Papa Leo avuga ko AI itegerezwa 'kwamburwa ubushobozi bwo kugirira nabi'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Leo XIV (wa 14), yashize ahabona urwandiko rwa mbere ruhambaye rw’inyigisho za Ekleziya zijanye n’ikiringo ciwe, aho yaburiye ko ubwenge bw’ubukorano (AI) bukwiye “kwamburwa ubushobozi bwo kugirira nabi”.
Papa yagize ati: “Iri jambo rirakomeye, ndabizi, ariko narihisemwo nkana kubera iki gihe gikeneye amajambo ashobora gukangura abantu.”
Uravye, “encyclique” ni ubwoko bw’ikete Papa yandikira abepiskopi ba Ekleziya, ariko mu myaka iharurwa muri za mirongo iheze ryahindutse ubutumwa ashikiriza isi yose.
N’ubwo iri kete ryibanze cane kuri AI, Papa Leo yacishijemwo no gusaba imbabazi, mu buryo bukomeye cane kandi busiguritse cane, ku ruhara Ekleziya yagize mu gihe co gutwara abantu mu buja.
Yanditse ko bitari gushoboka "kutumva intuntu umuntu yibutse ukubabazwa n’ugusuzugurwa vyakorewe benshi cane". Yongerako ko asavye "ikigongwe bimwe bivuye ku mutima", mw’izina rya Ekleziya.
Papa Leo yavuze ibijanye n’urudandaza rw’abaja afatiye kuri AI, aburira ko isi ishobora gusubira gufata nk’ibisanzwe ugukoresha nabi abantu, haba mw'ikorwa ry'ubwo buhinga canke uburyo bukoreshwamwo.
Zimwe mu mvugo zikomeye cane Papa yakoresheje muri urwo rwandiko zirashimikira cane ku buja. Yaburiye ko hariho isano hagati y’icago c’ubuja bwa kera n’ivyago bishasha vy’“ubuja bw’ubuhinga bwa none.”
Yavuze ko hari ingorane y’uko abantu boshobora gusubira kubona nk’ibisanzwe ugukoreshwa nabi kw’abandi, kandi ko kiremwa muntu ari mu mayira abiri.
Mu buryo budasanzwe, Papa Leo ni we ubwiwe ku wa mbere yashikirije urwo rwandiko i Vatikano, rwiswe “Magnifica Humanitas”, imvugo yo mu Kilatini isiguye “Ubuntu butangaje”, ari kumwe n’abahinga mu vy’ubwenge buhinguwe n’imashini, harimwo Christopher Olah, umwe mu bashinze ishirahamwe rikomeye ryo muri Amerika rikora AI ryitwa Anthropic.
Izindi nkuru wosoma:






