Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Trump avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma yo guhagarika ibitero yategura

Trump yavuze ko ivyo bitero vyagomba bikorwe vyari kuba “igitero ca mbere gikomeye kuruta ibindi vyose bimaze kuba kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”, kandi ko vyari gushobora gusubiza inyuma umugambi w’amahoro.

Incamake

  • Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma y'aho ahagarikiye ivyo yavuze ko vyari kuba ibitero rurangiza kuri ico gihugu.
  • Uganda yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c'indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.
  • Muri Pakistan, igitero c'ubwiyahuzi cahitanye abantu 14 hanze y'igituro c'igipolisi mu ntara ya Khyber-Pakhtunkhwa.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Urwanda rwagiriza MONUSCO ko hari abo irungika mu Rwanda bigize aba FDLR kandi atari bo

    Reta y’Urwanda yagiriza ubutumwa bwa ONU muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo ko mu bantu buvuga ko busubiza mu Rwanda harimwo n’abasivire ata sano na rimwe bafitaniye n’imihari y’abarwanyi.

    Ni inyuma y’uko abantu 39 bari bajanywe mu Rwanda bitwa ko bahunguwe, biciye mu mugambi wa MONUSCO wo kwaka ibirwanisho, guhungura, gusubiza mu buzima busanzwe no gusubiza mu vyabo (DDRRR) abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho basubijwe muri Congo, ku wa 29 Mukakaro (7).

    Itangazo ryasohowe na Komisiyo y'u Rwanda ijejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi rivuga ko aba bantu basubijwe muri RD Congo rivuga riti:

    “Inyuma y’igikorwa c’igenzura ryimbitse cemeje ko abo bantu batujuje ibisabwa kugira bemererwe kwinjira mu mugambi w’Urwanda wo gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi, kandi inyuma yo kumenyesha abategetsi b’i Goma hamwe na MONUSCO, abo bantu basubijwe muri DRC”.

    Yishura kw’itangazo rya MONUSCO ryerekana ko abo bantu yari yarungitse mu Rwanda yari yabizeko neza kandi bakemezwa ko ari Abanyarwanda, Oliver Nduhungirehe, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe imigenderanire, yanditse ku rubuga rwa X ko “kuva mu kwezi kwa Gitugutu [10] kw’umwaka uheze, abantu 81 MONUSCO yatahukanye ibita ko ari abahoze ari abarwanyi ba FDLR, mu nyuma bikaza kugaragara ko ari abasivire b’Abanyekongo bavutse ku bavyeyi b’Abanyekongo bose, amamuko yabo ataho ahuriye n’Urwanda, kandi batigeze na rimwe baba mu mirwi yitwaje ibirwanisho”.

    Agira ati: “Mu biganiro vyakozwe n’abo bantu, 69 muri bo bavuze ko bababazwa n'uko bemeye kwigira abahoze ari abarwanyi ba FDLR kubera imfashanyo Ikigo c’i Mutobo kijejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi abahungutse”.

    Mu butumwa yarungikiye BBC, Umushikiranganji Nduhungirehe ntabona impamvu MONUSCO “batwoherereza abakongomani b'abasivire nkana, babita abarwanyi ba FDLR”.

    Asaba abajejwe igisata co kwaka ibirwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe mu butumwa bwa MONUSCO borangwa n’ubunyamwuga, ubushishozi n’ubwitonzi.

    Abajijwe ivyerekeye abandi 42 basigaye basanze atari Abanyarwanda, umushikiranganji Nduhungirehe yishuye ati: "Ibindi bizatangarizwa igihe cyabyo".

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Umwiyahuzi yiturikirijeko ikibombe cahitanye abantu 14 muri Pakistani

    Muri Pakistan, igitero c’ubwiyahuzi cahitanye abantu 14 hanze y’igituro c’igipolisi mu ntara ya Khyber-Pakhtunkhwa.

    Abategetsi bavuga ko ico gitero cabereye mu gisagara ca Kabal, kiri mu karere ka Swat Valley, aho amajana y’abanyagihugu bari bakoraniye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukwiyongera kw’ibitero vy’imirwi y’abarwanyi muri ako karere.

    Abapolisi nibura batandatu bari mu bahitanywe n’ico gitero, abantu 18 bakaba bahakomerekeye.

    Umuhari w’abarwanyi uzwi nka Tehreek-e-Taliban Pakistan (TTP), uzwi kandi kw’izina ry’Abatalibani ba Pakistani, ni wo wemanze iki gitero.

    Muri iyi myaka ya vuba, imishamirano yariyongereye muri ako karere, aho abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu ibangamiye inzego z’umutekano.

  3. Uganda yerekanye igishusho c'umuvukanyi w’umushikiranganji wa mbere wa Israel yaguye mu gitero c’ubutabazi i Entebbe

    Uganda yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c’indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.

    Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, yavuze ko ico gishusho ari ico guha icubahiro ubutwari bwa Yonatan Netanyahu n’ukwitangira abandi.

    Netanyahu ni we musirikare wenyene wa Israel yapfiriye muri ico gikorwa co gutabara abantu barenga 100 bari bafashwe bugwati, inyuma y’aho Abanyapalestina babiri n’Abadagi babiri banyururije indege ya Air France yari ivuye i Tel Aviv bakayitegeka kuja ku kibuga mpuzamakungu c’indege ca Uganda.

    Kainerugaba yavuze ko ico gikorwa ari “kimwe mu bikorwa bihambaye cane mu gihe ca none”, yongera avuga ko ubucuti bwa hafi cane hagati ya Uganda na Israel muri iki gihe ari “urugendo rudasanzwe”.

    Iki gishusho ca Netanyahu kimwerekana afoye inkoho, kiri hanze y’inyubakwa ya kera y’ico kibuga c’indege aho ico gitero c’ubutabazi cabereye.

    Muri ico gitero, abantu batatu bari bagizwe imbohe, ari bo Jean-Jacques Mimouni, Pasco Cohen na Ida Borochovitch, na bo nyene barahasize ubuzima. Uwundi na we, Dora Bloch, yagiye kwicirwa mu bitaro i Kampala aho yariko aravurirwa.

    Abari banyuruje iyi ndege hamwe n’abandi batatu bifatanije na bo bageze muri Uganda na bo nyene barishwe, hamwe n’abasirikare ba Uganda nibura 45, mu ntambara yabahuje n’ingabo za Israel.

    Mu kwemera ko abo basirikare ba Uganda bapfuye, Kainerugaba yagize ati: “Barwanye n’ubutwari bwinshi bazi ko bariko barwanira ukuri. Gusa uno musi turazi ko ubutegetsi bwa Idi Amin bakorera bwari ubutegetsi bw’agahotoro kandi butaserukira abanyagihugu ba Uganda”.

    Iyo ndege yari igiye i Paris yari yahagurutse i Tel Aviv muri Israel ku wa 27 Ruheshi (6) 1976, maze ihagarara i Athens mu Bugiriki, aho abayinyuruje - bo mu muhari Popular Front for the Liberation of Palestine (PFLP) - buririye.

    Baciye bigarurira iyo ndege maze bayitegeka kuja muri Libya, aho yabanje kunywera igitoro. Inyuma y’aho, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A300 yafashe urugendo rwayishikanye muri Uganda, aho Perezida Idi Amin yayakiriye igeze ku kibuga c’indege.

    Abari banyuruje iyi ndege basaba imiriyoni 5 z’amadolari y’Abanyamerika hamwe n’ukurekurwa kw’abanywanyi b’uno muhari 53 bari bapfungiwe muri Israel, mu Bufaransa, mu Budagi, mu Busuwisi no muri Kenya, kugira barekure izo ngenzi bari bafashe bugwati. Bamwe muri zo bararekuwe ku wa 30 Ruheshi no ku wa 1 Mukakaro (7), ariko Abanya-Israel hamwe n’Abayahudi ntibarekuwe.

    Ku wa 3 Mukakaro, abacommando badasanzwe ba Israel bavuye muri Israel baca muri Kenya hanyuma bashika i Entebbe maze batangura ico gitero co gutabara, camaze iminota itarenga 90.

    Ico gikorwa carahimbajwe cane muri Israel, ariko cabaye akamaramaza gakomeye kuri Idi Amin.

    Haraciye imyaka cumi, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel Benjamin Netanyahu agendeye Entebbe, aho yavuze ati: “Narigiye kuri mwenewacu ko kugira utsinde abakora iterabwoba bisaba ibintu bibiri: ugusobanukirwa n’ubutwari”.

    Kainerugaba yavuze ko ivyabaye ico gihe, haraciye imyaka 50, ari “igice kibabaje kuri kahise kacu”, ariko ko imigenderanire hagati ya Uganda na Israel ubu yahindutse “ubucuti bwubakiye ku kwizigiranira, ukwubahana no gufashanya”.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  4. Trump avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma yo guhagarika ibitero yategura

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma y’aho ahagarikiye ivyo yavuze ko vyari kuba ibitero rurangiza kuri ico gihugu.

    Igihe yariko yurira indege irerura umukuru w’igihugu, Air Force One, ejo ku wa Mungu, yabwiye abanyamakuru ati: “Bari bamenye uburemere bw’ico gitero kuko biboneye ukungene cariko kirategurwa. Turiko turavugana na bo biciye mu nzira y’ibiganiro. Bizotangura ejo ku muhingamo”.

    Trump yavuze ko ivyo bitero vyagomba bikorwe vyari kuba “igitero ca mbere gikomeye kuruta ibindi vyose bimaze kuba kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”, kandi ko vyari gushobora gusubiza inyuma umugambi w’amahoro.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko Irani n’incuti za Amerika mu Buseruko bwo Hagati bamusavye kubangira kuri iki gitero, kuko impande zose zari zamaze kwumvikana ku ngingo shimikiro z’amasezerano.

    Irani ntiragira ico ishikiriza ku majambo ya Trump. Trump akunze kuvuga ko intambara iriga irangire biciye mu biganiro, ariko mu nyuma impande zompi zigasubira guterana ibisasu.

    Trump ntatanga igihe ntarengwa c’amasezerano na Irani, akagira ati: “Tuzoraba uko ibintu bizogenda. Twiteguye gukora ico ari co cose aho dushakiye... Sindiko ndondera kwica abantu”.

    Trump yavuze kandi ko Umuganwa Mohammed Bin Salman wa Arabia Sawudite, hamwe n’incuti za Amerika nka Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Qatar, bamutakambiye ko atokora ivyo bitero.

    Ati: “Twari twamaze kwitegura. Igituma babinsavye ni uko bibaza ko hari amasezerano ari hafi kuboneka. Hari amasezerano ku bijanye n’Umuhora wa Hormuz, kandi hari n’ayajanye n’umugambi wa nikleyeri”.

    Nayo mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe, yanditse ati: “Amerika yari yiteguye rwose kandi ifise ubushobozi bwose bwo gufata ingingo zikomeye za gisirikare ku Republika ya Kisilamu ya Irani, ku rugero ruteye ubwoba kandi rutigeze ruboneka kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”.

    Yongeyeko ko guhagarika vyabaye ngombwa guhagarika ico gitero ku “nyungu z’isi yose no kugira ngo Irani ibandanye kubaho, itere imbere kandi iroranirwe”.

    Itororokanirizo ry’amakuru Mehr ryo muri Irani kivuga ko Tehran itigeze isaba Amerika guhagarika ibindi bitero, kivuga ko ivyo Trump yavuze ata kindi atari “ikinyoma kindi”.

    Umushikiranganji mfatakibanza wa Irani ajejwe kwivuna abansi, Majid Ibn al-Reza, yari yavuze ko Tehran ifata nka nkama amajambo ayo ari yo yose y’iterabwoba avuzwe n’abakeba, naho yoba ari amajambo gusa.

    Yongeye ati: “Ntituzokwigera duterwa tutiteguye kandi ntituzokwigera turera amaboko”.

    Gusa ejo ku wa Mungu, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, yavuze ko ibiganiro biriko bibera muri Oman ku bijanye n’Umuhora wa Hormuz “biriko biragenda neza kandi biri hafi kurangira”.

    Trump ntiyavuze aho ibi biganiro biza kubera canke abashobora kuvyitaba.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.