IKIBIRIRAHO, Trump avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma yo guhagarika ibitero yategura
Trump yavuze ko ivyo bitero vyagomba bikorwe vyari kuba “igitero ca mbere gikomeye kuruta ibindi vyose bimaze kuba kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”, kandi ko vyari gushobora gusubiza inyuma umugambi w’amahoro.
Uganda yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c'indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.
Muri Pakistan, igitero c'ubwiyahuzi cahitanye abantu 14 hanze y'igituro c'igipolisi mu ntara ya Khyber-Pakhtunkhwa.
Muri Pakistan, igitero c’ubwiyahuzi cahitanye abantu 14
hanze y’igituro c’igipolisi mu ntara ya Khyber-Pakhtunkhwa.
Abategetsi bavuga ko ico gitero cabereye mu gisagara ca Kabal,
kiri mu karere ka Swat Valley, aho amajana y’abanyagihugu bari bakoraniye mu
myiyerekano yo kwiyamiriza ukwiyongera kw’ibitero vy’imirwi y’abarwanyi muri
ako karere.
Abapolisi nibura batandatu bari mu bahitanywe n’ico gitero, abantu
18 bakaba bahakomerekeye.
Umuhari w’abarwanyi uzwi nka Tehreek-e-Taliban Pakistan
(TTP), uzwi kandi kw’izina ry’Abatalibani ba Pakistani, ni wo wemanze iki
gitero.
Muri iyi myaka ya vuba, imishamirano yariyongereye muri ako
karere, aho abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu ibangamiye inzego
z’umutekano.
Uganda yerekanye igishusho c'umuvukanyi w’umushikiranganji wa mbere wa Israel yaguye mu gitero c’ubutabazi i Entebbe
Ahavuye isanamu, GPO via Getty Images
Uganda
yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin
Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara
abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c’indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.
Umukuru w’ibiro
bikuru vy’igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, yavuze ko ico gishusho
ari ico guha icubahiro ubutwari bwa Yonatan Netanyahu n’ukwitangira abandi.
Netanyahu
ni we musirikare wenyene wa Israel yapfiriye muri ico gikorwa co gutabara
abantu barenga 100 bari bafashwe bugwati, inyuma y’aho Abanyapalestina babiri
n’Abadagi babiri banyururije indege ya Air France yari ivuye i Tel Aviv bakayitegeka kuja ku kibuga
mpuzamakungu c’indege ca Uganda.
Kainerugaba
yavuze ko ico gikorwa ari “kimwe mu bikorwa bihambaye cane mu gihe ca none”,
yongera avuga ko ubucuti bwa hafi cane hagati ya Uganda na Israel muri iki gihe
ari “urugendo rudasanzwe”.
Iki
gishusho ca Netanyahu kimwerekana afoye inkoho, kiri hanze y’inyubakwa ya kera
y’ico kibuga c’indege aho ico gitero c’ubutabazi cabereye.
Muri ico gitero,
abantu batatu bari bagizwe imbohe, ari bo Jean-Jacques Mimouni, Pasco Cohen na
Ida Borochovitch, na bo nyene barahasize ubuzima. Uwundi na we, Dora Bloch, yagiye kwicirwa mu bitaro i
Kampala aho yariko aravurirwa.
Abari
banyuruje iyi ndege hamwe n’abandi batatu bifatanije na bo bageze muri Uganda
na bo nyene barishwe, hamwe n’abasirikare ba Uganda nibura 45, mu ntambara
yabahuje n’ingabo za Israel.
Mu kwemera
ko abo basirikare ba Uganda bapfuye, Kainerugaba yagize ati: “Barwanye n’ubutwari
bwinshi bazi ko bariko barwanira ukuri. Gusa uno musi turazi ko ubutegetsi bwa
Idi Amin bakorera bwari ubutegetsi bw’agahotoro kandi butaserukira abanyagihugu
ba Uganda”.
Iyo ndege
yari igiye i Paris yari yahagurutse i Tel Aviv muri Israel ku wa 27 Ruheshi (6)
1976, maze ihagarara i Athens mu Bugiriki, aho abayinyuruje - bo mu muhari Popular
Front for the Liberation of Palestine (PFLP) - buririye.
Baciye
bigarurira iyo ndege maze bayitegeka kuja muri Libya, aho yabanje kunywera
igitoro. Inyuma y’aho, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A300 yafashe urugendo rwayishikanye
muri Uganda, aho Perezida Idi Amin yayakiriye igeze ku kibuga c’indege.
Abari banyuruje
iyi ndege basaba imiriyoni 5 z’amadolari y’Abanyamerika hamwe n’ukurekurwa
kw’abanywanyi b’uno muhari 53 bari bapfungiwe muri Israel, mu Bufaransa, mu Budagi,
mu Busuwisi no muri Kenya, kugira barekure izo ngenzi bari bafashe bugwati. Bamwe
muri zo bararekuwe ku wa 30 Ruheshi no ku wa 1 Mukakaro (7), ariko Abanya-Israel
hamwe n’Abayahudi ntibarekuwe.
Ku wa 3
Mukakaro, abacommando badasanzwe ba Israel bavuye muri Israel baca muri Kenya
hanyuma bashika i Entebbe maze batangura ico gitero co gutabara, camaze iminota
itarenga 90.
Ico gikorwa
carahimbajwe cane muri Israel, ariko cabaye akamaramaza gakomeye kuri Idi Amin.
Haraciye
imyaka cumi, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel Benjamin Netanyahu agendeye
Entebbe, aho yavuze ati: “Narigiye kuri mwenewacu ko kugira utsinde abakora iterabwoba
bisaba ibintu bibiri: ugusobanukirwa n’ubutwari”.
Kainerugaba
yavuze ko ivyabaye ico gihe, haraciye imyaka 50, ari “igice kibabaje kuri
kahise kacu”, ariko ko imigenderanire hagati ya Uganda na Israel ubu yahindutse
“ubucuti bwubakiye ku kwizigiranira, ukwubahana no gufashanya”.
Trump avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma yo guhagarika ibitero yategura
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga
ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma y’aho
ahagarikiye ivyo yavuze ko vyari kuba ibitero rurangiza kuri ico gihugu.
Igihe yariko yurira indege irerura umukuru w’igihugu, Air
Force One, ejo ku wa Mungu, yabwiye abanyamakuru ati: “Bari bamenye uburemere
bw’ico gitero kuko biboneye ukungene cariko kirategurwa. Turiko turavugana na
bo biciye mu nzira y’ibiganiro. Bizotangura ejo ku muhingamo”.
Trump yavuze ko ivyo bitero vyagomba bikorwe vyari kuba “igitero
ca mbere gikomeye kuruta ibindi vyose bimaze kuba kuva ku Ntambara ya Kabiri
y’Isi Yose”, kandi ko vyari gushobora gusubiza inyuma umugambi w’amahoro.
Mu butumwa yacishije ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko
Irani n’incuti za Amerika mu Buseruko bwo Hagati bamusavye kubangira kuri iki gitero,
kuko impande zose zari zamaze kwumvikana ku ngingo shimikiro z’amasezerano.
Irani ntiragira ico ishikiriza ku majambo ya Trump. Trump akunze
kuvuga ko intambara iriga irangire biciye mu biganiro, ariko mu nyuma impande
zompi zigasubira guterana ibisasu.
Trump ntatanga igihe ntarengwa c’amasezerano na Irani,
akagira ati: “Tuzoraba uko ibintu bizogenda. Twiteguye gukora ico ari co cose
aho dushakiye... Sindiko ndondera kwica abantu”.
Trump yavuze kandi ko Umuganwa Mohammed Bin Salman wa Arabia
Sawudite, hamwe n’incuti za Amerika nka Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Qatar,
bamutakambiye ko atokora ivyo bitero.
Ati: “Twari twamaze kwitegura. Igituma babinsavye ni uko
bibaza ko hari amasezerano ari hafi kuboneka. Hari amasezerano ku bijanye n’Umuhora
wa Hormuz, kandi hari n’ayajanye n’umugambi wa nikleyeri”.
Nayo mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe, yanditse ati: “Amerika
yari yiteguye rwose kandi ifise ubushobozi bwose bwo gufata ingingo zikomeye za
gisirikare ku Republika ya Kisilamu ya Irani, ku rugero ruteye ubwoba kandi rutigeze
ruboneka kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”.
Yongeyeko ko guhagarika vyabaye ngombwa guhagarika ico
gitero ku “nyungu z’isi yose no kugira ngo Irani ibandanye kubaho, itere imbere
kandi iroranirwe”.
Itororokanirizo ry’amakuru Mehr ryo muri Irani kivuga ko Tehran
itigeze isaba Amerika guhagarika ibindi bitero, kivuga ko ivyo Trump yavuze ata
kindi atari “ikinyoma kindi”.
Umushikiranganji mfatakibanza wa Irani ajejwe kwivuna abansi,
Majid Ibn al-Reza, yari yavuze ko Tehran ifata nka nkama amajambo ayo ari yo
yose y’iterabwoba avuzwe n’abakeba, naho yoba ari amajambo gusa.
Gusa ejo ku wa Mungu, umushikiranganji wa Irani ajejwe
imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, yavuze ko ibiganiro biriko
bibera muri Oman ku bijanye n’Umuhora wa Hormuz “biriko biragenda neza kandi
biri hafi kurangira”.
Trump ntiyavuze aho ibi biganiro biza kubera canke abashobora
kuvyitaba.