwa Gaza, mu gihe umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Israel Katz, avuga ko ingabo ziwe ubu zigenzura hagati ya 60 na 70 kw'ijana vy'ubutaka bwa Gaza, mu mugambi wo gusambura imihora yo mu kuzimu ikoreshwa na Hamas.

    Ku wa Mungu, yavuze ko ingabo za Israel zidashobora kuva muri Gaza imbere y'uko Hamas yemera gushira hasi ibirwanisho.

    Hamas yo ivuga ko ibitero vya Israel bitegerezwa kubanza guhagarara imbere y'uko itangura gushira hasi canke gukuraho ibirwanisho vyayo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  8. Umuriro wazuye ibisasu vyo mu Ntambara ya Kabiri y’Isi vyari bihambwe mu kuzimu mu Bufaransa

    Imiriro y’icaduka iriko iratema itongora mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubufaransa yazuye ibisasu vyo mu ntambara ya Kabiri y’Isi yose vyahambwe mu kuzimu mu kigwati cari cimuwemwo abakibamwo.

    Abanyagihugu bo mu gisagara ca Le Porge baramaze gusubira mu ngo zabo inyuma y'aho abahinga mu gutegura ibisasu bamariye iminsi myinshi begeranya ibisasu bishika amajana ane, birimwo ibisasu vya muzinga n’ibindi vyo gusambura ibimodoka vy'intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe.

    Umukuru w'igisagara ca Le Porge, Martial Zaninetti, yavuze ko ubushuhe bwinshi n'ubukomezi bw’uno muriro vyatumye bimwe muri ibi bisasu biturika, kimwe muri vyo kigatoboranya n’inzu.

    Abahinga bavuga ko ibi biturika vyari uruvangatirane rw’ibisasu vy'Abadagi n'ivy’Abafaransa.

    Umuriro wari ugize imisi uriko uranzaganya mu ntara ya Gironde ubu waramaze kuzimwa inyuma yo kurigita akarere Kangana na kirometero kwadarato 420 mu kiringo c’imisi yababa cumi.

  9. Ukraine Vs Uburusiya: Buramatari wa Leningrad avuga ko amadrone yateye inyubakwa z'ububiko

    Amakuru ava mu Burusiya avuga ko ibigo bitari bike vy’ububiko no gukwiragiza ibidandazwa hamwe n’ivy’igitoro, vyatewe n’indege zitajamwo abadereva (drones) mw’ijoro ryakeye.

    Inyubakwa y’ububiko imwe yononywe n’amadrone i Krasny Bor, hafi ya Saint Petersburg, igisagara ca kabiri kinini mu Burusiya.

    Buramatari w’intara ya Leningrad, Alexander Drozdenko, yavuze ku mbuga ngurukanabumenyi ko ama drones 17 yarasiwe mu kirere.

    Avuga kandi ko umuntu umwe yakomeretse.

    Ntiyavuze izina ry’ikigo catewe, ariko amafoto yakwiragijwe ku mbuga nyagiro asa n’ayerekana umwotsi uduga uvuye ku bubiko bw’ikigo Wildberries, ikompanyi y’ubudandaji yo mu Burusiya ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Hafashwe kandi n’ingingo zo kugabanya uruja n’uruza rw’indege ku kibuga c'indege gikuru ca Saint Petersburg.

    Ayandi makuru ku ntambara y'Uburusiya na Ukraine:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  10. Intambara yo muri Irani: Ubwato bw’Ubwongereza bwatewe igisasu mu Muhora wa Hormuz

    Ikigo c’Ubwongereza gicungera umutekano wo mu mazi kivuga ko ubwato bw’imizigo bwatewe “n’igisasu kitazwi” mu Muhora wa Hormuz.

    Iki kigo kivuga ko ibi vyabereye hafi y’inkombe za Oman, kandi ko biriko birakorwako amatohoza, ariko nta makuru aramvuye gitanga ku vyoba vyononekaye canke nimba hari abakomeretse.

    Ibi bibaye mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani ziriko zitanga amakuru avuguruzanya ku bijanye n’uko vyoba biri mu biganiro.

    Ku wa mbere, Perezida Donald Trump yashimitse avuga ko ibiganiro biriko biraba “ubu nyene”.

    Yabwiye abanyamakuru muri Maison Blanche/White house (ibiro vy’umukuru wa Amerika) ati: “Ibiganiro biriko birabandanya muri uno mwanya, kandi aya ni yo mahirwe yabo ya nyuma yo gutera igikumu ku rwandiko rwiza”.

    Yavuze ko Irani iravye nabi ishobora “gucibwa umutwe” kiretse yemeye amasezerano arimwo kwugurura Umuhora wa Hormuz kugira ngo amato ashobore kuwukoresha ata ngorane, hamwe no guheba umugambi wa nikleyere.

    Perezida Trump yemeje ko ivyo biganiro biriko biraba “bisabwe” na Tehran (ubutegetsi bwa Irani), kandi ko bihagarariwe na Arabiya Sawudite, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), hamwe na Qatar.

    Imbere y’aho, Irani yari yahakanye ko iri mu biganiro bitaziguye na Amerika.

    Yavuze ko Tehran iriko ivugana gusa na Oman ku bijanye n’ingene Umuhora wa Hormuz wosubira kwuguruzwa igihe gito kugira ngo amato y’ubudandaji ashobore kurengana.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.