Ethiopia igiye gushinga ubutegetsi bw’imfatakibanza muri Tigray

Ahavuye isanamu, Reuters
Ethiopia iriko irashiraho ubutegetsi bw’imfatakibanza mu ntara ya Tigray, inyuma y’indwi zitari nke z’indwano hagati y’ingabo za reta n’abarwanyi barwanya ubutegetsi.
Iyo ngingo ifashwe haciye indwi zibiri ingabo za reta zisubiye kwigarurira Mekelle, umurwa mukuru wa Tigray. Zaranasubije inyuma ingabo za Eritrea zari zinjiye mu bice bimwebimwe vy’iyo ntara.
Ubwo butegetsi bushasha buzomara amezi atandatu. Bushinzwe gusubizaho umutekano, kubogora ivyahononekariye no gutegura amatora yo muri iyo ntara.
Tigray yabereyemwo intambara ikomeye hagati y’ingabo za reta ya Ethiopia n’abarwanyi bo muri iyo ntara, kuva mu 2020 gushika mu 2022.
Naho iyo ntambara yarangiye biciye ku masezerano y’amahoro, ibibazo vyerekeye ubutegetsi, gushira hasi ibirwanisho no gusubiza mu mihana abateshejwe izabo ntibiratorerwa umuti.
Ikiringo c’amezi atandatu cahawe ubwo butegetsi gituma hibazwa nimba amatora azotegurwa azokwemerwa n’abanyagihugu bo muri Tigray.
Hagati aho, imigenderanire hagati ya Ethiopia na Eritrea iriko irushiriza kuba mibi. Hari impungenge ko indwano yosubira kurenga imbibe, igakwegera ibindi bihugu kandi igahungabanya kurushiriza akarere k’Ihembe rya Afrika.







