Afrika y’Epfo : Abarenga 900 barafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabereye mu gihugu cose
Abantu barenga 900 barafashwe ku wa kabiri mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yabereye hirya no hino muri Afrika y'Epfo. Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cabaye ku wa gatatu, abajejwe umutekano bavuze ko benshi mu bafashwe bagirizwa ivyaha bifitaniye isano n'abimukira hamwe n'ubusahuzi.
Iyo myiyerekano yabaye inyuma y'igihe ntarengwa cari carashinzwe n'imigwi irwanya abimukira, yasaba ko abimukira badafise ivya ngombwa bava muri ico gihugu.
Urwego rujejwe umutekano muri Afrika y'Epfo ruvuga ko abantu 215, igitigiri kinini c'abafashwe ku musi wa kabiri, bari mu ntara ya Western Cape. Ariko kandi hari abafatiwe no mu zindi ntara zirimwo KwaZulu-Natal na Eastern Cape.
Umuvugizi w'inzego z'umutekano yavuze ko ku wa kabiri habaye imyiyerekano 120. Myinshi muri yo yabaye mu mahoro, ariko 12 yahindutse intureka.
Igisirikare ca Afrika y'Epfo carungitswe hagati mu gisagara ca Johannesburg gufasha igipolisi guhangana n'ivyaha vy'ubusahuzi n’ubusuma vyari vyadutse.
Abamenyeshamakuru ba BBC na bo babonye ibikorwa vy'ubusahuzi mu gace ka Claremont, mu gisagara ca Durban, mw'ijoro ryo ku wa kabiri.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa yabwiye abamenyeshamakuru ko atababajwe n'ivyabaye ku wa kabiri.
Yavuze ko Abanyafrika y'Epfo bakoresheje uburenganzira bwabo bwo kwiyamiriza, ko imyiyerekano myinshi yabaye mu mahoro kandi ko ibintu vyari gushobora kuba bibi kurushiriza.
Mu mezi aheze, ibisagara bikuru vya Afrika y'Epfo vyagiye biberamwo imyiyerekano yo kwiyamiriza abimukira badafise ivya ngombwa.
Abiyamiriza bavuga ko abimukira badafise ivya ngombwa batuma ubushomeri n'ubukozi bw'ikibi birushiriza kwiyongera muri ico gihugu.
Abateguye iyo myiyerekano bavuga ko bazoyibandanya buri ndwi gushika ivyo basaba vyubahirijwe.
Izindi nkuru wosoma: