Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Burundi: 'Abarimyi bararanduye icayi kubera ko kigurwa make' – OTB

Umwimbu w’icayi mu Burundi wagabanutse hafi 30% mu myaka ine iheze, nk’uko bivugwa n’ikigo OTB kijejwe igiterwa c’icayi no kugishora hanze y’igihugu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Koreya y’Epfo iriko yitegurira kurungika abasirikare mu muhora wa Hormuz

    Ibimenyeshamakuru vyo muri Koreya y’Epfo bivuga ko reta y’ico gihugu iriko yitegurira kurungika ibikoresho hamwe n’abasirikare mu muhora wa Hormuz, mu mugambi wo gushigikira ico yise “umwidegemvyo wo guca muri uwo muhora.” Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizoba imbere y’uko uyu mwaka urangira.

    Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivuga ko amakuru yashikirijwe n’ibimenyeshamakuru vyo muri Koreya y’Epfo, vyisunze amasoko yo muri reta no mu gisirikare, yerekana ko reta ya Seoul iriko irakora ibikenewe mu vy’amategeko kugira ironke uruhusha rw’inama nshingamateka rwo kurungika abo basirikare.

    Ayo makuru avuga ko reta, imaze kwihweza uwo mugambi mu nama y’abashikiranganji, itegekanya gushikiriza muri uku kwezi inama nshingamateka igisabo kugira vyemezwe.

    Iyo nteguro yo kurungika abasirikare ba Koreya y’Epfo ije mu gihe umutekano mu muhora wa Hormuz umaze imisi uhungabanye, muri iyi minsi hakaba harabaye n’ibitero ku bwato bw’ubudandaji.

    Ibihugu bitari bike na vyo biriko biraraba uburyo vyofasha mu gucungera umutekano w’ubwato buca muri iyo nzira ihambaye cane mu rudandazwa rwo kw’isi.

    Abategetsi ba Koreya y’Epfo ntibaragira ico bavuga ku mugaragaro kuri ayo makuru.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Tanzania: Umuriro wadutse ku musozi Kilimanjaro

    Abajejwe parike hamwe n’abanyagihugu bo mu buraruko bwa Tanzania bariko baragerageza kuzimya umuriro wadutse ku nkengera z’umusozi Kilimanjaro, muremure kuruta iyindi yose yomuri Afurika.

    Uwo muriro watanguye nk’isaha icenda n’inusu zo ku muhingamo ku wa kane, mu karere ka Kikerelwa, ku ruhande rwo mu buraruko bushira ubuseruko bw’uwo musozi, mu ntara ya Rombo.

    Catherine Mbena, icegera c’umuyobozi ajejwe kubungabunga ibidukikije mu kigo kijejwe amaparike y’igihugu, TANAPA, yabwiye BBC ko abajejwe kuzimya umuriro bo muri ico kigo barungitswe muri ako karere. Bariko bafashanya n’abanyagihugu kugira bawuzimye.

    Amakuru avuga ko uwo muriro uriko uraka ku burebure bw’imetero hafi 3.400 ufatiye ku rugero rw’ikiyaga.

    Mbena yavuze ko icawuteye kitaramenyekana kandi ko amatohoza ariko arakorwa.

    Yagize ati: “Turiko turakora ibishoboka. Umutekano wa parike, uw’abashitsi n’ubutunzi kama ni vyo dushira imbere. Abajejwe ibikorwa barabandanya gukurikiranira hafi uko ibintu vyifashe.”

    Si bwo bwa mbere umuriro waduka kuri Kilimanjaro.

    Muri Nyakanga(9) 2023, umuriro wamaze hafi indwi waraturiye uburinganire bungana n’ibirometero kwadarato 17, ni ukuvuga hafi 1% y’akarere kabungabunzwe k’uwo musozi.

    Uwundi muriro wamaze ukwezi mu 2022 na wo waraturiye amashamba angana n’amahegitari ibihumbi.

    Umusozi Kilimanjaro ufise uburebure bw’imetero hafi 5.900 kandi urazana ingenzi nyinshi murico gihugu.

  3. RD Congo: Ebola imaze guhitana abarenga 3.030

    Ikiza ca Ebola muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo kimaze kuba ica kabiri kinini kuruta ibindi vyose vyabaye kw’isi.

    Ibitigiri vyashizwe ahabona ku munsi wa gatatu italiki 2 Nyakanga (9) vyerekana ko abantu 6.250 bamaze kwemezwa ko banduye, muri bo 3.039 bakaba barapfuye. Iki ni co kiza ca mbere ca Ebola kimaze kwanduza no guhitana abantu benshi muri DR Congo.

    Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko ari co kiza ca Ebola kiriko kirakwiragira ningoga kuruta ibindi vyose bimaze kubaho.

    Yagize ati: “Iki kiza ni co ca kabiri kinini kandi ni co kiriko kirakwiragira ningoga kuruta ibindi vyose twabonye.”

    Cemejwe ku mugaragaro italiki 15 ukwezi kwa gatanu, gitanguriye mu ntara ya Ituri. Ubu kimaze gushika mu turere tw’ubuvuzi 60 two mu ntara zitandatu. Ituri ni yo ifise abarwayi benshi.

    Iki kiza carengeje ico hagati ya 2018 na 2020, cari canduje abantu 3.470 kigahitana 2.287 mu minsi 694. Gikurikira ico muri Afurika y’Uburengero co hagati ya 2014 na 2016, cahitanye abantu barenga 11.000.

    OMS ivuga ko iki kiza giterwa n’ubwoko bwa Ebola bwitwa Bundibugyo, ata rukingo canke umuti vyemejwe neza biraboneka. Inkingo 70.000 za Ervebo zaratanzwe kugira zigeragezwe mu gukingira abaganga n’abandi bakozi bo kwa muganga.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. DR Congo igiye kwimurira ambasade yayo i Yeruzalemu

    Reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo yatangaje ko izokwimurira ambasade yayo muri Israel , iyikure i Tel Aviv iyishire i Yeruzalemu.

    Iryo tangazo ryasohowe inyuma y’urugendo umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yagiriye muri Israel , aho yabonanye n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu hamwe n’umukuru w’igihugu Isaac Herzog.

    Mw'itangazo ibihugu vyompi vyasohoye, vyavuze ko bizotangura ibikorwa vyo kwimura iyo ambasade vuba. Ariko nta tariki vyatanze y’igihe uwo mugambi uzoshirirwa mu ngiro.

    Tshisekedi na Netanyahu bavuze ko bipfuza gukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo. Israel na yo iriko iriga umugambi wo kwugurura ambasade i Kinshasa.

    Kwimurira ambasade i Yeruzalemu ni ingingo ikomeye mu vya dipolomasi. DR Congo izoba ibaye kimwe mu bihugu bikeya, birimwo Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bifise ambasade muri ico gisagara.

    Israel ifata Yeruzalemu yose nk’umurwa mukuru wayo. Abanyepalestina na bo bipfuza ko Yeruzalemu yo mu buseruko iba umurwa mukuru w’igihugu cabo muri kazoza.

    Ibihugu vyinshi ntivyemera ko Yeruzalemu yose itwarwa na Israel, bigashimika ko kumenya nyene Yeruzalemu bikwiye kumenyekana biciye mu biganiro hagati y’Abanya Israel n’Abanyapalestina.

    Uwo mugambi wari waratangajwe no mu 2023, ariko ntiwari bwashirwe mu ngiro.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Maduro n’umugore wiwe basaba gukurwako ibirego vy’urudandazwa rw’ibiyayuramutwe

    Nicolás Maduro, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Venezuela, n’umugore wiwe Cilia Flores, basavye sentare yo muri Amerika kubakurako ibirego vy’urudandazwa rw’ibiyayuramutwe babagiriza.

    Mu nyandiko zashikirijwe sentare nkuru ya Manhattan ku wa gatatu, abashingwamanza babo bavuze ko bafise ubudahangarwa kuko Maduro yari umukuru w’igihugu, Flores na we akaba yari umugore w’umukuru w’igihugu.

    Abashingwamanza ba Maduro bavuga ko amategeko mpuzamakungu adashobora kwemerera sentare y’igihugu kimwe kuburanisha umukuru w’ikindi gihugu. Aba Flores na bo bavuga ko ubudahangarwa bwiwe bukomoka ku bwigenge bwa Venezuela kandi ko ico gihugu ari co conyene gishobora kubumukurako.

    Maduro na Flores barahakana ivyaha bagirizwa. Abashikirizamanza ba Amerika bavuga ko Maduro na Flores bagize uruhara mu mugambi wo kwinjiza muri Amerika amatoni ibihumbi vy’ibiyayuramutwe vya kokayine, bafadikanije n’abajejwe umutekano muri Venezuela.

    Ivyo vyaha bibagiriye, bashobora guhanishwa gufungwa ubuzima bwose.

    Bompi bafungiwe i Brooklyn kuva bafatwa n’igisirikare ca Amerika mu gitero cabereye i Caracas muri Nzero(1) 2026. Amerika yise ico gitero igikorwa gikurikije amategeko, ariko Maduro avuga ko yanyurujwe .

    Umucamanza Alvin Hellerstein azokwumva impande zose italiki 17 Munyonyo (11). Urubanza nyamukuru ruteganyijwe gutangura italiki 1 Ruheshi (6) mu 2027, mu gihe ico gisabo kitokwemerwa.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. DR Congo: AFC/M23 yahinduye iradiyo ibiro vy’iperereza n’ibohero – RSF

    Ishirahamwe ryishinze gukingira umwidegemvyo w’ibimenyeshamakuru, Reporters sans frontières (RSF), rivuga ko inyubakwa z’iradio na tereviziyo Nyiragongo Musisimuke (RTNM), iri mu buraruko bwa Goma, zahinduwe ibiro vy’urwego rw’iperereza rwa AFC/M23.

    Iyo radiyo yahagaritse gusamirana muri Nzero(1) mu 2025, inyuma y’iminsi mikeyi AFC/M23 ifashe ako karere. RSF ivuga ko kuva mu ci ryo mu 2025, inyubakwa zayo zatanguye gukoreshwa n’urwego rw’iperereza rw’uwo muhari.

    Ivyegeranyo RSF ivuga ko yakuye ku bantu bane, barimwo babiri bahafungiwe, vyerekana ko zimwe mu nzu zaho zahinduwe ibibanza vyo gufungiramwo abasivile.

    Abo babiri, amazina yabo yahinduwe ku mvo z’umutekano, bavuga ko bahakubitiwe mu gihe bariko barabazwa, bagafungirwaho iminsi itari mike, imbere yo kwimurirwa ku biro vy’urwego rw’igihugu rujejwe iperereza, ANR, bizwi nka Chien Méchant.

    Camille Montagu, umumenyeshamakuru wa RSF muri Afrika yo munsi ya Sahara, yavuze ati: “AFC/M23 yararenze uwundi murongo utukura mu guhindura inyubakwa z’iradiyo ibiro vy’iperereza.”

    Icegera c’umukuru w’urwo rwego rw’iperereza yarahakanye ko abantu bahabarizwa canker ngo batoterezweho kuva atanguye kuhakorera mu mezi atatu aheze.

    Abavugizi ba AFC/M23 ntibishuye ibibazo RSF ivuga ko yababajije.

    Izindi nkuru wosoma

  7. Burundi: “Abarimyi bararanduye icayi kubera ko kigurwa make” – OTB

    Umwimbu w’icayi mu Burundi wagabanutse hafi 30% mu myaka ine iheze, nk’uko bivugwa n’ikigo OTB kijejwe igiterwa c’icayi no kugishora hanze y’igihugu.

    Umuyobozi wa OTB, Gilles Mukundwa, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko mu 2025 Uburundi bwaronse amatoni 36.000 y’icayi gusa, mu gihe mu 2021 hari habonetse amatoni arenga 51.000.

    Mukundwa avuga ko iryo gabanuka ryatewe n’ihungabana ry’isoko mpuzamakungu, ikena ry’ifumbire hamwe n’ugucika intege kw’abarimyi.

    Uburundi bushorera igice kinini c’icayi muri Oman. Ariko OTB ivuga ko ico gihugu kimaze igihe gifise ingorane ku masoko gisanzwe gishoreramwo, bituma kigabanya urugero rw’icayi kigura mu Burundi.

    Ivyo ngo vyaragabanije ubushobozi bwa OTB bwo guhemba abarimyi ku rugero bipfuza. Kuva mu 2024, abarimyi b’icayi babarirwa mu majana bahisemwo kurandura imirima yabo, bavuga ko amafaranga baronka atajanye n’iduga ry’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa.

    Mu 2025, reta yaradugije igiciro c’ikiro c’icayi kiva ku mafaranga 350 y’amarundi kigera kuri 500. Ariko abarimyi baguma bavuga ko ayo mafaranga adakwiye.

    OTB ivuga ko ikibazo c’igiciro n’ubu kiriko kirigwa gushasha, ariko ivuga ko hataragera kugira batangaze igiciro gishasha.

    OTB ivuga kandi ko harikibazo c’ifumbire yicayi kuko cahora kiyikura mu Burusiya no muri Ukraine, ibihugu uyu munsi vyugarijwe n’intambara.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.