Ibiganiro vy’amahoro muri Gaza vyarahagaze hakaba ubwoba ko intambara ishobora gusubira

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwoba buriko buriyongera ko intambara ishobora gusubira kuba muri Gaza inyuma y’aho ibiganiro vy’agahengwe hagati ya Israel na Hamas bisa n'ivyahagaze.
Abategetsi b’Abanyapalestina bavuga ko ibiganiro vyahagaze kubera ukudahuza ku bijanye no kwaka ibirwanisho Hamas hamwe n’ukwubahiriza ivyari vyasezeranywe mu masezerano y’agahengwe, cane cane ivyerekeye ubutabazi bw’abanyagihugu.
Mu ndwi iheze, ibitero vy'indege za Israel vyahitanye abantu batari bake muri Gaza, harimwo Azzam al-Hayya, umuhungu wa Khalil al-Hayya, umukuru w'abahuza ba Hamas.
Abategetsi ba Israel bagiriza Hamas kwanka gushira hasi ibirwanisho, mu gihe Hamas nayo ivuga ko Israel itubahiriza amasezerano y’agahengwe kandi iguma ikora ibitero muri Gaza.
Ibinyamakuru vya Israel bivuga ko igihugu gishobora gusubira gutanguza ibikorwa vya gisirikare vyagutse mu gihe ibiganiro vyobandanya guhagarara.
Hagati aho, ubuzima bw’abanyagihugu muri Gaza buguma burushiriza kuba bubi, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bamaze guhunga izabo kandi benshi bakaba batinya ko intambara ishobora gusubira kuba.
Ibihugu biriko biragerageza guhuza impande zose, birimwo Qatar, Misiri na Turukiya, bivuga ko biriko birashira igitutu gikomeye kuri Hamas kugira yemere ibiganiro ku gushira hasi ibirwanisho.
Abategetsi mpuzamakungu bavuga ko gusubira kwubaka Gaza hamwe no gushika ku mahoro arama bizoshoboka gusa mu gihe habonetse amasezerano arama hagati y’impande zose.
Izindi nkuru wosoma:








