IKIBIRIRAHO, Trump agabisha ko azobomagura ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba mu gihe Irani itosubira mu biganiro

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n’ibigo vy’umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y’ibiganiro.

Incamake

  • Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n'ibigo vy'umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y'ibiganiro.
  • Espagne igiye gukina finale y'igikombe c'isi ku ncuro igira kabiri muri kahise kayo, inyuma y'uko yaraye yirahiye Ubufaransa 2-0, mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma rwa nijoro.
  • Ishirahamwe Kofi Annan Institute rigabisha ko Kenya ishobora kwisanga mu ntureka zijanye n'amatora rusangi yo mu 2027 ku rugero rwa 84,1 kw'ijana.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpungu

  1. Afrika y'Epfo mu matohoza kw'iyicwa ry'umwe mu barongoye umuhari urwanya abimukira

    Abantu ibihumbi n’ibihumbi bamaze igihe mu myiyerekano mu gihugu cose ca Afrika y’Epfo basaba ko abimukira bose badafise ivyangombwa birukanywa muri ico gihugu.

    Ahavuye isanamu, EMMANUEL CROSET / AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abantu ibihumbi n’ibihumbi bamaze igihe mu myiyerekano muri Afrika y’Epfo basaba ko abimukira bose badafise ivyangombwa birukanywa muri ico gihugu

    Abategetsi ba Afrika y’Epfo bari mu matohoza kw’iyicwa ry’umwe mu barongoye urugamba rwo kurwanya abimukira ryabaye mu ntango z’uku kwezi.

    Andile Mvuyiselwa Somgaxa yarasiwe hanze y’inzu yiwe ku wa 4 Mukakaro (7) akaba yahavuye ahitanwa n’ibikomere inyuma y’imisi itanu.

    Mw’itangazo caraye gisohoye, igipolisi ca Afrika y’Epfo kivuga kocashinze umurwi w’abahinga mu vy’umutekano kugira ngo ukore amatohoza ku rupfu rwa Andile Mvuyiselwa Somgaxa.

    Somgaxa yari arongoye umuhari March and Marchmu ntara ya Gauteng umurwi urwanya abimukira umaze amezi atari make utegura imyiyerekano mu gihugu cose.

    Abagize uwo murwi bariyemeje kwama bakora iyi myiyerekano buri ndwi gushika bashitse ku ntego yabo.

    Basaba reta kwongereza inguvu kugira ngo ibuze abimukira badafise ivyangombwa kwinjira mu gihugu bavuye mu bindi bihugu vyo mu karere.

    Hagati aho, abategetsi bariyamirije abo bose batera ubwoba canke bahohotera abanyamahanga baba muri Afrika y’Epfo.

    Ejo ku wa kabiri, bamwe mu bagize uwo murwi barafashwe n’igipolisi bagirizwa kwigira abakozi bajejwe abinjira n’abasohoka, bategeka abanyamahanga kuva muri ico gihugu.

    Icuka kibi gishingiye ku kibazo c’abimukira muri Afrika y’Epfo kigenda ciyongera, aho bamwe mu banya-Afrika y’Epfo bagiriza abimukira badafise ivyangombwa ko babatwara ubuzi bigatuma ubushomeri n’ubugizi bwa nabi vyiyongera.

  2. Icegeranyo cerekana ko amatora ya Kenya y’umwaka uza wa 2027 ashobora kurangwa n’intureka

    Umuporisi yiruka ku bari mu myiyerekano

    Ahavuye isanamu, CARL DE SOUZA/AFP/Getty Images

    Kenya irashobora kwisanga mu ntureka zijanye n’amatora rusangi yo mu 2027 ku rugero rwa 84,1 kw’ijana, nk'uko biri mu cegeranyo gishasha y’Ishirahamwe Kofi Annan institute.

    Iki cegeranyo gisigura ko uru rugero ari umwihwezo w’ibishobora gushika, ariko ko kidasigura ko bitegerezwa gushika. Ni co gituma iryo shirahamwe ritera akamo, reta, abategetsi ba poritike, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abanyagihugu gufata ingingo hakiri kare kugira ngo bongereze inguvu mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro no kuzibira intureka imbere y’uko zaduka.

    "Ibi biharuro ni umwihwezo ku bishobora kuba, si icemezo c’ibizoba. Bikwiye kuba akamo ko gufata ingingo kare kugira ngo utwigoro tw’amahoro dutsimbatazwe maze intureka zikingwe zitaraduka”.

    Nk'uko iri shirahamwe ribivuga, amatora ashobora kuba akaryo ko gukomeza intwaro rusangi, ariko kandi ashobora gutuma indyane za poritike ziyongera mu gihe hokwaduka ugucanamwo hagati y’abanyaporitike, inzego zijegajega canke mu gihe abanyagihugu botakaza icizere mu nteguro z’ayo matora.

    Iki cegeranyo kivuga kandi ko Ikigereranyo c’Ingaruka z’Amatora (Election Risk Index) gikoresha ibimenyetso bishingiye kuri poritike, ku mibano, ku butunzi n’iuburongozi mu kwihweza uko ibintu vyifashe imbere y’amatora no kuburira hakiri kare abafata ingingo, abajejwe amatora n’abandi bose babifisemwo uruhara.

    Ayandi makuru:

  3. Igikombe c’isi: Espagne yaraye isezereye Ubufaransa inyuma y’urukino rwo ku rwego rwo hejuru yerekanye

    Mbappe na bagenziwe

    Ahavuye isanamu, EPA

    Espagne igiye gukina finale y’igikombe c’isi ku ncuro igira kabiri muri kahise kayo, inyuma y’uko yaraye yirahiye Ubufaransa 2-0, mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma rwa nijoro.

    Rwari urukino abatari bake bari biteze kuraba ingene bigenda hagati y’abasatirizi babiri ba La Liga, ihiganwa rya Espagne, Lamine Yamal wa Barcelona, hamwe na Kylian Mbappe wa Real Madrid.

    Mu nkino zose bwagiye bukina kuva iri higanwa ritanguye, Ubufaransa bwagiye bwerekana ko bukomeye cane kuko bwagiye butsinda inkino zose. Ariko mu rukino rwa nijoro, Espagne yabweretse ubudasa, kandi vyaragaragaye ko bwarushijwe.

    Mu gihe Ubufaransa bwari bwiteze gukina finale y’igikombe c’isi ku ncuro ya gatatu bwikurikiranya, ikosa rya Lucas Digne ku musatirizi Lamine Yamal ryavuyemwo penalty yahaye Espagne igitsindo ca mbere itewe na Mikel Oyarzabal ku munota wa 22, maze ica ironka inguvu zidasanzwe zo gufata urukino mu minwe.

    Igihe cose Abafaransa bagira ngo bagomba bivyukiranye kugira ngo basatire, abakinyi ba Luis de la Fuente baba bahagaze neza kandi batajugumira. Igitsindo ca kabiri ca Espagne cinjijwe na Pedro Porro ku munota wa 58 caje kurangiza ibizigizigi vyose vy’Abafaransa.

    Ubu Didier Deschamps n’abakinyi biwe ba “Les Bleus” basigaranye amahirwe yo kuzokinira ikibanza ca gatatu ku wa gatandatu, aho bazohura n’uwuza gutsindwa mu rundi rukino rw'igice ca kabiri nyene gishira ica nyuma rutegekanijwe kuri uno wa gatatu hagati y’Ubwongereza na Argentine, iki gihugu co muri Amerika y’ubumanuko kikaba kiriko kirondera gutsindira iri higanwa ubugira kabiri cikurikiranya.

    Ayandi makuru:

  4. Trump agabisha ko azobomagura ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba mu gihe Irani itosubira mu biganiro

    Ubwato bw'intamnbara bwa Amerika

    Ahavuye isanamu, @CENTCOM/X

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agabisha ko mu ndwi iza azocucagira ibibombe ku biraro hamwe n’ibigo vy’umuyagankuba vya Irani ari nka hamwe itosubira ku meza y’ibiganiro.

    Yavuze aya majambo mu kiganiro n’imboneshakure Fox News, mu gihe Amerika na Irani bimaze imisi ine birasana ubudasiba.

    Yagize ati: "Indwi iza ibintu bizobabera bibi cane. Tuzobomagura ibigo vyabo vyose vy’umuyagankuba. Tuzobomora ibiraro vyabo vyose nimba bataje ku meza y’ibiganiro".

    Yarigeze kuvuga aya majambo yatewe ivyatsi n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

    Inyuma y’uko Trump yari yagabishije muri Ndamukiza (4) ko azotera ibikorwa remezo vya gisivire muri Irani, harimwo ibiraro n’ibigo vy’umuyagankuba, umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Volker Türk, yavuze ati: "Mu mategeko mpuzamakungu, gutera nkana abasivire n’ ibikorwa remezo vyabo bifatwa nk’icaha c’intambara".

    Muri ico kiganiro citwa “Special Report with Bret Baier” gicishwa kuri iyo mboneshakure ku wa kabiri mw’ijoro, Trump yongeye kuvuga ati: "Nzoba ndihojeje gatoya ibigo ntanganguvu, ariko impera n’imperuka tuzotera ibigo ntanganguvu".

    Avuga kandi ko intumwa za Amerika zamenyesheje abo ku ruhande rwa Irani ku mugoroba wo ku wa kabiri ziti: "Vyiza mwokwemera amasezerano, ahandi ho nta na kimwe muzosigarana".

    Yavuze aya majambo imbere y’uko ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, igisirikare ca Amerika gitangura ibindi bitero no gusubira kuzibira amato yinjira canke asohoka ava ku bivuko vya Irani.

    Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kabiri, ubuyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) bwatangaje ko ingabo zabwo “zatanguye ikindi gice c’ibitero kuri Irani kugira ngo zirushirize kugabanya ubushobozi bwa Irani bwo gutera amato y’ubudandaji aca mu Muhora wa Hormuz".

    Iti: “Ubu amato y’intambara arenga 20 y’ingabo za Amerika zirwanira mu mazi hamwe n’amajana y’indege za gisirikare biri mu bikorwa mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati".

    Mu rindi tangazo ryasohowe ku wa kabiri mw’ijoro, Admiral Brad Cooper wa Amerika yavuze ko Irani "yarashe abasivire n’ibigira nkana" mu gutera amato ndwi y’ubudandaji muri ako karere, ivyo bikaba vyatumye hafi abantu cumi na babiri bari mu mato bapfa, babura canke bakomereka.

    Mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatatu, igisirikare ca Koweti catangaje ko kiriko kiratangira indege z’intambara za Irani zitajamwo abadereva (drone), mu gihe Bahreïn nayo yuguruye inzamba zo kugabisha ku bitero vyo mu kirere.

    Igisirikare ca Koweti cavuze giti: "Ubwirinzi bwo mu kirere bwa Koweti buri kurwanya ibitero vya drones vy’abansi bikomoka ku gitero c’ubugome ca Irani."

    Ubushikiranganji bwa Bahreïn bujejwe intwaro yo hagati bwasavye abanyagihugu n’ababa muri ico gihugu kuguma batekanye no kwihutira kuja mu bibanza bitekanye.

    Ibi bitero vya Amerika vyaje bikurikira urundi rukurikirane rw’ibitero vy’ijoro vya Amerika ku musi ugira gatatu vyikurikiranya.

    Umusi umwe imbere y’aho, Perezida Trump yari yatangaje ko ingingo yo kuzibira amato yinjira canke ava muri Irani yasubijweho mbere aca atangaza n’ikori rya 20% ku mato kugira ngo ashobore gukingira umutekano w’Umuhora wa Hormuz, imbere y’uko yisubirako agahagarika iryo kori inyuma y’amasaha 24. Mu kwishura, Irani yarashe amato abiri atwara ibitoro ya Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE). Abu Dhabi (ubutegetsi bwa UAE) yatangaje ko umuntu umwe yahasize ubuzima.

    Irani nayo yaciye yihora mu gutera amato abiri yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Uku kurasana kwasubiye kwaduka hagati ya Amerika na Irani kwatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane, kubera ko uruja n’uruza rw’amato atwara ibitoro aca mu Muhora wa Hormuz rwahagaze hafi rwose.

    Ayandi makuru kuri iyi ntambara:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.