Koreya y’Epfo iriko yitegurira kurungika abasirikare mu muhora wa Hormuz
Ibimenyeshamakuru vyo muri Koreya y’Epfo bivuga ko reta y’ico gihugu iriko yitegurira kurungika ibikoresho hamwe n’abasirikare mu muhora wa Hormuz, mu mugambi wo gushigikira ico yise “umwidegemvyo wo guca muri uwo muhora.” Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizoba imbere y’uko uyu mwaka urangira.
Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivuga ko amakuru yashikirijwe n’ibimenyeshamakuru vyo muri Koreya y’Epfo, vyisunze amasoko yo muri reta no mu gisirikare, yerekana ko reta ya Seoul iriko irakora ibikenewe mu vy’amategeko kugira ironke uruhusha rw’inama nshingamateka rwo kurungika abo basirikare.
Ayo makuru avuga ko reta, imaze kwihweza uwo mugambi mu nama y’abashikiranganji, itegekanya gushikiriza muri uku kwezi inama nshingamateka igisabo kugira vyemezwe.
Iyo nteguro yo kurungika abasirikare ba Koreya y’Epfo ije mu gihe umutekano mu muhora wa Hormuz umaze imisi uhungabanye, muri iyi minsi hakaba harabaye n’ibitero ku bwato bw’ubudandaji.
Ibihugu bitari bike na vyo biriko biraraba uburyo vyofasha mu gucungera umutekano w’ubwato buca muri iyo nzira ihambaye cane mu rudandazwa rwo kw’isi.
Abategetsi ba Koreya y’Epfo ntibaragira ico bavuga ku mugaragaro kuri ayo makuru.
Izindi nkuru wosoma: