IKIBIRIRAHO, Amerika yaraye isubiye kugaba ibitero bishasha kuri Irani, Trump akagabisha Tehran ko ikwiye kwigenza neza

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko atarafata ingingo yo kumenya nimba akwiye guhosha Irani canke nimba atazobikora.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Amerika yaraye isubiye kugaba ibitero bishasha kuri Irani, Trump akagabisha Tehran ko ikwiye kwigenza neza

    Abagore bari mu myiyerekano

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko ku wa gatatu zagavye urundi rukurikirane rw'ibitero kuri Irani, mu gihe Perezida Donald Trump yaburiye Tehran (ubutegetsi bwa Irani) ko "ikwiye kwigenza neza".

    Igisirikare ca Amerika kivuga ko carashe uburyo bwa gisirikare Irani yakoresha mu gutera ubwoba amato aca mu Muhora wa Hormuz, kandi ko carashe ubwato bwariko bugerageza kurenga ku ngingo nshasha ibuza amato kuja canke kuva ku bivuko vya Irani.

    Ibi bibaye inyuma y'aho Irani ivugiye ko yateye ibigo vya gisirikare vya Amerika muri ako karere, harimwo ivyo muri Bahrain no muri Koweit, ku musi ugira gatanu w’imishamirano mishasha iriko ita mu kaga amasezerano yari yatanguye kuganirwako yo guhagarika intambara.

    Mohammad Bagher Ghalibaf, aserukira Irani muri ivyo biganiro, yabwiye ibinyamakuru vya reta ko Tehran ata “gituma yobandanya ikurikiza ayo masezerano" nimba atayizanira inyungu.

    Mw’ijoro ryo ku wa kabiri, Trump yari yavuze ko Amerika yoshobora gutera ibiraro n'ibigo vy’umuyagankuba ari nka hamwe Irani itokwemera gusubira mu biganiro mu ndwi iza.

    Nijoro ku wa gatatu, abanyamakuru bamubajije nimba ashobora gutanga igihe ntarengwa imbere yo kubikora, akaba yishuye ati: "Sinkunda gutanga ibiringo ntarengwa, ariko barabizi neza, barazi ingene bigenda...vyiza bokwigenza neza”.

    Mu nyuma, yabwiye abitavye inama y’umutekano ko Irani itamerewe “neza muri iki gihe".

    Ati: "Barashaka cane ko twumvikana. Ntibahimbawe n'ivyo turiko turakora. Tuzoraba nimba twobandanya ibiganiro canke nimba twohitamwo kurangiza ikibazo mu bundi buryo".

    Ariko Ghalibaf yavuze ko umutekano w'igihugu ciwe ushingiye ku kuguma kigenzura inyungu zaco mu Muhora wa Hormuz.

    Yongeyeko kandi ko ibiganiro - nk'intambara nyene - biri mu mikenyuro Irani ikoresha mu kwivuna abo bahanganye.

    Iyi mishamirano ibandanya hagati ya Amerika na Irani iriko yerekana ikibanza kidasanzwe Umuhora wa Hormuz ufise mu butunzi bw'isi, kuko yatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane, kubera uruja n'uruza rw'amato atwara ibitoro rwagabanutse cane muri iyo nzira kirumara yo mu mazi.

    Ayandi makuru:

  2. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.